Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Denise NKURUNZIZA arashima ibikorwa ishirahamwe FNUAP rirangura mu Burundi

DSC 1232 CopieUmutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yarahaye umubonano umuyobozi wakarere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko mu buserukizi bw’ ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe irwirirana ry’abantu   (FNUAP ), Julitta Onabanjo. Intumbero y’uwo mubonano kwari kugira amushimire ku bikorwa vyiza bakorana. Aho hari kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2017. Inyuma y’uwo mubonano, Denise NKURUNZIZA akaba   yamenyesheje ko iryo shirahamwe ribashigikira mu bikorwa bariko barakora vyo guhimiriza abakenyezi b’indongozi kugira bafashe imiryango kubaho neza. Ngo barabafasha guhimiriza kwirinda umugera wa SIDA na cane cane kwijukira kwipimisha kumenya ingene indwara yo mu kigo ifata n’ibimenyetso vyayo hamwe n’ingene bokwijukira irondoka rijanye n’amagara meza. Ngo ikindi naco yamusavye ni uko borabira hamwe igituma indwara ya kanseri yo mu rwinjiriro rw’itegeko   kuko yabaye umurengera. Yamenyesheje ko bageze ku ntara 11aho bagenda barahimimiriza abanyagihugu kugira bayimenye, bayikingire kandi bakazobandanya ico gikorwa mu zindi intara z’igihugu . Yarongeye aramenyesha ko bavuganye ko bagiye kurwanya izo ndwara bivuye inyuma akaba ariryo hangiro bihaye.                                                                         

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir