Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka : Integuro z’amategeko akuraho amatagisi ku bifungurwa biva hanze mu kiringo c’amezi atatu zaremejwe

DSC04356Abashingamateka baremeje integuro y’ibwirizwa risubiramwo amabwirizwa agenga amatagisi atangishwa ku mbibe z’igihugu mu karere kagize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (ibwirizwa inomero 1/10 ryo ku wa 30 Ruheshi 2009) ; amatagisi nyongeragaciro (Ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 29 Mukakaro 2013) n’ibwirizwa rishiraho amafaranga atozwa ku bikorwa abo mu ntwaro batunganiriza abenegihugu (Ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 26 Rusama 2006). Izo nteguro zemejwe n’abashingatmateka bose bari bitavye ibikorwa vy’inama ya bose yo ku wa 29 Ntwarante 2017. Imbere yo kwemeza izo nteguro umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda amaze guha ikaze abashingamateka bari bitavye iyo nama n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yaciye asaba uwo mushikiranganji gushikiriza imvo n’imvano y’itegurwa y’izo nteguro z’amategeko. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo yashikirije ko Reta yitwararitse cane ibijanye n’ihindagurika ry’ibiciro vy’ibifungurwa.   Ngo kubera ivyo biciro biguma biduga, ngo Reta yafashe ingingo yo gukura amatagisi ku bifungurwa biza bivuye hanze y’igihugu kugira ngo umwenegihugu aronke akoyoko. Nk’uko Domitien Ndihokubwayo yabishikirije muri iyo mvo n’imvano ngo iyo ngingo izotuma ivyo bifungurwa vyongereza ku mwimbu w’igihugu kugira ngo abarundi baronke ivyo bafungura badatamye cane. Ngo nk’uko vyagenze mu mwaka w’2012 ngo izo nteguro zafatiye ku matagisi atangishwa ku mbibe z’igihugu, amatagisi nyongeragaciro n’amatagisi atangishwa mu ntwaro. Nk’uko Domitien Ndihokubwayo yashishikaye abishikiriza ngo kugira ngo ntihagire abikika mu kiza mu kwiba igihugu ngo hazotegurwa urutonde rw’imfungurwa zizoba zidatangishwa ayo matagisi. Ngo ayo;tegeko ashirwa mu ngiro   rero Inama Nshingamateka na Nkegnuzamateka ziyemeje. Mbere yaciye asaba ko abashingamateka boyemeza. Mu nyuma umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yaciye asaba umurwi wamaho wakoreye kuri izo nteguro gushikiriza icegeranyo cawo. Ndikumana Pierre Claver, icegera c’uwurongoye uwo murwi niwe yashikirije ivyakozwe n’uwo murwi. Uwo murwi rero washikirije impungenge y’uko ikiringo c’amezi atatu cafashwe cerekeye izo nteguro ari gito cane kubera ibirere umuntu atazi igihe bizokwisubirako umwimbu ukaboneka ari mwinshi. Aha umushikiranganji yishuye ko mu gihe vyoboneka ko ico gihe kibaye gito ngo hazoca hafatwa izindi ngingo. Ngo ico kiringo kirashobora kuzoshirwa nko ku mezi atandatu. Eka mbere umushikranganji yarerekanye n’ingaruka iyo ngingo izogira ku mafaranga Reta ikoresha. Uwundi mwitwarariko w’abashingamateka ni uko ngo muri ka hise iyo Reta ifashe ingingo bene izo wasanga abacuruza ari bo baronka akarusho kurusha abaguzi. Ngo none hazokorwa iki ubu kugira ngo umuguzi abone vy’ukuri ko izo ngingo zimugiriye akamaro. Aha umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo   yamenyesheje ko hasanzwe hariho umurwi washizweho mu mwaka w’2012 wari ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo nk’izo zari zafashwe ico gihe. Ngo niyaba ngomba uwo murwi uzoshobora kwongera guhabwa ico gikorwa. Abashingamateka rero barahawe ijambo kugira ico bashikirije kuri izo nteguro. Bamaze kuzica hirya no hino baciye bose bazemeza.

Nathan Ntahondi

Ouvrir