Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yarashimiye intwazangabo zirongoye abajejwe gucungera inzego kubera zakoze neza mu mwaka uheze

DSC 0017kkkkkUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asabira inkomezi zivuye ku Mana intwazangabo ziri mu makambi y’igisirikare n’igiporisi ajejwe gucungera inzego. Abo bari muri izo nzego ngo barakoze neza mu mwaka uheze w’2016 bakaba bahawe n’Umukuru w’igihugu amanota 96%. Ivyo akaba yabivuze mw’ijambo yashikirije ku wa 5 Ntwarante 2017, aho yariko yipfuriza umwaka mwiza w’2017 intwazangabo z’igisirikare n’igiporisi zo mu makambi ajejwe gucungera inzego bari kumwe n’abatambukanyi babo. Nk’uko Umukuru w’igihugu yabandanije abishikiriza, ngo mu mwaka uheze, Imana yarabashoboje kubungabunga amahoro n’umutekano. Nk’intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi zijejwe gucungera inzego, ngo harabaye ukwizera Imana yabashoboje gukora neza. Ukwizera nakwo ngo kutagira ibikorwa ngo kuba kwarapfuye. Muri ayo makambi ajejwe gucungera inzego, ngo imirimo yaranguwe neza. Kwipfurizanya umwaka rero ngo ni akaryo keza ko gutereza amaso inyuma kugira barabire hamwe ibikorwa bajejwe uko vyagenze. Imirimo rero ngo yararanguwe neza, aho baronse n’amanota 96%. Abo mu nzego nk’izo, ngo iyo bakoze neza, ngo bitera iteka igihugu, ngo ni ukubishimira Imana. Ngo umwaka w’2017, uzobabere uw’amahoro y’Imana, amagara meza, begere Imana nayo izoheza ibashoboze kurangura neza amabanga bajejwe. Inkomezi zitavuye ku bumenyi bwabo, ahubwo inkomezi zivuye ku Mana. Uwu mwaka w’2017, ngo bagire ubwenge bwo gutandukanya icatsi n’ururo. Eka ngo uwu mwaka utanguye, bazogire ikiganza ciza, bahereye mu miryango yabo, bagire ingo zikomeye, aho niho n’igihugu kizogenda neza n’imirimo bajejwe.Izo ntwazangabo mu gisikare n’igiporisi zo mu makambi ajejwe gucungera inzego zisabwa kugira urukundo. Umukuru w’igihugu akabasaba gushinga ishirahamwe ryo gushigikirana, urwo ngo nirwo rukundo rurama. Eka ngo nawe akazogira ico afashije muri iryo shirahamwe, gutyo bategure kazoza kabo n’akuruvyaro rwabo. Vyongeye, ngo umwami yamye agirwa n’abagabo. Mu mwaka uza, ngo bazokwipfurizanye umwaka bazananye n’uruvyaro rwabo. Ivyo ngo bizotuma abo bana bakura bazinanye, bagire urunani. Akaba yasozereye iryo jambo abasaba kubera akarorero abandi. Abo muri izo nzego nabo bakaba bipfurije umwaka mwiza umuryango w’Umukuru w’igihugu ngo uzobabere uw’amata n’ubuki.

 Déo Misigaro

Ouvrir