Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yarifatanije n’abanyagihugu bo mu makomine ya Ngozi na Mwumba mu bikorwa vy’iterambere

DSC 0062vvvvvKu wa 4 Ntwarante 2017, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarifatanije n’abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi hamwe n’abo muri komine Mwumba, ku mutumba Buye mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Ivyo bikorwa vyari ivyo kwubaka ikibuga ca kijambere co ku gasaka ka Inarunyonga, inyuma y’ibiro vya buramatari w’iyo ntara, ku mutumba Buye, ivyo bikorwa vyari bijanye no kwubaka ishure shingiro ryo ku mutumba Buye rizoba rigizwe n’inyubakwa y’igorofa, igerekeranye rimwe, iryo shure rikazoba rigizwe n’amasomero 12 hamwe n’ibiro bitandukanye vyaba ivy’umuyobozi, abigisha, n’ibindi. Ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, ku gasaka ka Inarunyonga ahariko hubakwa ikibuga ca kijambere c’umupira w’amagaru, Umukuru w’igihugu, abanyagihugu hamwe n’abashinwa b’abagenzi b’abarundi bararanguye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga c’umupira w’amaguru. Ivyo bikorwa vyari bijanye no kwegeranya amatafari basanzwe bakoresha mu kiringo c’indwi yose hamwe no gucanga umusenyi n’isima vyo kwubaka mu bwugamo bw’iteka. Kubona ngo abo bashinwa baje kwifatanya n’Umukuru w’igihugu hamwe n’abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi, ngo ni mu ntumbero yo gutsimbataza ubucuti buri hagati y’ibihugu vyacu uko ari bibiri. Abo bashinwa bakaba bari barongowe n’uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA avuye aho ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, yarabandanije ibikorwa nk’ivyo ku mutumba Buye, zone Buye, komine Mwumba, mu ntara ya Ngozi. Ivyo bikorwa bikaba vyari bijanye no gucanga umusenyi n’isima vyo gusiga ahagiye kuduzwa ibihome vy’amasomero 12 azoba agize ishure nshingiro ry’aho ku mutumba Buye. Iryo shure rikazoba rigizwe n’inyubakwa y’igorofa igerekeranye rimwe. Iyo nyubakwa ikaba ifise uburebure bw’imetero 50 hamwe n’ubwaguke bw’imetero 12,5. Nk’uko bitegekanijwe, ngo mu kwezi kwa Mukakaro, ngo bazoba bahejeje iyo musi, igizwe n’amasomero atandatu. Muri Mukakaro 2018, iyo nyubakwa yose bagategekanya ko izoba yahejeje kwubakwa, ndetse ikazoba iri no mu vyo ikomine izokwerekana yaranguye aho tuzoba twibuka imyaka 56 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira. Muri ivyo bikorwa, Reta y’Uburundi ikaba iterera isima, ivyuma vyo kwubaka hamwe n’amabati. Iyo nyubakwa ikaba iriko yubakwa n’abanyagihugu biciye mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Tubamenyeshe ko aho ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, ivyo bikorwa vyari vyitabwe kandi n’abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Ngozi.

Déo Misigaro

Ouvrir