Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubwenge bw’umukenyezi bwubaka urugo, ubukerebutsi bukarukomeza

DSC03349Ku magenekerezo ya 24 na 25 Ntwarante 2017 umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza yaragendeye abanyagihugu bo muri komine Isare mu ntara ya Bujumbura aho yatanze inyigisho ku mirwi   itandukanye y’abanyagihugu baho . Akaba yahereye ku bakenyezi b’indongozi aho yaberetse akamaro k’umukenyezi mu rugo no mu gihugu. Ngo umukenyezi ni inkingi y’urugo, iyo inkingi ikomeye n’inzu iraheza igakomera. Muri izo nyigisho Denise Nkurunziza yashaka ko yibukanya n’abo bakenyezi ico Imana yabagize n’ico bashoboye mu buzima bwabo kuko hari vyinshi vyononekara iyo umukenyezi atifashe uko ategerezwa. Mu bisanzwe ngo umukenyezi Imana yamuhaye ingabirano yo kuba umufasha haba mu muryango canke mu kazi, rero ngo ni bamenye ko iyo umuntu aguhamagaye ngo umufashe ni uko haba hariho ico atishoboje.Abo bakenyezi b’indongozi yabahamagariye kuba indongozi zibikwiriye kugira amahoro bisasagare mu miryango no mu gihugu cose, igihugu kibemwo amahoro. Kugira ivyo vyose bishoboke abakenyezi barakeneye ubwenge kugira batunganye imirimo yabo neza ariko ubwenge nyabwo ni ubwo kwubaha Imana umuntu   akitandukanya n’icaha. Yarashimikiye ku caha c’ubusambanyi   n’ububeshi kigeramiye ingo nyinshi muri kino gihe. Yababwiye ko umukenyezi yiyubaha atarenga ibigo kuko bisambura urugo rwiwe n’urwa mugenziwe kandi aba ariko yigisha abana biwe ,abababanyi eka n’abo atwara kuko ngo wiba uhetse ukaba wigishije uwuri mu mugongo. Umukenyezi w’ubwenge akwiye kubumbwa n’utwo afise, ntarya ideni ngo ariherane,ntaraguza yirinda akarenganyo,ntaborerwa,amenya intege nke z’umugabo wiwe akamushigikira, ntagenda aravuga ivy’urugo. Ngo umukenyezi w’umunyabwenge umutima w’umugabo uramwizigira. Mu nyigisho yahaye urwaruka yabahamagariye kwanka kubaho nk’imburabwenge kuko yemera amajambo yose akajana nyabahururu ariko uw’ubwenge we yama agavye. Nabo nyene yarabigishije ku bijanye n’icaha c’ubusambanyi n’uguta ubusugi kw’abigeme kuko ngo ni ingabire y’agaciro Imana yabahaye ngo ni amaraso y’isezerano k’uwo bazubakana aca abahanura kwirinda kwiyandagaza bagire abagenzi beza.Yaranabibukije ko indwara ari nyinshi zifatira mu bihimba vy’irondoka haba ku bahungu canke ku bigeme.

Ibitaro vyo mu Rushubi vyararonkejwe mfashanyo

Umutabukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza yaragendeye ibitaro vyo mu Rushubi, muri komine Isare, intara ya Bujumbura aho yari yabashiriye imfashanyo y’amakarato 101 y’amata hamwe n’amakinga 7yo kwunguruza abarwariye mu bitaro . Ayo makarato yaronkejwe abagendana umugera wa sida n’abarwariye muri ivyo bitaro. Muganga arongoye ibitaro vyo mu Rushubi, Claude Nijimbere yamenyesheje umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ko bafise ibikoresho bidakwiye hamwe n’amabarabara atameze neza ivyo bigatuma ruseha baniha itoroherwa gushikira abayikeneye kubera ikorera mu misozi ihanamye yo mu makomine ya Isare, Mubimbi na Mutimbuzi. Denise Nkurunziza akaba yarakengurukiye abakora kuri ivyo bitaro, abasaba kuguma bitaho abarwayi. Mu ntumbero yo gukengurukira umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza ku vyiza amaze iminsi arangurira muri iyo intara, abanyagihugu bakaba bamugabiye inyana y’ishashi yitwa yarukundo hamwe n’utuganuke dutandukanye. Ako kaganuke yagashikirijwe na buramatari w’intara ya Bujumbura, Nadine Gacuti. Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yarongeye aratanga inyigisho ku bubakanye muri komine Isare, akaba yashimikiye kw’ijambo ry’ubwizigirwa n’ubugororotsi. Denise NKURUNZIZA yasavye abarongozi n’imiryango kuba abizigirwa kuko babaye gutyo n’igihugu cotunga kigatunganirwa. Ngo abizigirwa ni abagabo n’abakenyezi b’agaciro kuko bisuzuma iminsi yose bakirinda gutsitaza abantu bagakora ibihimbara Imana. Yaciye ahamagarira abitavye izo nyigisho kuba abizigirwa kuko umwizigirwa yama akora kugira anezereze benshi ataravye inyungu ziwe. Denise Nkurunziza yarasavye abarongozi kutiyorobeka ngo kuko umurongozi atagira ubwizigirwa ntaho aba ataniye n’imva yo yama yakaka inyuma ariko imbere yuzuye amagufa. Ngo abizigirwa bagumije ibanga mu bihe bitoroshe Imana irabazigama ikabakorera ibitangaza ; nabo iherezo ryabo ryama ari ryiza. Yamenyesheje kandi ko ivyo vyose kugira bishoboke bokwama basenga Imana iminsi yose bakayisaba inkomezi z’ukuba abizigirwa ibihe vyose. Yaciye atumira abanyagihugu kuba abizigirwa mu bikorwa vyo guteza imbere intara yabo.

Thérèse Niyonkuru

Josélyne Ndayegamiye                                                      

Ouvrir