Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kwijukira kuvomera indimo zabo aho bishoboka

DSC 0038Abarundi basabwa kwijukira kuvomera indimo zabo mu gihe c’ici ngo kuko biraboneka ko igihe c’ici abarundi bakimara ataco bariko barakora. Mu ci abarundi barashobora kurima ibiterwa vy’imboga bashobora kuvomera mu myaba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, ku wa 3 Ntwarante 2017, aho yari ahejeje kwugurura icese urugomero rwo kuvomera imirima rwo mu mwonga wa Nyavyamo rwubatswe ku mafaranga y’amarundi imiriyaridi 15 zatanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, rukazovomera imirima y’i Kabamba, muri komine ya Ntega, mu ntara ya Kirundo. Nk’uko Umukuru w’igihugu yabandanije abishikiriza, ngo ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD imaze imyaka 50 ifasha Uburundi haba mu bihe bigoye canke mu bihe vyiza mu bisata vy’amasoko ntanganguvu, uburimyi n’ubworozi hamwe no gutanga amazi meza mu banyagihugu. Abanyakirundo basabwe kubungabunga iyo ngabire izomare igihe kinini. Urwo rugomero rwo kuvomera imirima ngo ruzotuma abanyakirundo bashobora kurima igiterwa c’umuceri kabiri mu mwaka. Ivyo bikorwa ngo bikazoshobora gutuma bimbura amatoni 13500 ku mwaka, umwimbu ngo ufise agaciro k’imiriyaridi 15 z’amafaranga y’amarundi uko umwaka utashe. Kuva na kera na rindi, ngo intara ya Kirundo ijuru ryagenze neza, ngo yamye ari ikigega c’igihugu. Urwo rugomero ngo rufashe gutorera umuti ikibazo c’inzara, barime bimbure, ayo mafaranga azova muri uwo mwimbu ubatume bitunganiriza iyindi migambi y’iterambere biciye mu gukorera hamwe mu mashirahamwe. Muri urwo rugomero, abahateye amafi ngo bizotuma bashobora kuronka umwimbu w’amafi ungana n’itoni 500 ku mwaka. Mu gihe intara ya Kirundo iri mu zibangamiwe n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe, abanyakirundo basabwe kwitaho gukingira ibidukikije. Iryo hindagurika ry’ibihe ngo ahanini riva ku bikorwa vy’abantu aho bahungabanya ibidukikije, bikagira ingaruka mbi kuribo nyene. Aho mu ntara ya Kirundo, asaba abanyakirundo kwirinda guhereza uburyo bazokura muri ivyo bikorwa muri za nzoga zitarekuwe n’amategeko na bimwe vy’umurwazo. Ndetse ngo hagiye kujaho n’amakomite ahurikiwemwo na bose azofasha gucungera abo bose bagura imirima itarera. Umwimbu bazokura aho muri uwo mwonga ugazuwe ku buryo bwa kijambere, ngo bawufungure bagire amagara meza. Urwo rugomero abanyakirundo basabwe kurucungera, barwiteho baze barasanura ivyononekaye, ivyo badashoboye batere akamo ababakurira babifashemwo. Ikindi ngo hakwiye kujaho amashirahamwe yo guhingura umwimbu kugira ushobore kubikwa mu kiringo kinini, ushobore kubafasha mu gihe c’inzara. Muri uwo mwonga, abarongoye intara ya Kirundo basabwe gutunganya ivyo kuronsa imyaba yo kurima abanyagihugu bahereye kuri bato bato, hashirweho amakomite azoba ajejwe ico gikorwa. Uwaserukiye ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, akaba yamenyesheje ko iyo banki igiye kubandanya ishigikira Uburundi mu bikorwa bitandukanye. Ndetse ngo imbere y’uko umwaka uhera ngo hari imigambi igiye gushigikirwa n’iyo banki nyene. Intumbero y’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere ngo ni uko gushika mu mwaka w’2050, Afrika yoba ari ikigega, aho baza gusumira kubera ko ifise ibice 60% vy’isi ishobora kurimwa. Uko umwaka utashe, ngo Uburundi bukaba bugura ku masoko mpuzamakungu ibifungurwa bifise agaciro k’imiriyaridi 115 mu marafaranga y’amarundi.

 Déo Misigaro

Ouvrir