Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu gisagara ca Bujumbura : Prezida NKURUNZIZA yaruguruye icese ibiro bishasha vya komineMuha n’ishirahamwe rihingura imipira yo gukina

DSC 1194Kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2017 mu gisagara ca Bujumbura, inyubakwa zitandukanye zaruguruwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA. Kuri uwo munsi, Prezida NKURUNZIZA yabanje kwugurura icese ahakorera ishirahamwe “Coup d’envoi pour l’espoir” rikaba rikora imipira yo gukina. Iryo shirahamwe rikaba ryazanye akarusho ku Burundi mu gihe iyo mipira yahora igurirwa mu bindi bihugu hamwe n’ugutanga akazi. Prezida NKURUNZIZA ahejeje gucacura igitambara, ikimenyetso cuko yuguruye icese iryo shirahamwe, yaciye agendera aho bariko bakorera imipira kugira yirabire uko ikorwa. Yarongeye kandi arirabira n’iyo bamaze gukora ukuntu imeze, aca agenda aguze imipira ingana na 20 hanyuma yandika mu gitabu c’iteka c’iryo shirahamwe. Umukuru w’igihugu avuye muri ico kibanza, yaciye agenda kwugurura inyubakwa ya komine Muha iri muri zone Kanyosha.   Ahejeje gucacura igitambara yaciye agendera ibiro vyose bigize iyo komine harimwo n’inyubakwa y’inama hanyuma yandika mu gitabu c’iteka. Nk’uko musitanteri wa komine Muha, Pasteur Daniel Kabura yabibwiye abamenyeshamakuru, ngo iyo nyubakwa yubatswe ku mafaranga yavuye muri Mairie, mu biro vy’Umukuru w’igihugu hamwe n’imfashanyo ya “Fonic”ca kigega kijejwe gusahiriza mw’iterambere ry’amakomine. Iyo nyubakwa rero ngo igizwe n’ibiro vyose bisanzwe bikenewe n’uburongozi “administration”. Ariko rero ngo naho bimeze uko, baracafise ikibazo c’inyubako y’agasho hamwe naho abajejwe umutekano bazokorera ariko ngo ubu bakaba bagiye kubikora. Ngo kugira bashike kuri ico gikorwa ngo bagiriwe iwibakwe kuko bari bafise ikibanza, ubukerebutsi ku bari basanzwe bahakorera hamwe n’uko uburyo babukoresheje neza.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir