Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya ngo irabandanya gutsimbatara

mloikKw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2017 Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yarakiriye uwuserukira Ubumwe bwa Buraya ngaha mu Burundi, Wolfram Vetter, ahanini ngo akaba yari aje kugirango babonane ubwa mbere kuko akiri mushasha yatanguye gukorera hano mu gihugu cose   c’Uburundi muri Gitugutu 2016. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akaba ajejwe ibibazo vya poritike n’imigenderanire, Evelyne Maniragaba aho yariko yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru. Ikindi yari yamenyesheje ngo ni uko yaje kugira ngo bayage ivyerekeye imigenderanire y’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi akaba rero muri ivyo biganiro ngo yari azanywe n’ubutumwa bw’ukuvuga yuko Ubumwe bwa Buraya bukiri umugenzi w’Uburundi kandi kanatsinda ngo barabandanije gufasha mu migambi iteza imbere igihugu mu mwaka uheze ngo hariho imiriyoni 55 z’amafaranga y’abanyaburaya yatanzwe kugirango afashe.   Yaramenyesheje ngo ko Ubumwe bwa Buraya bwugurutse burindiriye yuko ibiganiro biriko biraba hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya bibandanya. Uwo mushitsi rero n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu bakaba bamenyesheje ko ari intambwe ya mbere izotuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya izobandanya iterambere bakipfuza mbere bose yuko ingorane zaciye mu Burundi zohera neza hama imigenderanire ikanaguka.

Christine Manirambona

Ouvrir