Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe ACUBU rirashimishwa n’ivyo rirangurira abadandaza barihurikiyemwo

cjklmIshirahamwe ry’abadandaza bo mu Burundi ACOBU rirashima intambwe rishitseko mu migambi yaryo yo gufasha abarihurikiyemwo kwiteza imbere. Ivyo vyashikirijwe n’uwurirongoye Antoine Muzaneza ku wa 3 Ntwarante 2017 igihe iryo shirahamwe ryahuza abarihurikiyemwo kugira ngo bipfurizanye umwaka mwiza w’2017 no kurabira hamwe ivyo ryaranguye n’imigambi mishasha rigiye gushira mu ngiro. Mw’ijambo ryiwe, Antoine Muzaneza yavuze ko iryo shirahamwe ryashoboye gutora inyishu ku bibazo vyari hagati y’abadandaza barihurikiyemwo. Ngo ryarashoboye gusaba Reta gufata ingingo zimwe zimwe zituma abadandaza bashobora gukora borohewe. Ariko ngo naho ivyo vyakozwe hari vyinshi rishishikara gusaba Reta kugira ngo rishishikare guteza imbere ubudandaji mu Burundi. Ngo hari imigambi mishasha iryo shirahamwe rigiye gushira mu ngiro vuba cane. Ngo rigiye gushinga igisata kizoba kijejwe gukinga impanuka. Ico gisata ngo bacise “Business Insurance and reinsurance Company » mu mpfunyapfunyo Bic. Ngo ico gisata kizofasha abadandaza gukinga impanuka. Ngo n’uburyo burenga imiriyaridi zibiri buramaze gutangwa n’abadandaza bashika 200. Ngo umudandaza wese yasabwe gutanga umutahe utari musi y’amafaranga angana umuriyoni. Nk’uko Antoine Muzaneza yabishikirije ngo ivyo bizotuma hatangwa akazi kandi bizotuma akazi k’abacuruza kagenda   neza. Antoine Muzaneza yaboneyeho akaryo ko gusaba Reta gufasha abacuruza bashizwe ku rutonde rw’abadandaza badashobora kwemerwa n’amabanki mbere n’ingwati zabo zikaba zica zigurishwa icamunara. Ikindi ishirahamwe ACOBU risaba ngo ni uko Reta yotegura umugambi w’ubutunzi ikama ijana abacuruza mu mahanga kugira ngo bige ingene mu bindi bihugu bigenda ivyo gucuruza. ACOBU isaba kandi ko ibicuruzwa vy’ibiribwa vyokurwako amatagisi kugira ngo vyinjire ari vyinshi mu gihugu. Icegera ca ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nshingamateka, Jocky Chantal Nkurunziza yari yifatanije n’abadandaza muri ivyo birori, yarashimiye abacuruza bahurikiye mw’ishirahamwe ACOBU kuko ngo bafise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu. Kandi ngo iryo shirahamwe ivyo rirangura bifise uruhara runini ku buzima bw’abenegihugu. Ku bwa Jocky Chantal nkurunziza, ngo Inama Nshingamateka irabashigikiye kandi ngo ntaco itazokora kugira ngo abacuruza bashishikare gutera imbere. Ivyo ngo bizokwama bibonekera mu mategeko atorwa kugira afashe abacuruza. Eka n’umuhanuzi mu vy’ ubutunzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Pierre Nizigiyimana yarakeje ACOBU kuba yarashoboye gutora inyishu ku bibazo vyari hagati y’abacuruza. Ngo Reta yarashizeho urwego rwamaho ruzokwama rukorana n’abacuruza mu ntumbero yo gukomeza ibiganiro ku bibazo ibi canke biriya.

Nathan Ntahondi

Ouvrir