Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigambwe isabwa kwitaho ibikorwa vy’iterambere

DSC 1281Imigambwe irafise uruhara rudasanzwe mw’iterambere ry’igihugu mu gihe abayigize nabo batahura ko igihugu ari icabo. Ni muri iyo ntumbero abanyamigambwe na cane cane abadasigana baterwa akamo ko kwitaho ibikorwa vy’iterambere. Ivyo vyashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo igihe yari aramutse aja kwifadikanya n’abadasigana mu bikorwa rusangi vyo kwubaka inyubakwa y’inama n’izindi n’imanza ku cicaro gikuru c’umugambwe UPRONA ku Mugumya. Hari kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2017. Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo abadasigana barongowe n’umukuru w’umugambwe bafashe ingingo yo gukora ibikorwa rusangi vy’iterambere vyahimirijwe n’Umukuru w’igihugu. Yaranamenyesheje ko ibikorwa vyo kwubaka iyo nyubakwa atari ivy’umugambwe ahubwo ko ari ivy’abarundi bose. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu ngo akaba yahishikiye kugira ashigikire ibikorwa vyiza abadasigana bariko bararangura. Yabamenyesheje ko ivyiza ari uko bohindura uko bahasanze kugira abazokurikira baze bahasange ukundi. Yaribukije abavuga ko ibikorwa rusangi ari ivy’umugambwe uri kubutegetsi ko vyamyeho kuva kera aho abarundi bahora bagira ikibiri mu kuja hamwe bakubaka igihugu. Yarateye akamo imigambwe kwitaho ibikorwa vy’iterambere, yongera asaba abadasigana kuja ku kivi hamwe n’ukudasubira kujuragizwa n’abantu babasamaza bababwira ivy’ibiringo. Yarongeye abasaba kwizera abo bitoreye, abarongoye abandi nabo abasaba guhinduka bakiyumvira ico bokorera umugambwe. Abel Gashatsi nawe arongoye umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu, yamenyesheje ko iyo nyubakwa izokwakira abantu barenga 1000 kandi ko mu mezi atarenga 3 izoba yuzuye. Ivyo bikorwa navyo ngo bikaba bishoboka kubera ubumwe buri hagati yabo. Yaramenyesheje ko iyo nyubakwa itazokwakira abadasigana gusa, ariko ko izokwakira abazoba bafise imanza n’abandi bazoba bakeneye kuhakorera. Rero ngo bagiye mu mugambi wa Reta wo gukomeza inyubako no gushira imbere ibikorwa rusangi. Yabasavye kubungabunga amatungo y’umugambwe hamwe no kuwuteza imbere. Yaheraheje ashimira Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu asanzwe ari muri uwo mugambwe ku kungene yahisemwo kuza kwifadikanya nabo muri ivyo bikorwa rusangi kandi bitari ivy’umugambwe.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir