Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uwashaye kuri mugenziwe ngo ategerezwa gusaba imbabazi agategura kazoza keza

jkgfbvKw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017 ishirahamwe ry’amashengero ahimiriza abayoboke kugendera urukundo n’ikigongwe mu Burundi MAC ryaratunganije uruganda ku baserukira amashengero mu ntumbero yo kurabira hamwe ukuntu bokwibagira kahise bagategura kazoza. Icivugo c’urwo ruganda kikaba cashimikira ku bushobozi bw’ikigongwe mbere rukaba rwari rwatewe iteka n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu,gaston Sindimwo. Uwuserukira iryo shirahamwe M.A.C, Aimé Pascal akaba yabanje guha ikaze Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu yongera amenyesha ko ari iteka ntangere ko yashoboye kuhishikira kugirango yifatanye na bo muri ayo masengesho. Ikindi yamenyesheje kandi ngo ni uko ivyabaye vyokwibagirwa ariko ko kahise gategura kazoza, yongera kandi asabira imbabazi abakozi b’Imana bataye umurongo bagatryoza igihugu n’Umukuru w’igihugu hamwe n’inzego za Reta. Ikindi kandi yamenyesheje ngo ni uko bokwirimbura uwutakoze igihimbara Imana ahinduke aheze afate iyindi ntumbero. Mw’ijambo ryiwe Gaston Sindimwo akaba yaciye amenyesha ko ari umunezero ntangere kuri we kubona bashimye ko yifatanya nabo muri urwo ruganda. Akaba kandi yaciye amenyesha ko bose bazi ico amasengesho amaze mu gihugu c’Uburundi ariko ngo nta nyambo ibura agahonzi, igihugu kigizwe n’abantu, amashengero agizwe n’abantu mugabo rero ngo uko biri kwose igikenewe ni ugusabana ikigongwe. Uwarenganije mugenzi we abanze amwegere amusabe ikigongwe hanyuma abandanye arondera ineza ya mugenzi we n’iy’igihugu.   Bamwe bamwe mu bari aho bagiye barashikiriza ikiri ku mutima aho ahanini basabiye imbabazi abakozi b’Imana bagenzi babo batakoze ibinezera Imana n’igihugu mbere bongera baratuma icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu ko yobashikira ku Mukuru w’igihugu akabagirira imbabazi . Baciye bategura icegeranyo c’ivyavuyemwo bamurungikana kugirango agishikirize Prezida Nkurunziza. Ico cegeranyo rero ahanini kikaba cashimikiye ku vyo ishengero ry’umubiri wa Kristu ryashitseko baravye ibihe bigoye igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2016. Muri iki gihe rero ngo hageze ko bagira ico bakoze kuko ngo vyaragize ingaruka ku gihugu no ku mashengero. Ngo basanze ishengero ritobaho ata gihugu kiriho kandi ko n’igihugu kibaho neza hatari ishengero. Baciye kandi bamenyesha ko baravye uko bahagaze nk’abakozi b’Imana basanze ko bamwe bamwe batakoze ibigenda neza aho rero niho baciye bamenyesha ko basavye imbabazi Imana n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’uwundi wese yoba yaratsitajwe n’inyifato itabereye yabonye kuri iryo shengero. Muri uko gusaba imbabazi kandi ngo no hagati mu bagize iryo shengero bosabana imbabazi ku woba yarashaye kuri mugenzi we.

Christine Manirambona

Ouvrir