Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi n’Ububirigi ngo vyiteguriye kunagura imigenderanire yavyo

cffddKw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 2017 umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yarakiriye mu biro iwe intumwa idasanzwe y’igihugu c’Ububirigi mu karere k’ibiyaga binini Renier Nijsken n’abari bamuherekeje. Bakaba rero baravuganye ibitari bike bahereye ku bijanye n’imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu c’Ububirigi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’Inama Nshingamateka, Alexis Badian Ndayihimbaze inyuma y’uwo mubonano. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo Umukuru w’Inama Nshingamateka yamenyesheje ko ahimbawe no kubakira na cane cane ko yaheruka kubonana n’intumwa z’Ububirigi kera yongera abamenyesha ko biteguriye kubakira kandi batigeze bazibira imiryango ati ahubwo nibo bugaye imiryango. Izo ntumwa rero ngo zarashatse kumenya cane cane ibikorwa vy’Inama Nshingamateka aho bigeze, umukuru w’Inama Nshingamateka akaba ngo yababwiye ko hariho amategeko aya n’ariya ari ku rutonde mu bikorwa bigezweho muri kino gihe hanyuma ngo bakaba baravuganye ku bijanye n’ugufashanya kwari kumaze igihe gusa n’uko gucumbagira, intumwa idasanzwe y’igihugu c’Ububirigi mu karere k’ibiyaga binini Ambassadeur Renier Nijsken ngo akaba yamenyesheje ko igihugug ciwe cabonye ko hari ibintu bitagenze neza ku mpande zose (Uburundi n’Ububirigi), ati ariko rero bazanywe no gutera intambwe nshasha . Ngo yaciye kandi abaza aho bofasha umuntu arabiye aho ibikorwa bigeze. Iyo ntumwa idasanzwe ngo yaravuze ko hariho itegeko Inama Nshingamateka yatoye rigenga amashirahamwe mpuzamakungu ngo ririmwo ingingo zimwe zimwe zisa n’iziteye amakenga, umukuru w’Inama Nshingamateka ngo akaba yamumenyesheje ko ico kitoba ikibazo kirekire cotuma haba ukudafashanya canke ngo gitosekaze imigenderanire ahubwo ngo ayo mashirahamwe abonye intambamyi muri iryo tegeko zotuma ibikorwa vyayo bitagenda neza ngo yoheza akegera   umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’uwujejwe imigenderanire n’ugufashanya bakabivugana mu   nama. Utunenge twibonekeje natwo ngo bagaheza bakadushikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka kugirango bashobore kudutosora , izo ngingo zihinyanyurwe ibikorwa bishishikare kugenda neza impande zose zumve zitekaniwe. Ikindi kibazo bashitseko ngo ni amakenga boba bafise ku bijanye n’uguhindura Ibwirizwa Shingiro. Umukuru w’Inama Nshingamateka ngo akaba yabamenyesheje ko ivyo biraba abarundi kandi ari uburenganzira bwabo narirya Uburundi ari igihugu cigenga kandi cikukiye. Ni ukuvuga ko iyo rihejeje guhinyanyurwa baheza bagasaba umunyagihugu uwariwe wese akavuga ko aryemeye canke aryanse.

Christine Manirambona

Ouvrir