Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Denise NKURUNZIZA asaba abakenyezi bari mu nzego z’umutekano kugendera ubuntu n’ugutera iteka igihugu cabibarutse

bvcwUmutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA asaba abakenyezi n’abigeme bari mu nzego zijejwe umutekano kugira ingeso nziza kuko ngo bitera iteka abakenyezi ubwabo, n’igihugu. Izo ni zimwe mu mpanuro yabatekereye mu nama ku wa 7 Ntwarante 2017 i Bujumbura, mbere kakaba kari n’akaryo ko gutegura umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uhimbazwa kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka urangiye. Muri iyo nama, Denise NKURUNZIZA, yagiranye n’abo bakenyezi bari muri izo nzego, yabanje kubakeza ku bikorwa vyiza barangurira igihugu mu gucungera umutekano waco. Ngo kubona ari abigeme n’abakenyezi bahagurutse bagacungera umutekano w’igihugu, ngo ni intambwe ihambaye y’ugufata ingingo ku mukenyezi. Eka mbere ngo baranaberwa iyo bariko barangura akazi kabo. Niko guca rero abasaba kwisuzuma kugira ngo barabe ico bamariye imiryango n’igihugu. Ngo igihe c’umunsi mukuru wahariwe umukenyezi gikwiye kuba ico kwirimbura. Ngo umukeyezi akamenya ivyo yashoboye kurangurira umuryango eka n’urwego asanzwe aranguriramwo amabanga yiwe. Yagarutse ku ngeso mbi kenshi ziranga abakenyezi bamwe bamwe bari mu rwego rw’igiporisi. Aha yagarutse ku ngeso y’akaborerwe, ubusambanyi n’ibindi. Ngo izo ngeso zituma uwuzifise ataba umwizigirwa. Ngo rero kugira inyifato nziza mu kazi kabo bizoha iteka igihugu kandi ngo ni wo munezero w’abakenyezi. Ngo biratera iteka iyo hariko haratangwa udushimwe ku bakenyezi baba barabaye abizigirirwa. Denise NKURUNZIZA yasavye abo bakenyezi n’abigeme bari mu rwego rw’igiporisi kuba abizigirwa kugira inyifato nziza. Ica mbere ngo bakwiye gukora neza mu bwizigirwa ivyo bahamagariwe gukora. Ngo yasanze inzego z’umutekano babaye abizigirwa. Abaganga, abashikiranganji, abakenguzamateka, inzego zose ngo zikoze mu bwizigirwa igihugu cogira amahoro. Ngo umwizigirwa ntarya igiturire. Ngo uwuzoba umwizigirwa Imana izomusumbusha vyinshi kuruta ivyo arondeye ku nguvu. Ngo umwizigirwa abumbwa n’ivyo aronka mu kazi bikurikije amategeko. Ku bwa Denise NKURUNZIZA ngo umuntu atunze ni uwubumbwa n’ivyo afise. Ikindi Denise NKURUNZIZA yabwiye abo bapolisi b’abakenyezi n’abigeme ngo bogira ubumwe. Ngo birakenewe ko bubahana kuko ngo n’amategeko abagenga ariko abibasaba. Ivyo vyose ngo bakwiye kubikora mu rukundo. Denise NKURUNZIZA yasavye abo bakenyezi n’abigeme bari mu nzego z’umutekano kudasambana, kwirinda kuborerwa kuko ngo izo ngeso zituma haba umutekano muke kuko ngo ubusambanyi n’akaborerwe bitera ubwicanyi. Yabasavye kwitwararika ingo zabo. Ngo bibuke kugamburukira abo bubakanye kandi bame hafi n’abana bibarutse. Imbere y’uko iyo nama irangira bamwe mu bakenyezi n’abigeme bari muri urwo rwego barahawe ijambo maze barashimira cane umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA kubona abahaye impanuro za kivyeyi mbere bemera ko bagiye kuzikurikiza mu mirimo yabo ya minsi yose. Denise NKURUNZIZA yasozereye iyo nama ashimira abayitavye ku mirimo myiza barangura mbere anabemerera ko azokwama abagendera igihe cose bikenewe. Umupfasoni, komiseri mukuru mu giporisi ari nawe arongoye urunani rw’abakenyezi n’abigeme bari mu giporisi, Jenerali, Générose Ngendanganya yarashimiye cane Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu kubona yama hafi abo bakenyezi n’abigeme bari mu giporisi. Ngo barakiriye neza impanuro baronkejwe. Mbere banasavye ko yogendera n’abandi baporisi n’abigeme b’abakenyezi bari mu makambi atandukanye mu gihugu hagati.

Nathan Ntahondi

Ouvrir