Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuntu wese afise itongo mu gisagara ahamagariwe gutanga ikori ry’agataka

IMG045Kuva mu mwaka w’ 2016 harashizweho itegeko rishasha rigenga ikori ry’agataka. Muri iryo tegeko rishasha, umuntu wese afise itongo mu gisagara ategerezwa gutanga ikori ry’agataka kiretse inyubako za Reta, amashure n’amasengero kiretse iyo afise ikibanza bacisha amafaranga. Uwurongoye igisata kijejwe amafaranga igisagara ca Bujumbura gikoresha, Ferdinand Ntunga yamenyesheje ko umuntu wese afise itongo mu gisagara ategerezwa kurimenyesha akagirako akariha ikori ry’agataka uwo munsi nyene. Yabandanije amenyesha ko imenyekanishwa n’irihwa ritegerezwa kuba ryabaye imbere y’itariki 31 Ntwarante uko umwaka utashe. Ngo iyo umuntu arengeje ico kiringo, aratanga ihadabu ringana n’ibice cumi kw’ijana ( 10%) bakaza barongerako 1% uko ukwezi guheze. Ngo iyo umutangakori yabeshe aracibwa ihadabu ringana n’ibice ijana kw’ijana (100%), hari naho ashobora no gufungwa bivanye n’urugero rw’icaha. Muri iki gihe mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura haraboneka umurongo muremure w’abantu baje kumenyesha amatongo yabo kugira bashobore kuriha ikori ry’agataka. Abo banyagihugu biboneka ko barushe, usanga bashobora kuhamara umunsi wose batarashobora gutunganirizwa kubera abantu ari benshi nayo abakozi bategekanijwe kugira baharure amakori umuntu atanga atari benshi. Kubera ubwo bwinshi bw’abantu, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye yarasohoye itegeko nshikiranganji n°530/548 ryo ku wa 28 Ntwarante 2017ryashikirijwe uwo munsi nyene n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Fredy Mbonimpa ryongera abanyagisagara ca Bujumbura ikiringo c’ukwezi c’ukumenyekanisha n’ukuriha ikori ry’agataka.

Aline Kanyana

Ouvrir