Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amazi y’ikiyaga Tanganyika agiye kuza arapimwa hamenyekane urugero rw’ubucafu buyarimwo

DSC 0438Ibigo bijewe gukingira ibidukikije vyo mu bihugu bine (Uburundi, Tanzaniya, zambiya na Repuburika iharanira demokarasi ya Kongos) bisangiye ikiyaga Tanganyika bizoronswa ibikoresho vyo gupima amazi y’ikiyaga, gutyo hamenyekane urugero ayo mazi yatosekaye. Ivyo bigo ni OBPE kijejwe gukingira ibidukikije mu Burundi hamwe n’ibigo vya Uvira, Kigoma na Mpulungu mu gihugu ca Zambiya. Ivyo rero ni bimwe mu bigize umugambi uzorangurirwa mu bihugu bine bisangiye ikiyaga Tanganyika uzofatwa mu mugongo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya UE ku rugero rw’imiriyoni 6 z’amafaranga y’amanyaburaya. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi nshingwabikorwa ajejwe gukingira ikiyaga Tanganyika, Jean Marie Nibirantije, ku wa 29 Ntwarante 2017, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko umuyobozi nshingwabikorwa ajejwe gukingira ikiyaga Tanganyika, Jean Marie Nibirantije yabandanije abishikiriza, ngo uwo mugambi uzoba uje gukinga ibintu vyose bihumanya ikiyaga Tanganyika. Iyo micafu igihumanya ngo si imicafu ivuye mu mahinguriro gusa, ngo hariho n’amazi mabi ava mu mihana iri mu bisagara vyo ku nkengera z’ikiyaga, umwavu w’ikizungu uba wakoreshejwe mu ndimiro ku mitumba ihanamiye ico kiyaga hamwe n’ubucafu bwo kwa muganga iyo butunganijwe nabi. Uwo mugambi rero ngo uje gufasha kugira ushobore gutorera inyishu ibibazo vyo kumenya urugero ikiyaga kiba cahumanyeko.Vyongeye, ngo nico gituma muri uwo mugambi bazoronsa uburyo n’ibikoresho ikigo nka OBPE mu Burundi hamwe n’ibigo vya Uvira, Kigoma na Mpulungu kugira bize birapima uko amazi yifashe, ivyo rero ngo bizofasha kugira hamenyekane urugero amazi y’ikiyaga yononekayeko. Muri uwo mugambi nyene, ngo hazoba gutanga inyigisho muri ivyo bihugu bine bisangiye ico kiyaga kugira abanyagihugu bavyo bamenye uko nabo bofasha kugira ico kiyaga gikingirwe. Mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa, ngo hazobaho n’uburyo bwo guhanahana amakuru yikwije kandi mu buryo bwa none. Mu gice ca kabiri c’uwo mugambi, ngo hakazoba ukwigisha abanyagihugu ibijanye no gukingira ibidukikije, mu ntara no mu makomine ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Ku bijanye n’izo nyigisho, ngo ku rwego rw’ibihugu bine bisangiye ico kiyaga, ngo bazotunganya inyigisho babifashijwemwo n’abahinga, ivyigwa bizoba vyateguwe n’abo bahinga nivyo bizotangwa muri ivyo bihugu bine. Mu ntumbero yo kwumva kumwe amategeko yo gukingira ico kiyaga, ngo bazobandanya gutegura amategeko, bayashire ku rugero rumwe, gutyo babikore kumwe na cane cane mu burovyi na cane cane ibikoresho hamwe n’urugero bashobora kuvuga ko amazi y’ikiyaga yononekaye. Ivyo rero ngo bizofasha kugira ibintu bashobore kubibona kumwe.

Imicafu yo kwa muganga iri mu yibangamiye ikiyaga Tanganyika

Muri uwo mugambi nyene, bazotunganya ibikorwa nyezina vyo kugabanya ubuhumane bw’amazi y’ikiyaga. Mu ntumbero yo gutuza imicafu yo kwa muganga ishobora gucafuza ikiyaga biturutse ku nkukura canke bigaturirwa nabi, ngo bazofasha kugura ibikoresho bigezweho vyo guturira iyo micafu « incinérateurs modernes » mu mavuriro ari mu karere k’ikiyaga Tanganyika kuva mu Gatumba gushika i Nyanza - lac. Iyo micafu yo kwa muganga ngo idatunganijwe neza, ngo itwawe n’inkukura canke ikanyengetera mu kuzimu iyo yaturiwe nabi ishobora kubangamira amagara y’abantu. Ivyo bikoresho ngo biri ku rutonde rw’ibizogurwa hamwe uburyo basavye vyoba bihuye. Mu gisata nyene c’amagara y’abantu, mu bihugu bine bisangiye ico kiyaga, ngo hazotunganywa inyigisho ku bahinga bato bato bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira bafashe mu bijanye n’isuku. Vyongeye, ngo hazogurwa n’ibimodokari vyo gutwara imicafu yo kwa muganga kugira bayishikane aho ishobora guturirwa itagiye irasanzara mw’ibarabara. Mu mashure ari mu karere k’ikiyaga Tanganyika, ngo bazoronswa ibisandugu aho bashobora kwegeraniriza imicafu baba bakubuye mu masomero atandukanye. Bisubiye, ngo mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe SETEMU mu gikorwa co gusukura igisagara, bazoronsa iryo shirahamwe amapompe afasha kuduza amazi acafuye kugira ajanwe muri ca kibanza co kuyungurura amazi acafuye co ku Buterere, n’aho na Reta yemeye kugura mwene ivyo bikoresho. Ivyo ngo bakazoshobora kuzovyikorako hagize imwe murizo ipfa. Mu gisagara ca Bujumbura gisanzwe kiri ku kiyaga Tanganyika, ngo bazorondera amapompe afasha gusukura imiserege itwara amazi y’imvura kugira bayikuremwo urwondo, amazi nayo abandanye. Ku bajejwe intwaro ku rwego rw’amakomine, ngo bazotanga inyigisho ku batowe mu makomine ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika kugira bamenye akamaro ko kugira isuku ry’ikiyaga Tanganyika. Izo nyigisho ngo zizotangwa mu bihugu bine bisangiye ico kiyaga kubera ko igihugu kimwe gisutseyo imicafu, n’ibindi bihugu birashikirwa. Mu bisagara vya Kigoma, Mpulungu na Uvira, ngo hazoba ivyigwa vy’ukuntu botunganya neza amazi acafuye kugira uburyo busubiriye kuboneka bishirwe mu ngiro.

Déo Misigaro

 

Ouvrir