Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshingamateka z’ibihugu vy’Uburundi na Zambiya ziyemeje gutsimbataza imigenderanire isanzwe hagati yazo

DSC 1328Ku muhingamo w’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2017 niho Umukuru w’Inama Nshingamateka ,Pascal Nyabenda n’intumwa zo muri urwo rwego arongoye bari kumwe mu rugendo bagize mu gihugu ca Zambiya baganuka. Igihe yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, Umukuru w’Inama Nshingamateka akaba yaramenyesheje ko urwo rugendo rwabaye ngirakamaro kuko we n’abo bagendanye bavuganye na bagenzi babo bo mu gihugu ca Zambiya ingene izo nzego zotsimabataza imiganderanire n’ugufashanya. Ngo kabaye rero akaryo ko kuvugana ingene izo nzego zitunganijwe hanyuma barabona ko naho hari vyinshi bisa, hariho n’itandukaniro na cane cane umuntu yihweje ingene Inama Nshingamateka y’igihugu ca Zambiya ishirwaho n’ingene itunganijwe, ngo kuko mu bayisasamwo hari umuce w’abatorwa bavuye mu migambwe ikomakomeye n’iyindi mito mito, hakaba abigenga hamwe rero n’abagenwa n’Umukuru w’igihugu.Vyongeye ngo muri ico gihugu umushingamateka atorwa ku gatwe kiwe akongera agaserukira akarere asanzwe avukamwwo mu gihe mu Burundi abashingamateka batorwa ku ntonde.Ngo Inama Nshingamateka y’igihugu ca Zambiya irafise insamirizi yayo icamwo ibikorwa vyayo maze abanyagihugu bagashobora gukurikirana igihe cose abashingamateka bashashe mu nama, bakaharonkera akaryo ko kwumva ko uwo batoye afata ijambo canke atavuga.Ngo abashingamateka bose bo mu gihugu ca Zambiya barafise ibiro bikorera mu turere batowemwo ari navyo vyakira ivyiyumviro vy’abanyagihugu kandi abakozi babikoreramwo bakaba bahembwa n’Inama Nshingamateka , hanyuma iyo agiye mu karere aserukira araheza akahasanga ivyiyumviro begeranije.Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda yarongeye ameneyesha ko muri ico gihugu abashingamateka baramutse batora amategeko bakoresha ubuhinga bwa none ico bita mu rurimi rw’igifaransa   «vote éléctronique», rero ngo ntibashira ukuboko hejuru nk’iwacu mu Burundi. Ngo yarabonanye n’uwuserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafise intebe 58 mu Nama Nshingamateka, aramubwira ko mu matora y’umukuru w’igihugu uwuramutswa igihugu ca Zambiya yarushije uwo bahiganwa bo bari bashize imbere ibice 2 kw’ijana (2%) maze kubera ko hashatse kwaduka impari bo baciye bitura ubutungane, ngo ivyo bikaba vyobera akarorero keza abarundi baca baja mu mabarabara. Pascal Nyabenda akaba yarashimye urwo rugendo yagize mu gihugu ca Zambiya, mbere akaba yarwise urugendo shure ngo kuko we n’abo vyagendanye bashoboye kwungura ubwenge.Akaba yarangije amenyesha ko urwo rubaye urugendo rugira kabiri bagize inyuma y’urwo yagize mu bihugu vya Emirats arabes Unis, akaba ategekanya no kuzoja mu bihugu vya Tanzaniya, Libani na Afrika y’Epfo.

Jean-Robert Nshorirambo

Ouvrir