Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nkenguzamateka: Integuro y’ibwirizwa ijanye n’ingurane yo kwubaka ingomero z’umuyagankuba kuri Jiji na Murembwe yaremejwe

wbqhdUmuyagankuba ungana na megawati (MW) 49,5 niwo witezwe, inyuma y’myaka ine, ko uzotangwa n’ingomero zizokwubakwa ku nzuzi za Jiji na Murembwe ziri ku mupaka w’intara za Rumonge na Bururi. Ngo bizotuma ikibazo c’ubukene bw’umuyagankuba bwibonekeza cane mu Burundi gitorerwa inyishu irama. Ivyo vyasiguwe n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, Côme Manirakiza igihe yariko arashikiriza abakenguzamateka imvo n’imvano y’integuro y’ibwirizwa rijanye n’ingurane y’amafaranga y’abanyaburaya angana n’imiriyoni 70 ibanki y’abanyaburaya ijejwe iterambere ry’ubutunzi (BEI) yemeye guha Uburundi. Hari ku wa 28 Ruhuhuma 2017 i Bujumbura. Iyo nteguro y’ibwirizwa yaremejwe n’abakenguzamateka bose. Côme Manirakiza yamenyesheje ko iyo nteguro y’ibwirizwa yateguwe mu ntumbero yo kugira ngo Reta y’Uburundi ishobore kuronka uburyo bwo kwubaka ingomero z’umuyagankuba mu gihugu. Ngo ivyigwa vyakozwe bishigikiwe n’ibanki y’isi yose vyerekanye ko, ku bibanza 10 biri ku nzuzi zitandukanye vyatororokanijwe mu gihugu, ivyo kuri Jiji na Murembwe arivyo vyiza cane vyotanga umwimbu mwinshi kandi mwiza w’umuyagankuba igihe bizoba vyubatsweko ingomero. Ngo inyuma y’imyaka ine zimaze kwubakwa, izo ngomero zibiri zizotanga umuyagankuba ungana na MW 49,5 ni ukuvuga MW 32,5 kuri Jiji na MW 17 kuri Murembwe. Uwo muyagankuba wose ngo uzosahiriza cane mu kurwiza umuyagankuba mu gihugu gurtyo ubukene bwinshi bwawo bwibonekeza muri kino gihe buzoheze butorerwe inyishu irama. Umushikiranganji Manirakiza yaboneyeho rero gusaba abakenguzamateka kwemeza iyo nteguro y’ibwirizwa rijanye n’amafaranga y’abanyaburaya imiriyoni 70 ariyo angana n’amadorari y’abanyamerika imiriyoni 95, kugira ngo Reta ishobore kuzoyaronswa n’ibanki BEI mu ntumbero yo kwegeranya uburyo buzokoreshwa mu kwubaka izo ngomero uko ari zibiri. Abakenguzamateka bahavuye babaza ibibazo bitandukanye nk’ibijanye no kumenya aho ayandi mafranga azova yo kwubaka izo ngomero n’abazoyatanga, ibindi bikorwa bijanye no kurwiza hamwe no gukwiragiza neza umuyagankuba mu gihugu, ko ivyo gukurakuranwa kuronka umuyagankuba bizorindira iyo myaka ine yose kugira ngo biveho, ko hari umwizero ko hazoboneka umuyagankuba ukwiye wo gucukura ubutare Nickel bw’i Musongati, Côme Manirakiza yishuye ko umugambi wo kwubaka ingomero kuri Jiji na Murembwe uzotwara amafaranga yose hamwe angana n’amadorari y’abanyamerika (USD) 270,40. Ngo ibanki y’isi yose niyo yemeye gufasha Uburundi kurondera abayatanga no kwegeranya ayo mafranga yose. Ngo ibanki y’isi yose ubwayo yemeye gutanga imfashanyo y’imiriyoni 100 USD, ishirahamwe ry’abanyaburaya imfashanyo y’imiriyoni 36,60 USD, ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD) imfashanyo y’imiriyoni 22 USD, ibanki BEI nayo ingurane y’imiriyoni 95 USD. Ngo ku bijanye n’ayo yandi asigaye, Reta y’Uburundi izotanga imiriyoni 14,30 USD ishirahamwe REGIDESO naryo rizotange imiriyoni 2,50 USD. Yamenyesheje ko abo bose batanguye kuja baratanga ayo mafaranga bemeye kiretse ibanki BAD kuko yoyo izoja irariha amafaranga y’ibikorwa nyezina bizoba biriko birarangurwa mu kwubaka izo ngomero, navyo bikaba bitaratangura. Manirakiza yaramenyesheje ko porogarama yo gutunganya ukundi gusha ishirahamwe REGIDESO mu gukahiriza ubwenge abakozi bayo no kurironsa ivyuma n’ibikoresho bishasha bigezweho,   ija yaratanguye kugira ngo iryo shirahamwe ryari rimaze imyaka irenga 50 rikoresha umuyagankuba utarenza MW 40, rizoshobore kuzokwitunganya neza mu gukwiragiza no kugurisha umuyagankuba rishobora kuzoronka uri hagati ya MW 150 na 250. Côme Manirakiza yabandanije amenyesha ko hari izindi ngomero ziriko zirubakwa ku buryo butangwa na Reta y’Uburundi. Ngo ni nk’urugomero rwo ku ruzi Kaburantwa ruzotanga umuyagankuba ungana na MW 16 hamwe n’urwo ku ruzi Mpanda ruzotanga MW 10, 4. Ngo naho ibikorwa vyo kwubaka izo ngomero bigeze ku rugero rushimishije rwa 50%, biragoye kuvuga igihe nyaco uwo muyagankuba uzobonekerako kuko uburyo bwa Reta si ikirenga, buja buraboneka buhoro buhoro. Ngo hari n’urugomero rwa Rusumo ruriko rurubakwa biciye ku mugambi usangiwe n’ibihugu 3 arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya. Ngo narwo ruzosahiriza cane mu kurwiza umuyagankuba mu Burundi hatibagiwe urundi rugomero runiniya narwo nyene ruriko rurubakwa mu gihugu ca Ethiopie rushobora kuzoha Uburundi umuyagankuba ungana na MW 200. Umushikiranganji Côme Manirakiza yarongeye aramenyesha ko hari n’imigambi yo kurwiza umuyagankuba biciye ku mishwarara y’izuba. Ngo hari mbere n’abarwizatunga bo mu mahanga bamaze kwerekana ko bipfuza kuza gukorera muri ico gisata. Yaboneyeho guhumuriza abanyagihugu ko Reta iriko irakora ibishoboka vyose kugira ngo ivyo gukurakuranwa mu kuronka umuyagankuba bizoshirane n’uwu mwaka turimwo w’2017. Ngo icipfuzo ni uko umwaka w’2018 wotangurana iyindi shusho mu bijanye no guha umuyagankuba abanyagihugu bose bawukeneye muri kino gihe. Ariko rero ngo abantu bomenya ko umuyagankuba uzohabwa igiciro cawo kiwubereye ni ukuvuga ko kizoduga ku buryo ariko kitavuna cane abanyagihugu. Umwe wese akaba ahamagariwe kuzowukoresha neza ni ukuvuga iyo bikenewe gusa. Ku bijanye no gucukura ubutare bwa Nickel, Manirakiza yaratanze umwizero ko ico gikorwa gishobora kuzoronka umuyagankuba ukwiye umuntu akurikije iyo migambi yose yavuzwe yo kurwiza umuyagankuba. Ibikorwa vy’uwo munsi vyarangiye abakenguzamateka bose uko ari 36 ni ukuvuga 32 bari bahari na 4 bari batumye, bemeje iyo nteguro y’ibwirizwa rijanye n’ingurane y’imiriyoni 70 y’amafaranga y’abanyaburaya izofasha mu kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi Jiji na Murembwe.

Schola Uwanyirigira

Ouvrir