Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwego rw’abagize sentare yubahiriza amatungo y’igihugu rwaremejwe n’Inama Nshingamateka

djdhgKw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2017 Inama Nshingamateka yaremeje urwego rw’abagize sentare yubahiriza ivyo amatungo y’igihugu « cour des comptes » mu rurimi rw’igifaransa. Urwo rwego rukaba rugizwe n’abashika ku 35 bakaba bose ata numwe ari musi y’imyaka 30. Abo bashingamateka bakaba babemeje bose uko bari 98 ni ukuvuga 95 bari bahari na 3 bari batumye bose bakaba barabemeje ijana kw’ijana. Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda akaba yamenyesheje ko abahahora bari bakwije imyaka 6 , akaba kandi yamenyesheje ko hubahirijwe n’ibice vy’ubwoko busabwa ni ukuvuga ko baraba ibice mirongo ine kw’ijana vy’abatutsi hamwe n’ibice mirongo itandatu vy’abahutu.

Christine Manirambona

Ouvrir