Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Kanseri yo mu rw’injiriro rw’igitereko ngo ifata abakenyezi bakiri bato

tyuioKanseri yo mu rwinjiriro rw’igetereko c’umukenyezi ngo ni indwara ifata abakenyezi bakiri bato bafise hagati y’imyaka 40 na 49 kandi bakenye bo mu bihugu bikenye no muri Afrika yo munsi ya Sahara, Amerika y’ubumanuko, Caraibes, Aziya y’ubumanuko n’iyo mu bumanuko bushira ubuseruko. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwaserukiye umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida Léocadie Nininahazwe yuguruye inama yo guhimiriza abamenyeshamakuru ku ndwara ya kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko c’abakenyezi ku wa 10 Ntwarante 2017. Yamenyesheje kandi ko iyo ndwara ari iya mbere ituma abakenyezi bakiri bato bapfa kw’isi, ikaba iya kabiri mu Burundi havuye kanseri yo mw’ibere. Yarongeye amenyesha ko kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko iterwa kandi n’umugera HP ku bice 90 kw’ijana.Ibindi ngo ni nko kurangura amabanga mpuzabitsina ku bakiri bato, kuvyara imbere y’imyaka 20, umugera HP, guhuza ibitsina n’abagabo benshi, ubukene, kunywa inzoga nyinshi no kunywa itabi. Naho biri uko ngo hari ibimenyetso bigaragaza ko umukenyezi yatanguye gufatwa n’iyo kanseri gutyo agashobora kuvurwa kare mbere agakira. Ikiringo gicaho kugira kanseri yo mu rwinjiriro rw’ igitereko itangure kuboneka neza mu bipimo ngo ni kirekire ku buryo hashobora guca imyaka 10 gutyo agaheza agashobora kwipimisha no kuvurwa hakiri kare. Bisubiye ngo kuvura umukenyezi agitangura kubona ibimenyetso vya mbere vya kanseri biroroshe kurusha kumuvura kanseri imaze gushika kure. Kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko ngo ni iya kabiri yibonekeza ku bakenyezi 530.000 ku mwaka, igatuma muri abo hapfa 275.000 ; ni ukuvuga ibice 85 kw’ijana mu bihugu bitaratera imbere. Ngo mu mwaka w’2050 abakenyezi bashika 1.000.000 bazoshobora gupimwa kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko, ibice 90 kw’ijana vy’abazokwicwa n’iyo ndwara ngo bazoba baturuka mu bihugu bikenye. Bisubiye, ngo abakenyezi 50 kw’ijana bipimishije iyo kanseri bagasanga bayifise irabica uko umwaka utashe. Kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko ngo ni iya mbere muri kanseri zifata abakenyezi mu Burundi ituma bapfa. Ngo ibiharuro bitera vyiyongera ku bakenyezi bagendana umugera wa Sida. Yarongeye amenyesha ko urucanco rw’umugera HP utera kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko rutuma abakobwa bakingirwa iyo kanseri ku bice 95 kw’ijana. Ngo ni muri iyo ntumbero ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwatanguje umugambi wo gutanga urucanco mu turere tw’ubuvuzi bwo mu Rumonge no mu Kayanza ku bigeme bafise hagati y’imyaka 9 na 13.

Epitace Nduwayo

Ouvrir