Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abigeme basabwa kwiyandikisha mw’ihiganwa ryo gutora umwigeme mwiza kandi w’incabwenge wo mu 2017

IMG 20170307 155803Kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2017, umurwi ujejwe gutunganya ihiganwa ryo gutora umwigeme w’umurundikazi mwiza kandi w’incabwenge wo mu mwaka w’2017 waratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru.  Intumbero y’ico kiganiro kukaba kwari ukumenyesha ibintu ngenderwako bisabwa kugirango umwigeme azoje muri iryo higanwa. Iryo yandikwa naryo rikaba rizomara iminsi 45, rikaba ryatanguye kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante rikazobandanya gushika ku wa 21 Ndamukiza 2017.  Icivugo c’uwu mwaka kikaba ari “Abagore nk’inkingi mw’iterambere ry’igihugu”. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwujejwe gutanga amakuru mw’ihiganwa ryo gutora umwigeme mwiza kandi w’incabwenge wo mu 2017, André Hakizimana. Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo ihiganwa ry’uwu mwaka w’2017 risanzwe rifise ibisabwa kugirango umwigeme ashobore kwiyandikisha.  Ivyo navyo ngo ni uko uwo mwigeme ategerezwa kuba ari umurundikazi, akaba ari ku butaka bw’igihugu c’Uburundi mu gihe c’iyandikwa, kuba afise imyaka iri hagati ya 18 na 25 y’amavuka, akaba atararongorwa kandi ata bana afise, afise igihagararo ciza, apima ibiro bitarenga 65, aserukira intara, avuga neza ururimi rw’ ikirundi n’igifaransa, afise uburebure butari munsi y’imetero 1,65  hamwe rero no kuboneka mu mwanya wose w’ihiganwa. André Hakizimana yamenyesheje ko iyandikwa ririko ribera mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa bita “Galerie alexander” inomero 10  ngo rizoba guhera ku wa mbere gushika ku wa gatanu hagati y’isaha 3 z’igitondo gushika isaha 11 n’igice z’umugoroba hamwe no ku munsi wa gatandatu kuva isaha 5 gushika isaha 7 y’umurango. Abari hagati mu gihugu ngo bakazokwiyandikishiriza ku biro “agences vy’ishirahamwe SMART.  André Hakizimana akaba yamenyesheje ko uwo mwigeme mwiza kandi w’incabwenge azotorwa kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kandi ngo muri uwu mwaka hazotangwa agashimwe k’umuduga w’umwakaka ngo ukazoronswa uwo mwigeme azoba yabaye uwa mbere.  Uwa kabiri akazoronswa agashimwe kangana n’1 500 000 mu mafaranga y’amarundi. Uwa gatatu nawe ngo azoronka 1 000 000 w’amafaranga y’amarundi.

Estella Niyongere

Ouvrir