Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta ngo yarongereje inguvu mu gutsimbataza umutekano n’ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu

DSC 3201 CopieKw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2017,Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu,Gaston Sindimwo yari aramutse ashikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye ivyaranguwe mu gice ca kabiri c’umwaka uheze w’2016 n’ubushikiranganji bukukira ibiro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu. Ubwo bushikiranganji nabwo bakaba ari ubwo intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, ubushikiranganji bw’umutekano, ubushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya n’amakungu, ubushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’igihugu bujejwe umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, ubushikiranganji bw’ubutungane, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba hamwe n’ubushikiranganji bw’akazi ka Reta n’akazi. Ngo ico gikorwa cabaye mu ntumbero yo kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro mu ngingo yaryo y’163 agace ka 5 aho ivuga ko Reta itegerezwa gushikiriza ivyo yaranguye uko amezi 6 arangiye. Akaba yaramenyesheje abashingamateka n’abakenguzamateka ko muri rusangi Reta yongereje inguvu mu gutsimbataza umutekano no mu kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Reta rero ngo yaragirishije inama 6 abarongoye imigambwe, abaserukira amadini n’amashengero hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ibicishije ku bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu; aho ni mu mezi atandatu yo mu mwaka w’2016. Nk’uko yabandanije abishikiriza,   ngo mu ntumbero yo gukingira ibidukikije ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu bwarateye ibiti ku mahegitari 50, abanyagihugu nabo barahimiriza ngo bijukire guca imikobeko. Ubushikiranganji bw’umutekano nabwo ngo bwarashoboye kwaka ibirwanisho abanyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha bigizwe n’inkoho 209, amagerenade 419, amabombe 60 n’ibindi bikoresho vya gisirikare n’igiporisi mu ntumbero yo kurwanya ubwicanyi n‘ubundi bukozi bw’ikibi.Bwarashoboye kandi gusambura amahinguriro 109 akora inzoga zibujijwe n’amategeko. Bwarasambuye imirwi 57 y’abicanyi, bwarateguye amadosiye 10.702 muriyo 8.201 akaba yarashikirijwe ubutungane. Bwarasambuye kandi amagerenade 612, ibisasu binini binini 19, n’amabombe 4. Ubwo bushikiranganji kandi bwaratanze impusha ntiganwa zo gutwara imodoka. Bwarashoboye kandi kwinjiza abaporisi 1.160 bo ntwazangabo, ibisongerezi na bato bato. Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije naho bwarateye ibiti bingana 168.062 ku mahegitari 40. Ubushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya n’amakungu ngo bwarunze imigenderanire n’ibindi bihugu nka Turukiya , Brésil, Kyrgystan, Kosovo, Bolivie, Cuba, Zambiya, Arménie na Emirats Arbes Unis. Bwaragiriraniye kandi amasezerano y’imfashanyo n’Ibanki y’isi yose y’ imiriyoni 102 z’amadorari.  Ubushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ngo bwarakingiye inyungu z’Uburundi muri iryo shirahamwe. Bwaratunganije urutonde rw’amabwirizwa yo kuroranya n’ay’uwo muryango. Ubushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’ibihugu bujejwe intwaro ibereye no gutunganya imigambi ya Reta na bwo bwarahimirije abantu kuvavanura n’ingeso yo kurya ruswa n’urudandazwa rwo mu kinyegero mu burere 6 bwahuriyemwo intara 18, izo nama zikaba zatabwe n’abantu 821. Amadosiye 228 ngo yarashikirijwe ubutungane, amahera angana n’7.589.418.258 niyo atinjiye mu kigega ca Reta ariko 70.460.461,93 yo yarashoboye kugaruka mu kigega ca Reta. Ibitenge vyafashwe navyo hamwe n’amakarato 31 y’itomati zo mu makopo vyarashikirijwe ikigo OBR. Naho biri uko ngo ubwo bushikiranganji bwarahuye n’intambamyi y’uburyo buke bwo gukoresha, ubukene bw’abakozi mu buyobozi bukuru bujejwe gutunganya imigambi ya Reta no muri giporisi kijejwe kidasanzwe kurwanya igiturire. Ubushikiranganji bw’ubutungane nabwo bwarigishije abacamanza akarangamutima k’iryo banga ryo kwuzuriza abanyagihugu. Abacamanza 21 barakurikiranywe n’ubutungane bagirizwa amakosa y’akazi canke kurya ibiturire. Amabwirizwa atari amake yaremejwe ayo nayo ni nk’irigenga Sentare ntahinyuzwa, irigenga sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro, irigenga igitabu c’amategeko araba ivy’ ubwenegihugu, ayagenga amashirahamwe yo gukinga impanuka,ibwirizwa risubiramwo igitabu c’amategeko mpanavyaha n’itegeko rigenga ukungene ubwo bushikiranji butunganijwe. Inomero 6 z’agatabu k’amabwirizwa n’amategeko yemejwe agatangazwa BOB zaratunganijwe muri ico kiringo nayo BOB 1.333 ziratangwa ku buntu mu buzi bwa Reta. Imanza 11.280 zaraciwe na sentare zitandukanye nka Sentare ntahinyuzwa, sentare y’iyungururizo na sentare y’intara. Abanyororo 2.000 bararekuwe hakurikijwe ikigongwe c’Umukuru w’igihugu. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba nabwo ngo bwarasubiyemwo amategeko abungenga, burateza imbere ukungene bukora, buratunganya neza ukugene bufasha kugarukana amahoro mu bindi bihugu, ivy’ imibano no gushira imbere ibikenewe uravye ko muri urwo rwego harimwo n’abakenyezi. Bwarateye ibiti 13.000 mu ntumbero yo gukingira ibidukikije mu Cankuzo, i Nyakazu n’i Bururi. Naho biri uko burahura n’ intamabamyi mu gutunganya ivyo gufasha kugarukana amahoro mu bindi bihugu mu kuronsa ingabo ibikoresho bikwiye. Ubushikiranganji bw’akazi ka Reta no gutanga akazi nabwo bwararonkeje amahera abakozi ba Reta mu ntumbero yo kunganisha imishahara, Reta ikaba yatanze imiriyaridi 20 kuri ico gikorwa. Bwaratanguje inyigisho z’imyuga ku bana batashoboye gutora ikibazo ca Reta kirangiza ishure nshingiro kuva ku wa 5 Kigarama 2016 mu gihugu cose. Bwarize amadosiye 10 n’impapuro z’umutsindo 803 vy’abakozi bo mu bushikiranganji bw’indero n’ubw’ amagara y’abantu bwasanzemwo abakozi 693 bahembwa badakora hamwe na 18 bafise impapuro z’umutsindo za magendo. Amahera 523.640.904 ngo yarashoboye kugaruka mu kigega ca Reta. Bisubiye ngo impapuro za nkenerwa nk’igatabu c’inzira, urupapuro rwo mu giporisi rwemeza ko ata ngorane umuntu afitaniye n’ubutungane hamwe n’urupapuro rutanga uburenganzira bwo gutwara imodoka ngo zizoshobora gutangirwa mu Ntara za Ngozi, Muyinga, Mwaro, Gitega na Bururi. Ibikoresho ngo vyaramaze gutangwa n’ishirahamwe PNUD.

Epitace Nduwayo

Ouvrir