Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagariwe guhurumbira inkino kuko zifasha mu gutsimabataza ubumwe

DSC03567icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo ahamagarira abarundi guhurumbira inkino kuko zifise akamaro kanini narirya zituma abantu bahura bakagira ubumwe. Ako kamo yagateye kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2017, igihe yariko atanguza icese umugambi wo kwubaka ikibuga c’inkino zitandukanye muri zone Rohero, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura . Ngo uburyo bwo kwubaka ico kibuga buzotangwa n’ ishirahamwe mpuzamakungu Coup d’envoi pour l’espoir «CEPE».Yamenyesheje ko ico kibanza kizotunganirizwamwo inkino zitandukanye zaba iz’amaboko canke n’izamaguru. Ngo hazoba kandi hubatswe ivyumba abakinyi bashobora kuraramwo n’ivyo bashobora guhindurira impuzu. Muri ico kibuga hazokwubakwamwo ubwogero bunini bukwije ibisabwa n’amategeko mpuzamakungu. Yarashimiye ishirahamwe CEPE rikorera mu Burundi ryo ryatumiye abari mu bindi bihugu bakorera muri CEPE gukora ibikorwa vy’iterambere mu gihugu c’Uburundi kuko harimwo abavuga nabi Uburundi, bakaba barahiboneye ko hari amahoro n’umutekano. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu CEPE ko ryemeye gushigikira umugambi wo guteza imbere igihugu c’Uburundi. Yarongeye arashimira kandi ishirahamwe CEPE rikorera mu Burundi ko ryafashije kugira ico gikorwa kizotangure. Gaston Sindimwo akaba yaribukije ko inkino zifise akamaro kanini ku magara y’abantu no ku gihugukuko abantu bagira amagara meza. Ngo bakizera ko mu minsi mikeyi hazoba hatanguye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga.Yaravuze kandi ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura yobashikiriza imigambi bakaraba ko bobafasha. Yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi izoshigikira umugambi wo kwubaka ico kibuga.

Thérèse Niyonkuru

  

                      

Ouvrir