Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarimyi basabwa guteragira bitarenze mu ndwi yambere y’ukwezi kwa Ntwarante Ruhuhuma guhera

cdfrtyAbarimyi basabwa kuba bahejeje mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa Ntwarante. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe uburimyi, Salvator Sindayihebura, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 27 Ruhuhuma 2017, aho ni mu gihe mu buyozi bukuru bujejwe ivy’ibirere mu Burundi (IGEBU) bamenyeshereje ko mu gice kinini c’igihugu hazogwa imvura ikwiye mu turere kama twa Bugesera, Buragane, Imbo na Kumoso naho hazogwa imvura nkeya, iyo mvura igashobora gucika mu ntango z’ukwezi kwa Rusama ahandi naho ikazocika mu ndwi zibiri z’ukwezi kwa Rusama.Nk’uko uwo muyobozi mukuru yabandanije abishikiriza, ngo abarimyi b’abarundi bomenyera guteragira isuka nyishi, ku biringo bitandukanye kubera ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe hashobora kugwa imvura nyishi canke hakibonekeza uruzuba. Ikindi ngo abarimyi bokwijukira gutera ibiterwa birinda uruzuba n’imvura, aho akavuga igiterwa c’umuceri mu myonga igazuye ku buryo bwa kijambere, ibikotikoti hamwe n’ibijumbu. Vyongeye, ngo abarimyi boza bararima mu myaba no kurima imboga kubera ko zimbuka kare ndetse zigashobora kurimwa mu myaba n’i muhira. Mu gihe c’uruzuba, ngo abarimyi b’abarundi bokwijukira kuza baravomera indimo nk’uko bisanzwe bikorwa mu bihugu birimwo ubugaragwa. Ivyo akabivuga yisunze ko mu gihugu ca Tchad abanyagihugu b’aho ngo bafise iminsi 45 y’imvura mu mwaka ariko ngo ntibigera bashikirwa n’ibibazo vy’inzara. Mu gihe c’uruzuba, ngo baraheza bakavomera imirima yabo. Haruhande yo kuvomera indimiro zabo, ngo abarundi bogira uturima tw’igikoni, kubera ko utwo turima tworoshe kuvomera. Muri bino bihe isi ihanzwe n’ihindagurika ry’ibihe, ngo abanyagihugu bomenyera guteragira imbuto nziza, zimwe zirobanuye kubera ko izo mbuto zirinda uruzuba n’imvura nyishi zikononekara zitevye. Izo mbuto zirobanuye ngo ntizitagwa ku buntu, hariho ibigo bijejwe kuzitunganya, aho abanyagihugu bashobora kuzigurira. Ku rugero rwa mbere, ngo izo mbuto zihabwa abarwizambuto bemewe bagaheza bakazirwiza. Abo barwizambuto bajejwe kuzigwiza kugira bazegereze abarimyi. Ariko rero ngo izo mbuto zirazimvye cane kubera ko zitegurwa ku buryo bwinshi. Akarorero nko ku biharage, ngo ikiro c’imbuto zirobanuye kigurwa amafaranga ibihumbi 3. Mu kigo kijejwe ubushakashatsi ISABU naho kubera ko Reta ishiramwo uburyo, ngo ico kiro kigurwa amafaranga 1500 y’amarundi. Mu ntara zizoronka imvura nkeya, ngo bokwijukira kubika umwimbu naho hoba habonetse mukeya. Ikindi ngo intara zoja zirafashanya mu gihe hari izimbuye umwimbu muke. Nko mu gihe c’irima ry’agatasi ngo intara Bubanza, Bujumbura, Kirundo na Muyinga ngo nizo zaronse umwimbu uri munsi ya 50%. Abanyagihugu baronse umwimbu ngo bogira umutima wo gufashanya. Ku bijanye n’ifumbire ku giciro kitavuna, ngo abarimyi basaba iyo fumbire ibitigiri vyagiye biraduga kuva mu mwaka w’2014. Ivyo bitigiri vyavuye ku matoni 18492,62 mu mwaka w’2014 kija ku matoni 33 362,6 mu mwaka w’irimwa w’2017 mu bihe vy’irima ry’agatasi n’impeshi. Ivyo rero ngo vyerekana ko abarimyi bakeneye kwimbura ibikwiye bakoresheje vya nkenerwa vyose, ifumbire n’imbuto zirobanuye. Mu gihe Uburundi n’isi bihanzwe n’ihindagurika ry’ibihe, ngo abanyagihugu bokwijukira gukingira amatongo mu guca imikobeko, iyo nayo ngo yofasha kugira amazi y’imvura anyengetere mu kuzimu kandi uburyohe bw’isi ndimwa ntibutwarwe n’inkukura. Ikindi ngo kugira isi igarukane uburyohe, ngo ni uko abarundi bokwijukira kurondoka ku rugero.

 Déo Misigaro

Ouvrir