Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Muyinga : Prezida NKURUNZIZA arashima ibikorwa vy’inyabune

deeeeUmukuru w’igihugu arashima ibikorwa birangurwa n’inyabune, ni ukuvuga ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ubw’umutekano, ubw’ubutungane hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati. Umushingwamanza kizigenza wa Repuburika nawe akaba asaba ko hokwubakwa ibohero karuhariwe ryo kwakira inkozi z’ikibi karuhariwe zikunze gutoroka amabohero ziciye mu ryahumye abajejwe ubutungane n’abajejwe gucungera amabohero. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nama yari irongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, ku wa 7 Ntwarante 2017, ku Mukoni, muri komine n’intara ya Muyinga, iyo nama ikaba yahuje abarongoye uturere twa gisirikare, abakomiseri mu giporisi, abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ubutungane hamwe n’abajejwe intwaro mu gihugu hagati. Nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean-Claude Karerwa yabandanije abishikiriza, ngo abansi b’Uburundi bari bagerageje gucafuza igihugu. Ariko ngo basokuru barayamaze ngo umwasi agucira icobo Imana ikagucira icanzo. Ivyegeranyo bisohoka bicafuza Uburundi ngo bakwiye kumenya ko hariho abatari bake bazi ko mu Burundi hariho ivyiza bihakorerwa, na cane cane ko abarundi baza gufasha mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano mu makungu. Prezida NKURUNZIZA , Petero NKURUNZIZA araremesha abarundi ababwira ko naho hari utugorane twatewe n’ihindagurika ry’ibihe, ngo tuzobivamwo narirya akavura kariko karagwa mu ntara zitandukanye. Vyongeye, ngo Umukuru w’igihugu asaba abarundi bose kwerekana umutima, umwete n’ubwira ntibame bazera inze. Mu bihe vy’ingorane, abarundi basabwa gukomeza umutima wo gufashanya no gufatana mu nda. Ku bihaye intumbero yo kunyonyeza amabanki, amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana hamwe na posita, ngo abo bantu bafise intumbero yo guhungabanya umutekano w’igihugu biciye mu gusubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu. Umukuru w’igihugu aragabisha abarongoye amabanki, amashirahamwe yo kuguranana ko ayo mafaranga yibwa atari ayabo, ahubwo ari ay’abanyagihugu biziganiriza kugira azobafashe muri kazoza yongere afashe mu kurangura ibikorwa vy’iterambere biciye mu ngurane zitangwa.

Amakomine asabwa gukingira ibidukikije mu gutera ibiti

Mu gisata co gukingira ibidukikije, Umukuru w’igihugu atera akamo amakomine yose guteragira nimiburiburi amahegitari 50 y’ibiti, abikurikirane kandi vyongere bikingirwe. Bisubiye, ngo igikorwa co kwigisha abarundi kugira inyifato nziza kigiye kubandanya, ivyo ngo bizofasha kugira abarundi bamenye iyo baja n’iyo bava. Vyongeye, ngo ivyo bizofasha kugira umugera w’amacakubiri bakavamahanga bateye mu barundi ubavemwo, Uburundi bwubakwe bushingiye ku miryango nk’uko vyari bimeze kuri basokuru na basokuruza. Muri izo nyigisho, ngo bazokwigishwa kumenya imiryango yabo, akamaro k’umuryango, gutyo igihugu cubakwe gishingiye ku miryango. Ku barongozi, basabwa gukingira ubutunzi bw’igihugu, umwimbu turonka ngo tuwusabikanije neza, ngo urashobora kudukwira. Mu ntumbero yo gukomeza umutima wo gufashanya, ngo uko amezi atatu aheze, hagiye kuza haratororokanywa imfashanyo igizwe n’ibifungurwa hamwe n’ivyambarwa vyo kugarukira ku babikeneye. Ku kibazo c’abana bo mw’ibarabara, ngo iyo mvugo ikwiye kuranduranwa n’imizi kuko ngo umwana wese aba afise aho yavutse, abuze abavyeyi, umuryango woheza ukamufasha. Ku bantu bari bapfunzwe baherutse guhabwa ikigongwe n’Umukuru w’igihugu basubiye mu bugizi bwa nabi, ngo baze barabahanura, hakorwe n’intonde zabo, bishitse bagasubira gufatirwa mu makosa, ngo nta kigongwe bazosubira kuronswa. Abarongozi bari bitavye iyo nama Umukuru w’igihugu yarabashimiye ku migenderanire myiza bafitaniye na bagenzi babo bo mu bihugu dusangiye imbibe. Eka ngo n’igihugu c’Urwanda dufitaniye utubazo, ngo tuzohera kubera ariko vyamye no muri kahise na cane cane ko abarundi bafise umubano mwiza. Ku bahunze igihugu, abarongozi basabwa gucunga ibintu vyabo, ntihagire ababigurisha kuko bazogaruka mu gihugu c’amavukiro. Kuri wa murwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, ngo abarundi basabwa gutanga ivyiyumviro, uwo murwi ngo niwo uzofasha abarundi kumenya ukuri no gusubiza hamwe. Umukuru w’igihugu yasozereye inama abahaye amanota 96%, inyuma y’inama nk’iyo yabereye ku Ntamba, muri komine Musigati, mu ntara ya Bubanza haciye amezi atatu. Inyuma y’iyo nama, Umukuru w’igihugu yaragiye kwirabira aho ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru co ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga bigeze. Tubamenyeshe ko ku muhingamo, Umukuru w’igihugu yakurikiranye urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje umurwi wa « Lion star » wo ku mutumba Buye, zone Buye muri komine Mwumba hamwe n’umurwi wa Kayuki FC wo ku mutumba Gitasi, zone na komine Mwumba. Umurwi « Lion star » ukaba watsinze ibitsindo 5 ku busa bw’umurwi wa Kayuki FC. Iyo mirwi yompi ikinamwo abatwa ikaba yatahutse igabanye impene imwe imwe, mu ntumbero yo kubatera intege.

  Déo Misigaro

      

Ouvrir