Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Itegeko rigenga amabi afatiye ku gitsina ntiriramenyekana neza mu gihugu cose

nbjffhjKw’igenekerezo rya14 Ntwarante 2017 ,umurwi wamaho ujejwe imibano, ukunganisha ibitsina, uguhungura impunzi, iterambere ridakumira no kurwanya ikiza ruhonyanganda sida warashikirije Inama Nshingamateka icegeranyo c’ibikorwa wakoze ku magenekerezo ya 27na 28 Ruhuhuma hamwe n’iryo ku wa 1 Ntwarante 2017. Ico cegeranyo cashikirijwe na Adolphe Banyikwa arongoye uwo murwi kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante 2017 mubikorwa vy’inama Nshingamateka vyari bihagarikiwe n’uwurongoyeurwo rwego Pascal Nyabenda. Uwurongoye uwo murwi yamenyesheje ko urwo rugendo barutunganije mu gihugu cose mu ntumbero yo kwirabira uko ibintu vyifashe ku bijanye no kumenyekanisha itegeko rijanye no gukinga, gukingira no guhana amabi afatiye ku gitsina n’ishirwa mu ngiro yaryo inyuma y’aho Umukuru w’igihugu aritereyeko igikumu ku wa 22 Nyakanga 2016.Ikindi naco ngo bashaka guhanahana ivyiyumviro no kuganira ku rwego rw’amakomine, abagize amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, ihuriro ry’abakenyezi, abajejwe intwaro, amashirahamwe atandukanye, abaremeshakiyago kugira ngo bamenye ko iryo tegeko ryabashikiriye, baryigishije abanyagihugu n’ingene baryakiriye. Baranavuganye n’abajejwe intwaro ku bijanye no kumenyekanisha no kwigisha iryo tegeko. Bamenyesheje ko abo baganiriye bose bemeza ko ihohoterwa rifatiye ku gitsina riba ku mugaragaro kandi mu manza zicibwa mu ma sentare izijanye no guhohoterwa arizo nyinshi kuruta izindi. Ayo mabi rero ngo ari ubwoko bwinshi ariko ayibonekeza cane ni nko gukubitwa, gufatwa ku nguvu, gucikizwa, guharika, kurenga ibigo,n’ibindi. Bamenyesha ko ikibabaje muri ivyo vyose basanze ahenshi iryo tegeko batarizi n’abo rigenga batari ko ribaho. Ariko n’aho biri uko mu nama zitunganywa baraja bararisigura kandi abamaze kurironka bararikenguruka cane ngo kuko ryaje hageze kandi bakizera ko rizogarukana umutekano n’imico myiza mu gihugu ingo zigatekana abana bo mw’ibarabara bagahera, ikiza Sida n’ububisha butandukanye bukagabanuka,umwimbu n’iterambere rirama vyiyongere mu gihugu hatibagiwe irwirirana ry’abantu abo bashingamateka barafise icizere ko mu gihe iryo tegeko rizoba rimaze gushikira abanyagihugu bose, harategekanijwe ibihano kubazorirenga. Intambamyi nyamukuru izotuma iryo tegeko ataco rizofasha ni idini ry’aba isiramu rirekura kurongora abagore benshi abashaka kubikora bagaca binyegeza inyuma yaryo. Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda yamenyesheje ko bazoshiraho inzandiko mperekeza zibisobanura neza.

Joselyne Ndayegamiye

                                        

  

Ouvrir