Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiganiro hagati y’abarundi bibera i Arusha ngo bigenda neza naho utunenge tuza turibonekeza

C7GqgTgW4AAMCW0Ibiganiro hagati y’abarundi bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ngo bigenda neza naho utunenge tuza turibonekeza bivuye ku bashaka kwisuka mu buzima bw’igihugu c’Uburundi aribo bakoranye n’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu co kimwe n’abatunganije imigumuko yahitanye ubuzima bw’abantu igatikiza n’ibintu,ubu bakaba bariko barondera ingene bacengetera ngo bashike aho bicarana na Reta mu biganiro bihagarikiwe n’umufasha w’umuhuza muri ivyo biganiro, Benjamin William Mkapa mu ntumbero yo kurondera ko bahabwa ikigongwe badaciye imbere y’ubutungane. Ivyo ni bimwe mu nyishu zatanzwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa akongera akunganirwa n’Umuvugizi wa Reta, Firipo Nzobonariba kw’igenekerezo rya 17 Ntwrante 2017, igihe abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bariko bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje terefone, bakaba bari ku murwa mukuru w’intara ya Makamba. Hagati aho, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Claude Karerwa yarashikirije abarundi bose bakurikiranya ico kiganiro indamutso y’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aho yabifirije kuroranirwa muri uwu mwaka w’2017,abasaba guteramira amahoro n’intahe y’ukwikukira kw’Uburundi.Ngo akaba yarashimiye abarundi bari barahunze igihugu cabo bamaze gutahuka aca atera akamo abacijijanya imitima ngo batahuke bifatanye na benewabo ,baterere ivyiyumviro mu murwi ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi (CNDI ) n’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi (CVR ),hanyuma mu gihugu hatsimbatazwe inyigisho zo gukundisha igihugu kugira abanrundi bagire inyifato ibereye.Ngo Prezida NKURUNZIZA yaribukije abarundi ko umwanagihugu ariwe mutahe n’inyungu vy’igihugu.Yarasavye abarundi kutajana nyabahururu,abataye umurongo nabo ngo bave i buzimu baje i buntu bahebe ingendo yo kubuza amahoro igihugu cabibarutse,bamenye ko Uburundi butwarirwa hagati mu gihugu.

Ku vyerekeye poritike, umtekano n’imigenderanire

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu , Claude Karerwa yishura ku gituma Reta itashoboye kwitaba ibiganiro biheruka i Arusha yamenyesheje ko bitumvikana na gato ingene abantu bariko baronderwa n’ubutungane ku vyaha bikomeye bagirizwa n’abandi bitwa ko bari mu migambwe itazwi na Reta boheza bagatumirwa muri ivyo biganiro.Ariko ngo Reta yaramenyesheje umufasha muri ivyo biganiro, umushingantahe w’ijunja n’ijambo Benjamin Mkapa ngo atosore utwo tunenge. Ku kibazo c’imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu itifashe neza,umuvugizi w’Umuru w’igihugu n’uwa Reta bishiriye hamwe ko izo ngorane zihagaze ku bihugu bibiri vya Buraya arivyo Ububirigi Ubufaransa bikorana n’igihugu kibanyi c’Urwanda kibahaye n’indaro, biguma bikokeza bikoresheje abantu bitwa ko bakorera amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baurakuranwa mu gushikiriza amaraporo y’ibinyoma n’amarementanya mu ntumbero yo kugerageza gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu, ngo ni navyo vyagize kandi uruhara mu guhimiriza abafasha Uburndi ngo ntibatange uburyo bwo gutunganya amatora mu 2015, ubu naho imfashanyo bahora haba Uburundi bakazironsa abo bagize ibikoresho vyabo baguma barondera kudurumbanya igihugu.Rero ngo ikimaze kugaragara co ni uko ivyo bihugu na cane cane igihugu c’Ububiri cumvise umurwi CVR uri ku kivi kirasha coba kuko gifise uruhara mu mabi yakorewe abarundi n’Uburundi nk’ighandagurwa ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore yaharaniye intahe y’ukwikukira kw’Uburundi n’umushikirangoma wa mbere Pierre Ngendandumwe.Ivyo bihugu nyene nivyo bibuza ko abafasha Uburundi gutanga uburyo kugira ukuri ntikuje ahabona,ariko igikorwa washinzwe kikaba kibandanya.Ku vyerekeye abasaba iyemezwa ry’ihonyabwoko ryo mu 1972 ,ngo inyishu ibereye izova mu barundi mbere bace bumvikana ku cibutso kimwe c’ubwicanyi bwagiye buraba mu Burundi n’aho cokwubakwa.Ariko igihambaye ni uko ukuri kuri kahise kabi kwomenyekana n’abakagizemwo bakamenyekana bakongera bagasaba imbabazi.

Ku vyerekeye indero

Abavugizi b’ubushikiranganji bujejwe ivy’indero Juma Edouard na Venant Ndimurirwo barishuye ku bibazo bijanye n’abana bo mu mwaka w’icenda w’ishure Shingiro bayobewe ikibazo mu mwaka uheze, inyigisho z’abana bari mu nkambi z’impunzi mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi hamwe n’ikibazo co kwemera impamyabushobozi bazozana, agaciro k’urupapuro k’urupapuro rw’umutsindo (certificat) rusigaye ruhabwa abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye, abanyeshure bo mw’ishure ryisumbuye nderabigisha (ENS) bo mu myaka y’ishure itatu ikurikirana iheze batarasoma ibitabu kubera babuze abigisha babakurikirana, agahembo k’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi. Juma Edouard yamenyesheje ko kugeza ubu mu bushikiranganji bafise igitigiri c’abanyeshure bangana n’16.000 bayobewe ikibazo mu mwaka uheze bifuza kuzosubira kugikora muri uwu mwaka w’2017. Ngo abo ubushikiranganji buzobategura neza kugira ngo bazogende kugikora bavyiteguriye neza. Ku bijanye n’abana bari mu makambi y’impuzi, Edouard yavuze ko ubushikiranganji budashobora gukurikirana inyigisho bariko barahabwa kugira ngo bubashire ibibazo bikorwa mu Burundi bivuye ku migenderanire idashemeye hagati y’Uburundi n’ivyo bihugu vyakiriye impunzi z’abarundi. Ngo na HCR nayo nyene ntiyavyumvikanye n’Uburundi. Ariko ngo ari hamwe bihindutse imigenderanire ikaba myiza, abo bose bakavyumvikanako, ubushikiranganji bwoheza bugakurikirana inyigisho zohabwa abana b’abarundi bari mu makambi y’impunzi. Ku bwiwe, kumbure ico kibazo kizotorerwa inyishu impunzi zihungutse nk’uko Reta y’Uburundi ivyifuza kandi iriko irakora ibishoboka vyose kugira ngo bikunde. Ariko ngo kubazoshima kwigumira mu bihugu vyo hanze, abanyeshure bagarutse bafise impamyabushobozi zo mu mahanga, umurwi ujejwe kwunganisha impapuro z’umutsindo uzoheza ubatunganirize. Juma Edouard yarongeye aramenyesha ko urupapuro rusigaye ruhabwa abahejeje amashure yisumbuye rufise agaciro kangana na rurya rwahora rutangwa kera (diplôme des humanités). Yaboneyeho guhanura urwaruka kubandanya nyabuna amashure ahanitse ya kaminuza gutyo bakaronke impamyabushobozi zisumbuye arizo bita mu ndimi z’amahanga « licence, master na doctorat). Ku banyeshure bategurirwa kwigisha mu mashure nshingiro, abo nabo bakaba biga imyaka ibiri inyuma y’imyaka ine y’amashure yisumbuye, ngo imyaka iri imbere ubushikiranganji buzoraba uko nabo bohabwa akaryo ko kubandanya amashure ya Kaminuza. Ku bijanye n’abanyeshure bo muri ENS bidoga ko babuze abarimu babakurikirana kugira ngo basome ibitabu vyabo, Venant Ndimurirwo yamenyesheje ko ico usanga ari ikibazo c’umunyeshure umwe umwe agirana n’umwarimu amukurikirana. Ngo si ikibazo rusangi c’abanyeshure bose. Ku kibazo n’agafashanyo k’ingwati kazohabwa abanyeshure bo muri za kaminuza zo mu Burundi, Ndimurirwo yavuze ko iyo ngingo yafashwe kugira ngo bafashe abanyeshure benshi bashoboka gukurikira inyigisho za kaminuza ariko bakazokishura igihe bazotangurira gukora. Ku bwiwe ariko ngo nta mvo n’imwe yotuma abanyeshure bariko bariga ubu bagira yegereyegere kubera iyo ngingo kuko bobo itabaraba, izotangura kuja mu ngiro ku banyeshure bahejeje amashure yisumbuye mu mwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017nabo bakaba batarinjira muri kaminuza. Mu kumwunganira kuri ico kibazo, umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba yahanuye abanyeshure bo muri kaminuza kutongera kuja mw’ibarabara kuko Reta ifata ingingo ku neza y’abanyagihugu.

Ku vyerekeye ibidukikije

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije Omer Niyonkuru yishuye ibibazo vyerekeye ico gisata avuga ko hambavu y’ishirahamwe rya Reta SETEMU, hariho ayandi mashirahamwe y’abikorera ivyabo yahawe uburenganzira bwo gutororokanya imicafu cane cane mu bisagara kugira ngo ayahinguremwo ibizuku bisubirira amakara n’ibindi bintu.Ariko ngo haracakenewe amategeko agenga ivyo vy’imicafu kugira ngo bikorwe neza kandi mu muco. Yatanze umwizero ko ubushikiranganji bukurikiranira hafi ibijanye no kuraba uko umugambi wo gutunganya ikibanza co gutamwo imicafu c’i Bubanza wonagurwa kubera yuko wari wahagaze bitewe n’uko abanyamahanga bari bemeye gutanga uburyo bidohoye. Ngo mu minsi iza rero bizoshoboka ko imicafu itorwa kandi itabwa ahantu hateguwe hatibagiwe kurobanura iyibora n’iyitabora.       

Ku vyerekeye Ubutunzi n’iterambere

Ku kibazo kijanye n’ugukura amakori n’amatagisi ku bifungurwa mbumbarugo, Désire Musharitse umuvugizi mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta yamenyesheje ko iyo ngingo ikiri mu Nama Nshingamateka izoja mu ngiro inyuma y’amezi 3 umukuru w’igihugu ayishizeko umukono. Ku vyerekeye urudandazwa rw’isukari rwabaye akayoberabahinga, umuvugizi w’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Isidore Ntirampeba yamenyesheje iko ico kibazo kiraje ishinga ubutegetsi, hariko higwa ukungene ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryonagurwa mu kwagura imirima n’uburyo ikoresha. Ngo mu kurindira ko iryo hinguriro rishobora gutanga umwimbu ukwiye abanyagihugu mbere n’umusesekara wo gushora hanze ukaboneka, Reta yararekuye ko binjiza isukari iva hanze y’igihugu mugabo ntidandazwe ku giciro c’umurengera. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka, Leonidas Sindayisaba yamenyesheje ko umuyagankuba udakwiye kubera ihindagurika ry’ibihe. Urugomero rwa Rwegura rwahora rutanga magewati 18, ubu rutanga megawati 6 nayo urugomero rwa Rusizi rwahora rutanga amamegawate 12, ubu rutanga 4. Kugira ikibazo c’ubukene bw’umuyagankuba gihere, Reta yarugururiye imiryango abikorera ivyabo kugira bazane imitahe. Ubu ingomero ziriko zirubakwa. Ngo hariko harirwa ukungene bosabikanya umuyagankuba ku murango ku buryo abanyagihugu bari ahantu hatandukanye boronka umuyangankuba ku rugero rungana. Ngo kugira ubutare bwa Nickel y’i Musongati bucukurwe, hakenewe umuyagankuba n’ibarabara ry’indarayi. Ngo ubu ivyigwa biriko birakorwa kandi bigeze ku ntambwe ishimishije. Ngo ku vyerekeye igitoro kiri mu kiyaga Tanganyika, hari abahinga bahawe imyaka 8 yo kugira ubushakashatsi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Térence Ntihiraja, yamenyesheje   ko ibijanywe n’itunganywa ry’amasoko ya Ruvumera na COTEBU biriko birigwa. Kuvyerekeye itegeko ry’Umukuru w’igihugu ryo gusubiza mu kigega ca Reta imiriyaridi 81 ku makori atatanzwe, ubu hakaba hamaze gutanga imiriyoni 120, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hamaze gusubizwa imiriyoni 120 kubera hari abategerezwa kuyasubiza bituye ibiro vy’Umukuru w’igihugu bavuga ko barenganijwe. Ubu amadosiye ariko arigwa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta, Jean Pierre Gahimbare yamenyesheje ko haboneka abakozi badafise amadosiye mw’ishirahamwe ryo gutegekaniriza akazoza abakozi kubera baba bakora badahembwa. Ngo nico gituma hakenewe urutonde rw’abakozi ba Reta. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta, Jeanne Mukenguruka yamenyeshe ko ivyigwa vyo gukora ibarabara RN11 Mabanda-Cankuzo vyaheze, ubu hariko haronderwa abofasha kugira ngo rikorwe.

Ku vyerekeye amagara y’abantu

Ibibazo vyabajijwe uwaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu vyari bijanye n’ikiza c’indwara ya marariya n’imiti iyivura havugwa ko yoba idakwije ubushobozi kuko idakiza hamwe n’umurwi washizweho kugira barabe ko imiti ihabwa abarwayi ba marariya yoba ifise ubushobozi bukwiye ,ivyerekeye imiti bavuga ko ari kama idandazwa mu mabarabara bavuga ko ivura indwara nyinshi hamwe n’imiti yinjira iciye mu bihugu bibanyi ko Uburundi bwoba bufise ubuhinga bwo gupima ko iba ikwije ibisabwa ,ibijanye n’ikena ry’imiti mu budandaji bw’imiti bwa «Mutuelle de la Fonction Publique» bigatuma kenshi bahindura imiti muganga aba yandikiye umurwayi «specialité» bagaca baguha «génerique». Ivyo bibazo yaravyishuye aho ku bijanye n’ikiza ca marariya yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi adikanije n’abasanzwe bagifasha batanze amahera arenga umuriyaridi yo kugura ibikoresho bikenewe   ngo n’ikimenyamenya ku munsi wa kane hazotangura isekeza ryo gutanga imisegetera ku mihana yose iri mu Burundi hamwe no kwegereza amavuriro abanyagihugu aho atari kugira babapfunyire urugendo.Ibijanye n’imiti yinjira iciye mu bihugu bibanyi nayo yamenyesheje ko hari ba sesankuyoze bikika mu kiza bagaca mu binywabi ariko iyo bafashwe ngobarahanwa bikomeye. Mu bisanzwe imiti yinjira izwi ngo irafise ahantu itegerezwa gusuzumirwa n’ububiko ibikwamwo bukababuzwi.Kuri ivyo nyene vy’imiti hari iyidandazwa mu mabarabara bakavuga ko ari imiti kama ivura indwara nyinshi yahanuye ko abantu ko batoyigura.

Jean-Robert Nshorirambo

Aline Kanyana

Schola Uwanyirigira

Joselyne Ndayegamiye

                                                              

Ouvrir