Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi na Turukiya birabandanya gutsimbataza imigenderanire myiza ihasanzwe

lllkjhgfIcegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yarahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi, Sedef Yavuzalp asanzwe afise icicaro i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Intumbero y’uwo mubonano kukaba kwari ukurabira hamwe ingene imigenderanire n’ugufashanya vyifashe hagati y’ivyo bihugu bibiri hatatu isanzwe ayifashe neza. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Isidore Ntirampeba inyuma y’uwo mubonano. Hari ku wa 16 Ntwarante 2017. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo Turukiya hasanzwe hariho imigambi itari mike iriko irarangurwa mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Akarorero ngo ni nk’ako mu gisata c’indero aho igihugu ca Turukiya kiriko kirafasha Uburundi mu gufata mu mugongo abanyeshure b’abarundi baja kwiga muri ico gihugu. Abo banyeshure nabo iyo bahejeje ngo baraheza batahuka mu Burundi ngo bakaza guterera mw’iterambere ry’igihugu cabo bivanye n’ico umwe umwe wese yigiye, ico naco ngo kikaba ari ikintu abarundi bokwishimira. Isidore Ntirampeba yamenyesheje kandi ko uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi yazananye n’abarwizatunga bo muri ico gihugu basanzwe bafise ivyo bariko bararangura mu gihugu c’Ubuganda ngo na cane cane bakaba bipfuza kugira ico baterereye muri wa mugambi wo gushinga akarere kadasanzwe k’ubudandaji. Ku ruhande rwa Reta ngo abo barwizatunga baje hageze na cane cane ko yari isanzwe iriko ikora uko ishoboye kwose kugirango ako karere gashingwe kuko kazogira akamaro kanini mu bijanye n’ubutunzi bw’igihugu. Twobamenyesha ko inyuma y’uwo mubonano, uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi, abo barwizatunga hamwe n’abakozi bo mu biro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu baciye baja muri ca kibanza co mu Gatumba, ahasanzwe hazoshingwa ako karere kadasanzwe k’ubudadanji kwirabira abahinga bariyo kugirango babasigurire uko bimeze       gutyo ngo baheze bumvikane ingene bashobora guterera mw’ishingwa ry’ako karere hamwe rero no kubandanya bakomeza imigenderanire myiza ihasanzwe hagati y’ivyo bihugu bibiri.  

Estella Niyongere

Ouvrir