Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abashingamateka n’abakenguzamateka baratanze intererano ku cokorwa kugira amahoro na demokarasi bitsimbatare

17190389 725625977620394 1183212294640762005 nUmurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi CNDI waratunganije ku wa 9 Ntwarante 2017 ibiganiro ku bashingamateka n’abakenguzamateka. Uwurongoye umurwi CNDI, Justin Nzosaba yamenyesheje ko ivyo biganiro ku bashingamateka no ku bakenguzamateka ari ivya nyuma kuko uwo murwi wahejeje gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi mu ntara no mu makomine yose yo mu gihugu no hanze y’igihugu nko mu bihugu vya Norvège, Danemark na Suède. Nzosaba yabandanije asaba abashingamateka n’abakengunguza ko boterera nabo ku cokorwa kugira umuti uhurirwako n’abarundi benshi uboneke kugira mu Burundi harangwe amahoro na demokarasi birama. Ku bw’umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda , ngo amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa Shingiro nivyo bikunda gutera ingorane. Ngo muri iki gihe harageze ko baraba ivyakurikijwe n’ibitakurikijwe mu masezerano y’i Arusha. Ngo birakenewe ko Ibwirizwa Shingiro rihinduka kugira barabe ko ibice 5% bisabwa kugira umugambwe kananaka uronke umushikiranganji canke ibice 2% kugira umugambwe uronke umushingamateka bigikwiye. Ngo birakenewe ko ibiringo vy’Umukuru w’igihugu vyokumvikanwako ku buryo ivyo biringo biheze awatowe azosubira kugaruka mu nyuma. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko biboneka ko ibiganiro biriko bibera i Arusha birongowe na Benjamin Mkapa bitari kumwe n’ibiriko bibera mu Burundi bihagarariwe na CNDI. Ngo birakenewe ko umurwi CNDI wokorana na Mkapa. Ngo imigambwe yogabanywa ikareka kuba myinshi. Ngo hoba kurwiza ubuzi ku buryo Reta izoba itanga 20% vy’akazi na yo 80% kagatangwa n’abikorera ivyabo. Ku bw’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka, Agathon Rwasa kugira amahoro na demokarasi bitsimbatare harakenewe intwaro yo kwiyumvamwo abanyagihugu, abarundi bakidegemvya. Ngo imigambwe yamanyaguritse yoronswa uburyo bwo kwitunganya ku buryo ata kuboko kutaboneka kwovyinjiramwo. Ngo abarundi bakwiye kwikebuka bagaheba uburyarya, inzigo y’akazikira ikahava. Ngo ibiringo 2 vy’Umukuru w’igihugu birakwiye. Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Spès Caritas Njebarikanuye yamenyesheje ko kugira amahoro na demokarasi birame, umukenyezi yohabwa ikibanza kibereye. Eka n’abandi bashingamateka n’abakenguzamateka b’abakenyezi barasavye ko abakenyezi boserukirwa mu nzego zose ku bice 50%. Muri ivyo biganiro hagati y’abashingamateka n’abakenguzamateka, hari abasavye ko hoba gutandukanya umu gambwe uri ku butegetsi na Reta gurtyo ngo hoca haba ukwihanganirana n’agateka ka zina muntu kakubahirizwa. Ngo kubera abanyagihugu b’abarundi barenga 90% ari abarimyi, hoshirwaho ubuhinga bushasha bwo kurima.

Aline Kanyana

Ouvrir