Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Haherutse gushirwaho ho urupapuro ndangamunyeshure ruzomuherekeza mu myaka yose y’amashure yisumbuye

DSC03598Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe inyigisho z’amashure yisumbuye, aya kaminuza n’ubushakashatsi, Juma Edouard yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku wa 28 Ntwarante 2017 i Bujumbura kugira ngo amenyeshe abavyeyi n’abanyeshure ndetse n’abanyagihugu bose ko ubwo bushikiranganji bwashizeho urupapuro ndangamunyeshure ruzomuherekeza kuva atanguye umwaka w’indwi w’ishure nshingiro gushika aheze amashure yisumbuye. Ngo ni urupapuro ruzotangwa rumatanye na rumwe ishure ritanga umwaka uheze rwerekana amanota umunyeshure yaronse (bulletin). Urwo rupapuro rero ngo ruzoba ruriko amakuru yose akenewe ku munyeshure haba umwidondoro wiwe wose, amanota yagiye araronka n’amashure yizeko yose hatibagiwe ingingo abarongoye amashure bagiye bamufatira. Abarongoye amashure baragabishwa kutazorihisha urwo rupapuro kuko ruzotangwa ku buntu nk’uko biri ku rupapuro rwerekana amanota y’umunyeshure. Juma Edouard yaramenyesheje ko ata muyobozi n’umwe w’ishure azoba arekuriwe kwakira umunyeshure mushasha adafise urwo rupapuro ndangamunyeshure kuva mu ntango z’umwaka utaha w’ishure w’2017 ushira uw’2018. Ngo ku bazoba bahejeje umwaka w’icenda w’ishure nshingiro, igishasha mu mwidondoro w’umunyeshure ni uko kuri urwo rupapuro habwirizwa kwandikwako inomero yahawe mu gukora ca kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’amashure yisumbuye. Urwo rupapuro ngo ruzoherekeza umunyeshure aho azoja kwiga hose, ivyo ngo bikazofasha mu kuvavanura na bimwe wasanga umunyeshure ashobora kubandanya amashure gushika aheze, agakora n’ikibazo ca Reta mbere akanagitora adafise ibikenewe vyose vyerekana ko yize neza amashure yose yisumbuye. Wasanga ngo ubushikiranganji bushobora kwima urupapuro rw’umutsindo umunyeshure bumwagiriza kuba adakwije ibisabwa canke ko yasubiyemwo gatatu umwaka w’ishure. Urwo rupapuro ndangamunyeshure kandi ngo ruje gukuraho ingorane nyinshi zibonekeza ku bayobozi b’ishure mu guhanahana amadosiye y’abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye cane cane iyo bagiye barahindagura ibigo vy’amashure bizeko. Ngo bizotuma kandi abavyeyi n’abanyeshure badasubira kuruhishwa canke kujuragizwa no kurondera ku mashure atandukanye ibisabwa vyose vyahora bija mu ma dosiye y’abanyeshure. Juma Edouard yabandanije amenyesha ko urwo rupapuro ndangamunyeshure nirwatangura gukora, ata munyeshure numwe azoba yemerewe gusubiramwo umwaka gatatu kiretse ku mvo zumvikana nk’izijanye n’indwara abarongoye ishure bamenyeshejwe kandi bagatohoza neza ko ari zo. Izo mvo kandi ngo zibwirizwa kwandikwa kuri rwa rupapuro ndangamunyeshure. Abayobozi b’ishure baragabishwa ko abazorenga kuri iyo ngingo bazohanwa kandi bongere bishure ku giti cabo ivyo igihugu kizoba catakaje bivuye mu kwandika umunyeshure asubiyemwo umwaka gatatu. Juma Edouard yasozereye ikiganiro ahamagarira abavyeyi n’abanyeshure kwitwararika cane no kubungabunga neza urwo rupapuro ndangamunyeshure kuko ngo uwuzoba atarufise, naho yokwerekana « bulletin » yonyene iriko amanota meza , atazoshobora kwemererwa kubandanya amashure cane cane iyo bibaye ngombwa ko ahindura ikigo c’ishure.

 Schola Uwanyirigira

Ouvrir