Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu c’Ubushinwa carahaye imfashanyo irerero ry’impfuvyi ry’i Buye ryitiriwe Umusamariya w’imbabazi

rfgjuyUbuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa bwarashikirije imfashanyo irerero ry’impfivyi ry’i Buye, muri komine Mwumba,intara ya Ngozi,bubicishije ku mupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, hari kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2017. Iyo mfashanyo ikaba yari igizwe n’amafrigo, amatereviziyo, hamwe n’ibitanda vy’abana bato harimwo n’amashuka, uburengeti n’ibikinisho. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yakiriye iyo mfashanyo, mw’ijambo ryiwe yaramenyesheje ko izotuma iryo rerero rishobora kwakira impfuvyi hari ibikoresho bikwiye. Umpfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA nawe yarashimye iyo mfashanyo n’igihugu c’Ubushinwa yongera arashima n’imigenderanire myiza iri hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa. Yaramenyesheje abari ngaho ko ico gihugu giherutse gushikiriza imfashanyo y’amatoni 5.000 abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza batewe na kigoyi kubera uruzuba rwatse ntibaronke umwimbu w’agatasi. Niko kumenyesha ko umugenzi mwiza umbonera mu ngorane. Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Zhuo Ruisheng nawe yaramenyesheje ko umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yitanga mu gufasha ba ntahonikora nk’imfuvyi, abagendana ubumuga, abapfakazi n’abantu bageze mu zabukuru mu kubakingira no kubavuza na cane cane mu kubaremesha.Ngo igihugu c’Ubushinwa cariyemeje gufasha Uburundi mu bishoboka vyose na cane cane mu kwiteza imbere haba muvy’ubutunzi n’imibano ku neza y’abarundi. Yamenyesheje kandi ko yaryohewe abonye umunezero abanyabubanza bari bafise bariko bararonka imfashanyo y’umuceri yatanzwe n’igihugu c’Ubushinwa. Ngo ingorane ni izo umwanya muto ariko kazoza ni keza. Ngo Uburundi bushizemwo inguvu kandi bugafashwa n’amakungu bubora gutsinda ingorane bufise muri kino gihe gtyo butere imbere muvyo ubutunzi n’imibano.

Epitace Nduwayo

Ouvrir