Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

SFBLSP Burundi: Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe abakenyezi kw’isi yose ngo ni akaryo baronka ko kwirimbura

IMG 20170308 095355 CopieUwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi b’abarundikazi bishinze kurwanya Sida na marariya ( SFBLSP -Burundi), Espérance Ntirampeba amenyesha ko ihimbazwa ry’umunsi wahariwe abakenyezi bo kw’isi yose ari uwo kurabira hamwe ibimaze kurangurwa mu guteza imbere umukenyezi ibitagenze neza navyo bigahindurwa. Ivyo yabivuze mw’ijambo yashikirije abakenyezi bahurikiye muri urwo runani SFBLSP -Burundi bahimbarije umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura ku wa 8 Ntwarante 2017 mu ntumbero yo kwifatanya n’abandi bakenyezi bo kw’isi yose ku civugo «Uruhara rw’umukenyezi mu bikorwa vy’iterambere gushika mu mwaka w’2030». Umupfasoni Espérance Ntirampeba yaramenyesheje ko umuntu wese yogira uruhara mu guteza imbere umukenyezi hakaba igikorwa co kurabira hamwe ibimaze kurangurwa hagahinduka ibitagenze neza. Ngo haribonekeza iterambere ry’abakenyezi mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu kuko bagiye bararabira akarorero ku bakenyezi bakoze ibikorwa vy’iterambere mu bihugu bimaze gutera imbere. Yaragarutse ku bijanye n’inganishwa ry’ibitsina mu gutanga ubuzi, mu mishahara   mu bisata vyose kugira umukenyezi ntasigare inyuma, yiyumve ko nawe ari kirumara mu gihugu ciwe mbere no kw’isi yose. Ngo urwo runani   rero rwifadikanije n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi afise icipfuzo ko gushika mu mwaka w’2030 ibitigiri vy’abigeme barangiza amashure mato mato n’ayisumbuye vyongana n’ivy’abahungu. Ngo bafise kandi icipfuzo ko inyigisho z’akanovera kandi ku buntu zobandanya zitangwa kuri bose indero n’ibikorwa bitangwa mu muryango bakabironswa bose kandi ku rugero rumwe. Ikindi cipfuzo ngo ni uko ihohoterwa iryo ariryo ryose rifatiye ku gitsina rikorerwa abakenyezi n’abigeme hatibagiwe gushingiza abigeme batarakwiza imyaka yemewe n’amategeko ryotuzwa. Umupfasoni Espérance Ntirampeba yaboneyeho akaryo ko gutera akamo zina muntu wese ko kurwanya inyifato mbi yose ifatiye ku guhohotera no kutubahiriza agateka k’umukenyezi mu kibano, mu buzi no mu mashure hakaba isezererwa ryo gufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme kuko biteranya imiryango inkurikizi zavyo zigahitana ubuzima bw’abakenyezi n’abigeme nko mu gihe batwaye inda batipfuza bagahitamwo kuzikorora mu kinyegero kuko babifata nk’ibiterasoni, bagatinya kuja ahabona kuko hari igihe usanga bafashwe ku nguvu n’ibizira canke abantu batinya ko bohava babagirira nabi. Yarangije asaba Reta y’Uburundi ko yofata ingingo zishoboka kugira hashirwe mu ngiro kandi hatezwe imbere imigambi y’igihugu ifatiye kw’iterambere n’ubwigenge bw’abakenyezi bagashiraho ibihano bikomeye kuri uwo wese atavyubahirije.

Josélyne Ndayegamiye

  

Ouvrir