Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ukwizera Imana ngo ni umutahe udahomba

jujuyhUkwizera Imana ngo ni umutahe udahomba. Ariko rero ngo bamwe mu bana b’abantu hari abizera amatungo, amafaranga, ubwenge bwabo, imiryango yabo ,n’ibindi. Eka ngo ukwizera Imana guhishijemwo ubwiza bw’Imana, ukwizera Imana rero ngo ni ukuva mu bwiza uja mu bundi. Izo ni zimwe mu nyigisho zatanzwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, aho yari yagiye gusangira igisabisho co ku munsi w’Imana n’abayoboke b’ishengero ry’Urutare ry’i Buye, ku wa 5 Ntwarante 2017. Izo nyigisho zishingiye ku kwizera Imana akaba yazitanze yishimikije ivyanditswe mu Vyagezwe, igice ca 28 kuva ku murongo wa mbere gushika ku murongo w’9 hamwe no mu njili yanditswe na Yohani mw’isezerano rishasha, igice ca 15 kuva ku murongo w’7 gushika ku w’8.

Nk’uko Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza, ngo nta kintu kiba ku muntu yizera Imana itamwibiye akabanga. Ku bw’ivyo rero, ngo abantu dukorere Imana kandi tuyitinya. Mu vyo dukora vyose, ngo tubikore twizeye Imana kubera uko kwizera Imana ngo ari inkomoko y’umuhezagiro n’umugisha. Eka ngo ntushobora kuronka umugisha udahezagiwe, umuhezagiro w’Imana ngo uratandukanye cane n’uw’abana b’abantu. Bisubiye, ngo ukwizera Imana guhishijemwo ubwiza bw’Imana. Ukwizera Imana rero ngo ni ukuva mu bwiza uja mu bundi. Ese ngo Imana yotahuza abarundi kwizera Imana. Vyongeye, ngo basokuru barayamaze ngo uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi kandi ngo usaba umwiza mugasa. Uwo wese yizera umwana w’umuntu , abizera amafaranga, amatungo, ubwenge bwabo, abo bose ngo baratakaye. Ndetse ngo kwubaha Imana niryo tanguriro ry’ubwenge. Eka ngo no mu mabwirizwa icumi, rikuru risumba ayandi ngo ni uko twokunda Imana tukongera tugakunda n’abagenzi bacu. Kuri abo bose bizera amatungo yabo, ngo bakwiye kumenya ko tutabeshejweho n’ibifungurwa, ahubwo ngo ukubaho kwacu kuri mu biganza vy’Imana. Ukubaho rero ngo kuratandukanye n’ibifungurwa dufungura, ibinyobwa dufata, ivyo ngo ni ibifasha umubiri w’umuntu. Umugororotsi ngo abeshwaho n’ukwizera Imana kurya Imana itanga akazuba keza n’akavura gakenewe ku rugero, ngo niwo mwitwarariko wayo, ngo nico gituma iyo Mana twoyizera, tukayubaha kandi tukayitinya. Ese ngo abarundi twokwizera Imana kubera ivyiza imaze kudukorera. Ku buntu bwayo ngo turaryama, tugasinzira, tukavyuka turi bazima, ivyo ngo birakwiye kugira twizere Imana. Bisubiye, ngo umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera Imana kwiwe. Ukwizera Imana ngo ni urufunguruzo rw’imiryango myishi y’ubuzima, umuhezagiro wayo nawo ngo uduha vyinshi. Eka ngo no muri Bibiliya haranditse ko nitwagira ukwizera kungana n’urutete rwa Sinapi, ngo tuzobwira imisozi ngo va ngaho, iheze yiyunguruze ije ahandi. Prezida NKURUNZIZA yasozereye inyigisho yerekana ibintu icenda vyerekana uwizera. Eka ngo uwizera ngo ategerezwa kwemera kugendana n’Imana, akabana nayo akongera agakorana nayo. Uwizera Imana ngo ategerezwa kumenya kuyisaba. Vyongeye, ngo uwizera Imana ategerezwa kugendera mu majambo y’Imana mu kuyishira hejuru n’ukuyiha icubahiro. Uwizera ngo atagerezwa kugenda n’ukugendera mu muhezagiro w’Imana. Ukwizera rero ngo ni urugamba rwa minsi yose kubera ibitugerageza ari vyinshi. Eka ngo abizera bagira umuhezagiro mu ruvyaro. Ingabire ngo Imana itanga mu muryango ni ikibondo. Ukwizera ngo kuzotuma ibigega vy’abemera vyama vyuzuye. Uwo wese yizera ngo yogira urugendo rwiza. Aha kw’isi rero ngo turi ku rugendo, urwo rugendo si urwacu, ngo ni urw’Imana. Eka ngo dukwiye kwitwararika ivy’ubwami bw’Imana. Abizera bagira abansi. Intambara uwizera agira n’abansi ngo Imana niyo imenya uko ihera. Gahini na Abeli, aho Gahini yica mwenewabo Abeli bari bapfuye umugisha w’Imana. Eka ngo Imana ntiyibagira isezerano yagiranye n’abayizera. Uwizera ngo ashingirwa intahe n’Imana. Iyo Imana igushingiye intahe, ngo wambara ubwiza bwayo. Uwizera ahabwa ububasha n’ubushobozi buva ku Mana. Umwami Salomo, ngo aho yasaba Imana, yayisavye ubwenge n’ubwitonzi bwo kurongora abo yari ajejwe. Haruhande yo kumuha ubwo bwenge n’ubwitonzi, ngo Imana yamuhaye ubutunzi, ukuramba no guhishura ibinyegezwa, izo ngo ni ingabirano ziva ku Mana.

    Déo Misigaro

      

Ouvrir