Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ivyo gutunganya ibibanza vyo kwubakamwo mu gisagara ca Bujumbura bizoca mu Nama Nshikiranganji

nvjhggIvyo gutunganya ibibanza vyo kwubakamwo mu gisagara ca Bujumbura ngo bigiye kuza biraca mu nama nshikiranganji. Ivyo rero ngo bizofasha kugira amatongo yo mu kiyaya c’Imbo asanzwe yimbuka cane akingirwa. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore, ku wa 14 Ntwarante 2017, aho yariko arashikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye, ivyaranguwe n’ubushikiranganji 12 busanzwe bwegukira ibiro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu mu gice ca kabiri c’umwaka w’2016. Nk’uko Ibwirizwa Shingiro ribivuga mu ngingo yaryo y’165 mu gace karyo ka 5, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye mu nama isanzwe zirasaba ivyegera vy’Umukuru w’igihugu ko bashikiriza uko imigambi Reta yiyemeje kurangurira abanyagihugu iba iriko irashirwa mu ngiro n’abagize Reta. Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yisunze iyo ngingo y’165 mu ngingo yaryo ya 5, ngo ivyegeranyo vy’ukuntu imigambi iriko irarangurwa vyatanzwe ku rugero rw’ibice 98,33%. Ku bijanye no kumenyekanisha ibikorwa vya Reta, ngo harabaye kumenyekanisha ibikorwa biriko birakorwa uko amezi atatu aheze, ndetse ngo haratunganijwe ibiganiro 4 ku bamenyeshakuru mu ntumbero yo kumenyesha uko imigambi yariko irakorwa. Ukwo kumenyekanisha ibiba biriko birakorwa ngo vyakozwe ku rugero rw’ibice 100%. Muri ubwo bushikiranganji 12 ngo harabaye ibikorwa vyo kwishikira mu gihugu hagati aho imigambi iba iriko irarangurirwa. Mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ngo ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi (OBR) carabandanije kwegeranya uburyo bwo gushigikira imigambi y’iterambere. Mu burimyi n’ubworozi ngo harabaye ibikorwa vyo kwegereza abanyagihugu ivyankenerwa kugira barime bimbure. Muri ivyo vya nkenerwa, ngo harabaye kuronsa amatoni ibihumbi 21 y’ifumbire abanyagihugu ku giciro kitavuna n’imivyaro y’ivyamwa yababa imiriyoni 2 iratangwa, n’ibindi. Icibonekeje muri ico cegeranyo, ni uko imigambi itandukanye yaranguwe ku rugero rushimishije mu bisata bitandukanye. Abashingamateka n’abakenguzamateka barashimye uko ico cegeranyo catunganijwe n’ukuntu cashikirijwe. Mu ntererano z’abashingamateka n’abakenguzamateka, barasavye ko mu kiyaya c’Imbo hatosubira gutangwa amatongo yo kwubakamwo. Ikindi, ngo ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwotunganya aharimwa ikigazi hamwe n’aho barima igiterwa c’umuceri. N’aho ikigazi gikenewe, ngo igiterwa c’umuceri kirafasha gufungurira abarundi benshi. Mu bijanye no gutanga amatongo, abandi basaba ko amatongo ahabwa amashirahamwe yubaka inzu nyishi z’abakozi bato bato bagenda barariha buke buke. Ndetse bagasaba ko icigwa cakozwe catwaye imiriyoni 800 co kwubaka kijambere zone ya Buyenzi vyobandanya. Iyo zone hamwe yokwubakwa kijambere, ngo hoboneka inzu zo kubamwo z’amagorofa 6300. Ikindi, abashingamateka n’abakenguzamateka barasavye ko ubusuma bwibonekeza mu biro vy’amaposita ko bwohagurukirwa. Ikiyaya c’Imbo naco cotegerejwe kuba ikigega c’Uburundi ntihagire abasubira kuhatanga ibibanza vyo kwubakamwo. Mu gisata co gukingira ibidukikije, barasavye ko bokwiyumvira ikintu cosubirira amakara akoreshwa mu bisagara kuko vyibonekeza ko hagati y’ibiti bicibwa n’ibiterwa hari ubusumbane.

Hagiye gutunganywa icigwa co kuraba uko ishirahamwe rihinguraisukari SOSUMO ryifashe muri kino gihe

Kuri iyo myitwarariko y’aba na bariya, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yamenyesheje ko mu gisata c’amaposita hagiye gufatwa ingingo zikomeye. Muri izo, ngo nta muntu umwe azobika imfuguruzo z’ububiko bw’amafaranga, n’izindi ngingo zikomeye ngo zizofatwa. Ku kibazo c’isukari, ngo ku wa 8 Ndamukiza 2017, hazoba igikorwa co kwugurura amabahasha kugira habe icigwa co kuraba icokorwa mw’ishirahamwe SOSUMO. Ibizova muri ico cigwa ngo nivyo bishobora gutuma iryo shirahamwe rinagurwa kugira riduze umwimbu. Ku kibazo co gutanga amatongo mu kiyaya c’Imbo, Icegera ca kabiri c’Umukuru, Joseph Butore yamenyesheje ko ubu ibibanza vyo gutunganyamwo amatongo yo kwubaka mu gisagara ca Bujumbura bizoca mu nama nshikiranganji. Ku bijanye no kunagura igisata c’ikawa, ngo mu gihe habonetse imiriyoni 55 z’amadorari y’abanyamerika yatanzwe n’ibanki y’isi yose zizokoreshwa mu ntara 6, yamenyeshe ko umugambi ujejwe ico gikorwa ariwo uzomenyekanisha ibizokorwa muri ico gisata. Mu gisata c’ibidukikije, ubundi buryo bwo gukoresha mu kibanza c’amakara ngo inyishu izoboneka igihe hozorwizwa amasoko ntanganguvu, umuyagankuba ukaboneka ku rugero rukwiye. Mw’isekeza yo kugura ikawa rigiye gutangura, ngo ivyabaye mu mwaka uheze ntibizosubira kuba. Ubu ngo abazogura iyo kawa ni amashirahamwe azoba yarerekanye amafaranga y’agaciro yakuye muri iyo kawa yagurishijwe agashikanwa mw’ibanki nkuru y’igihugu. Amakoperative atabikoze, ngo azoca akurwa ku rutonde rw’abazogura iyo kawa. Ku rugomero rwa Kajeke rwo kuvomera indimo mu kiyaya c’Imbo, ngo ibikorwa bizobandanya bizoserwe. Mu gisata c’indero basavye ko akanovera mu nyigisho kogarukirwa. Tubameyeshe ko ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’abashingamateka 91 hamwe n’abakenguzamateka 30, ni ukuvuga ko bose hamwe bari 121, aho ni mu gihe hari hakenewe bibiri vya gatatu vy’abashingamateka n’abakenguzamateka, ni ukuvuga 110.

                                                                                                        

Déo Misigaro

Ouvrir