Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi ngo nibwo bubaye ubwa mbere mu gushira mu ngiro icivugo c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

DSC 0139Uburundi ngo nibwo bubaye ubwa mbere mu bihugu vyo muri Afrika bushize mu ngiro icivugo c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika (UA) c’uko irwirirana ry’abantu ritoba intambamyi, ahubwo ribe inyishu ku bibazo Afrika ifise. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye umuyobozi w’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko mu buserukizi bw’ Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe irwirirana ry’abantu FNUAP, Julitta Onabanjo, ku wa 1 Ntwarante 2017, uwo muyobozi akaba yari aje gushimira Reta y’Uburundi ku twigoro ikora mu bijanye no gufasha abakenyezi, abana hamwe na bantahonikora. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yabandanije abishikiriza inyuma y’uwo mubonano, ngo Prezida NKURUNZIZA yarashimye ibikorwa ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe irwirirana ry’abantu FNUAP rirangura mu Burundi, akarisaba kubandanya rishigikira Uburundi. Vyongeye, ngo iyo umuntu ashitse mu Burundi akibonera uko ibintu vyifashe, ngo asanga bitandukanye n’ivyo yumva. Mu gihe uwo muyobizi w’a karere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko, Julitta Onabanjo yabonanye n’abashikiranganji batandatu, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu hamwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, ngo ivyo yashikirijwe n’abo banyacubahiro nivyo biriko birarangurwa mu gihugu. Uwo muyobozi w’ishirahamwe FNUAP mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko agasabwa kumenyesha amakungu ibiriko birarangurwa mu Burundi. Akaba yamenyesheje ko ishirwa mu ngiro ry’icivugo c’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika UA rica mu gufasha urwaruka haba mu nyigisho zo mu mashure, indero kavukire, kubigisha irondoka rijanye n’amagara meza n’ingaruka mbi z’irwirirana ry’abantu hamwe ritokwisunga umurindi mu bijanye n’iterambere mu vy’ubutunzi n’imibano. Vyongeye, ngo umupfasoni Julitta Onabanjo yari aje gushimira Reta y’Uburundi mu bikorwa irangura mu bijanye no gufasha abakenyezi, abana hamwe na ba ntahonikora ndetse no guteza imbere igihugu kubera ko iryo shirahamwe FNUAP ngo rijejwe gufasha abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere. Bisubiye, ngo Reta y’Uburundi yarakoze ibikorwa bidasanzwe kandi ngo arakeza Uburundi kubona bubaye ubwa mbere bushize mu ngiro icivugo c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu gukora ibishoboka vyose kugira irwirirana ry’abantu ntiribe intambamyi, ahubwo ribe inyishu ku bibazo Afrika ifise. Tubamenyeshe ko umupfasoni Julitta Onabanjo aserukira ibihugu 23 vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko mw’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe irwirirana ry’abantu.

Déo Misigaro

Ouvrir