Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abegwa n’umugambi wo gukingira ikiyaga Tanganyika bahamagariwe kukigarukira amazi atararenga inkombe

IMG 20170218 WA0007Ikiyaga Tanganyika kirabangamiwe cane muri kino gihe n’imicafu myinshi yonona amazi n’ ibinyabuzima bibamwo nk’ifi. Harageze nimba hatariko hararengerana ko abarongoye igihugu harimwo abarongozi b’igisagara ca Bujumbura bafata nkama ico kibazo kugira ngo ico kiyaga gisanzwe gifitiye akamaro kanini abarundi na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura, gikingirwe amazi atararenga inkombe. Ako kamo katewe na Albert Mbonerane, umuhinga w’umurundi mu bijanye no gukingira ibidukikije. Hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE mu minsi iheze. Albert Mbonerane yatanguye yibutsa ko ikiyaga Tanganyika ari kimwe mu biyaga bikomeye vyo kw’isi. Kirimwo amazi meza yo kunywa hamwe n’ubwoko bwinshi bw’ifi mbere zimwe nka Sangala, Mukeke n’indagara ntahandi ziboneka atari muri ico kiyaga gusa. Ico kiyaga ngo gisangiwe n’ibihugu bine arivyo Uburundi, Tanzaniya, Zambiya na Kongo iharanira intwaro rusangi (RDC). Ku bijanye n’akamaro kaniniya ikiyaga Tanganyika kimariye abarundi, Mbonerane yamenyesheje ko gitanga amazi meza ishirahamwe REGIDESO riha ibice 80% vy’abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura. Yongeye aragaruka ku bwoko butandukanye bw’ifi ziryoshe cane abarundi n’abanyabujumbura bita « akaboga » bakunda kwihereza. Aha ntiyibagiye kuvuga amafaranga y’agaciro menshi ingenzi zozana mu gihugu mu gihe ico kiyaga gikingiwe neza hanyuma kigakorerwako imigambi itandukanye yo guteza imbere igihugu. Ku vyerekeye ingene ikiyaga Tanganyika kimerewe ku mugabane w’amazi y’i Burundi, Albert Mbonerane yamenyesheje ko kimerewe nabi cane kubera imicafu y’ubwoko bwose isukwa muri ico kiyaga. Yaravuze ko ikiyaga Tanganyika kibangamiwe n’imicafu izanana n’inzuzi zicisukamwo nka Rusizi, Ntahangwa, Kanyosha, Nyabagere n’izindi. Iyo micafu ikaba ngo itabwa muri izo nzuzi n’abantu baba ku nkengera yazo. Ntiyibagiwe kuvuga ku mahinguriro amwe amwe asuka imicafu yayo muri ico kiyaga hamwe n’abantu baba hafi y’ico kiyaga baja kumesura no gushira imyanda itandukanye muri ico kiyaga. Mbonerane yaragarutse no ku bantu bubaka kugeza ku nkombe y’ikiyaga Tanganyika canke y’izo nzuzi bakirengagiza ivyo kwubahiriza i metero 25 z’inzuzi n’imetero150 uvuye ku nkombe y’ikiyaga Tanganyika zitegekanijwe n’amategeko. Ngo ivyo vyose biratuma ikiyaga Tanganyika cuzuranamwo imicafu n’ibivu biheza bikonona amazi, ibinyabuzima birimwo navyo bigahona canke bigahunga. Ku bijanye n’ingaruka z’uko kwononekara kw’ikiyaga Tanganyika, Mbonerane yavuze ko izo ngaruka ari mbi cane. Ngo amazi arononekara kandi akagenda aragabanuka. Ngo dufatiye kuri ico, mu gihe amazi meza yo kunywa n’ayo gukoresha yobura, nta buzima bwoshoboka cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Yaboneyeho kumenyesha ko ubu ishirahamwe REGIDESO risigaye rikura amazi meza ya Tanganyika ku birometero 3 n’imetero 500 (3,500 km) mu gihe nko mu mwaka w’ 1980 ryayakura ku kirometero 1 n’imetero 800 (1,800 km). Ivyo ngo vyatewe n’iyo micafu yiyongereye ku buryo idashobora guca mu miringoti iyo amazi bayakuye hagufi aho irundanye ari myinshi. Ngo twomenya ko uko REGIDESO igenda gukura kure amazi ihinguramwo ayo kunywa no gukoresha ariko biyisaba uburyo bwinshi. Ngo niko kandi n’igiciro c’ayo mazi kigenda ciyongera cane. Ku bwa Mbonerane ngo imicafu ibandanije yiyongera mu kiyaga Tanganyika, ngo nko mu myaka 5, 7 canke 10 iri imbere, REGIDEWO izorondera kuja gukura amazi nko ku birometero 7 naho hazoba ari mu mazi yo muri RDC. Ico gihugu naco ngo birumvikana ko kitoyemerera gufata ku mazi yaco ataco irishe. Vyumvikana ko bigenze gutyo ngo igiciro c’amazi ya Regideso atawuzoba agishobora kucitura. Iyindi ngaruka mbi y’iyo micafu iguma irwirirana mu kiyaga Tanganyika ngo ihagaze ku binyabuzima biri muri ico kiyaga biguma bihona ibindi bigahungira mu mazi yo muri ivyo bindi bihugu twavuze haruguru. Ngo bibandanije uko na bwa bwoko bw’ifi butabonwa ahandi buzosigara ari umugani mu Burundi. Kuri ivyo, Mbonerane aramenyesha ko ifi n’indagara bisigaye bitakiboneka ku bwinshi mu gihe mu myaka iheze nko mu gisagara ca Bujumbura umunyagihugu wese yashobora kwihereza ifi n’indagara mbere n’umusesekara ukaboneka. Uko kugabanuka k’u mwimbu w’ifi hamwe n’indagara vyatumye zizimba cane ku buryo muri iki gihe kuvyihereza bisigaye bitorohera benshi. Mbonerane ntiyibagiye kuvuga ku ngaruka mbi iterwa n’iyo micafu isukwa mu kiyaga Tanganyika ku magara y’abantu. Ngo abahinga baratohoje basanga hariho ifi nk’izitwa tylapia » ziteba zikamenyera kuba muri ayo mazi arimwo imicafu hanyuma abantu bazihereza bagashobora kuzofatwa n’indwara ya kanseri bitewe n’ubumara izo fi zakuye muri iyo micafu. Iyo ndwara ya kanseri bikaba bizwi ko umuntu ashobora kuyimarana imyaka yababa 10 canke 15 imbere yuko yigaragaza. Ngo amazi mabi kandi arashobora gutera indwara z’urukoba, iz’inzoka n’izindi ku bantu bayanywa canke bayiyoga hamwe n’abayakoresha ibindi nko guteka no kwoza ibikoresho nk’ivyo gufungurirako. Albert Mbonerane yaboneyeho guhamagarira abarongozi b’igihugu ahereye ku barongoye igisagara ca Bujumbura co kidashobora kubaho kidafise ikiyaga Tanganyika, gushira mu ngiro bidatevye imigambi isanzwe iriho yo gukingira iryo tunga ridasubirizwa Imana yahaye ku buntu Uburundi. Ngo abayobozi ku nzego zitandukanye bofata nkama ico kibazo amazi atararenga inkombe gutyo bagahimiriza abanyagihugu kuvavanura n’ingeso mbi zo guta imicafu mu kiyaga Tanganyika no mu nzuzi zisuka muri co. Ngo amategeko y’amazi n’inyubako yo kwubahirizwa kandi hagaterwa ubwatsi n’ibiti muri za metero150 uvuye ku nkombe z’ikiyaga Tanganyika n’imetero 25 uvuye ku nkombe z’inzuzi. Ku bwa Mbonerane ngo ikiyaga Tanganyika gikingiwe neza,icizere y’uko ishirahamwe REGIDESO ryosubira gukura amazi ku km 1 gusa mu mwaka w’2025 yoshobora kuzogerwako ku neza y’Uburundi n’abanyagisagara ca Bujumbura.

  Schola Uwanyirigira

Ouvrir