Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abana b’abakozi b’Imana bahamagariwe kwitandukanya n’icaha

DSC 1453Abana b’abakozi b’Imana basabwa kuba ab’ikimazi mu gihe cabo hamwe no kwitandukanya n’icaha. Ako kamo bagatewe n’umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA igihe yari aramutse atanga inyigisho ku bana b’abakozi b’Imana kw’igenekerezo rya 4 Ntwarante 2017 mu kigo «centre communautaire c’ i Bujumbura». Denise NKURUNZIZA mu nyigisho yabahaye, yabamenyesheje ko icatumye abatumako ngo baganire ari uko atagomba ko abo bana batakaza umwanya, kumenya ico Imana ibagombako. Ngo nk’abana b’abakozi b’Imana bafise intango nziza adashaka ko ibapfako ubusa nayo ngo ubuntu bw’Imana bafise ngo ntibakwiye kubupfisha ubusa. Ikindi catumye abatumako gukurikirana izo nyigisho, nk’abana b’abakozi b’Imana, ngo ni abafasha b’abakozi b’Imana mu buryo bwo gusengera abavyeyi nk’abakozi b’Imana, kubashigikira mu bikorwa vy’Imana mu kuba abadiyakoni babo, kugira ingeso nziza, hamwe no kwinjira mu bikorwa vy’Imana. Yabasavye ko ku myaka yabo batosamara kuko bosanga bariko bahomvya ishengero n’igihugu kuko ari abanyenkomezi. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yabasavye kubanza gushimwa n’Imana imbere yo kurondera gushimwa n’abantu ngo kuko Imana yabashimye n’abantu bazobashima. Yarongeye abasaba kuba ivyitegererezo vy’abandi mu vyo bakora, mu vyo bavuga no mu nyambaro, abasaba gukura nka Samuel yamye ashimwa n’Imana.Yarababwiye ko no ku myaka yabo bashobora gukorera Imana ngo na Yowasi bamugize umwami ku myaka 7. Ngo bakwiye kwama biteguye kuko Imana iha bose hamwe n’abana b’abakozi b’Imana kuba abikimazi mu gihe cabo bakitandukanya n’icaha. Yaranagarutse ku gituma abana b’abakozi b’Imana badakizwa, ivyo navyo ngo biva ku kamenyere, kuba mw’idini no ku ruhara rw’abavyeyi batitaho abana n’uko shetani ikunda gutera abana b’abakozi b’Imana kuko abavyeyi babo iba yarabuze aho ibakura. Aho naho nyene yaciye abasaba kwisengera, kurondera kuva muri kamenyere no kuba maso kuko shetani ibarondera rwose. Denise NKURUNZIZA yarabipfurije kuba abana b’abakozi b’Imana bafise iyerekwa, babona iyo bariko baraja, bakiha intumbero yo gukorera Imana. Ku rwaruka rutarasambana, yabasavye guhunga ico caha c’ubusambanyi no kwizigama nk’abakozi b’Imana. Aho naho akaba yaciye abaha akarorero k’abana ba Elie bari mu nzu y’Imana hanyuma basambanirayo Imana ica ihagarika isezerano bivuye ku vyaha. Inyuma y’izo nyigisho umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yaciye asengera abana bari basanzwe mu ntege nke hamwe n’abatari bwakire umwami Yesu

Evelyne Niyonzima

Ouvrir