Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyagihugu basabwa guhurumbira ibikorwa vy’iterambere

wxwxKw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017, Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaragendeye komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura agiye kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri iyo komine mu bikowa vy’iterambere rusangi aho bazokwubaka ishure ry’imyuga, aho gusomera ibitabu hatatu n’ibiro vy’umuyobozi w’amashure mw’ikomine . Inyuma yaho, Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaciye yifadikanya n’abakenyezi b’imvukira intara ya Bujumbura mu guhimbaza umunsi mukuru wahariwe abakenyezi mu rwego rw’intara. Gaston Sindimwo yamenyesheje ko abakenyezi boja ahabona bagakora gusumba kugira baronke ibibanza vyinshi mu nzego gusumba ivyanditse mu mategeko. Ngo abakenyezi ni kirumara mu muryango kuko nibo baraba indero y’urwaruka. Yaravuze kandi ko ashimira abakenyezi ku ntabwe bagezeko kuko bitanga mu bikorwa vy’iterambere. Yaravuze kandi ko ata mukenyezi n’umwe yoba akirindira ico bamuha ahubwo ko abakenyezi bokura amaboko mu mpuzu bagakora bakaronka ibibanza bipfuza. Ngo iyo habaye imigumuko abakenyezi barabura abana n’abagabo, akaba ari naco gituma boja imbere mu kurondera amahoro n’umutekano. Yarongeye arasaba abakenyezi ko boja muri poritike kugira baronke ibibanza bipfuza. Ikindi naco yabasavye ni uko intara zimbuye kurusha izindi zofasha izindi ntara mu kuzironsa imbuto kuko ngo nibwo bumwe. buramatari w’intara ya Bujumbura Nadine Gacuti yarashimiye abakenyezi bo mu ntara ya Bujumbura ko bitwararitse mu gukora ibikorwa vy’iterambere, yahamagariye kandi abakenyezi kwijukira gukingira ibidukikije mu gutera ibiti, guca imikobeko kugira bakingire igihugu na cane impanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe. Menedora Nibaruta arongoye ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi yamenyesheje ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere bishigikira abakenyezi ivyo bikabatera intege yo mukora. Yarasavye abakenyezi aho bari hose ko bofatana mu nda aho bari hose mu kwijukira kuja mu mashirahamwe kugira nabo biteze imbere. Yarongeye kandi arashimira buramatari w’intara ya Bujumbura yateguye uwo munsi mukuru kugira bahure bahanahane ivyiyumviro vyoteza imbere igihugu.

Thrèse Niyonkuru

Ouvrir