Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Zone Gihosha Ibikorwa vyo kubumba amatafari ku nkengera z’uruzi Nyakabugu ngo bitegerezwa guhagarara vuba

niiioarreeIbikorwa biriko birangurirwa ku nkengera z’uruzi Nyakabugu vyo gufyatura amatafari ngo bitegerezwa guhagarara vuba bwango. Ivyo bikorwa biri mu bintu bibangamiye ibidukikije kubera ko inyubakwa z’abanyagihugu zirageramiwe n’ibihomoka vy’inkombe z’inzuzi za Nyakabugu, Nyabagere na Cari. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru wa zone Gihosha, Floribert Sibomana, ku wa 28 Mukakaro 2020, inyuma yaho abamenyeshamakuru bari mu runani rwo kumenyesha inkuru zijanye no gukinga ibiza n’isibe no gukangurira abanyagihugu uko bozikingira, bagize urugendo ku nzuzi za Cari, Nyabagere, Nyakabugu hamwe no ku ruzi Gasenyi, mu gihe ibikorwa vyari vyarakozwe muri karitiye Carama kugira bakingire inyubako z’abanyagihugu vyatanguye kubomoka.Urwo rugendo aho kuri izo nzuzi zica muri zone ya Gihosha rwatanguriye, ku nkengera z’uruzi Nyabagere, mu bibanza vyo ku muatafari n’ikindi co muri karitiye Muyaga, muri zone ya Gihosha, ivyo bibanza bikaba vyariko birangurirwamwo ibikorwa vyo gufyatura amatafari hamwe no kuropora umusenyi n’amabuye. Ivyo bikorwa vyari mu bituma izo nzuzi zishobora guhitana abantu n’ibintu babaye aho ku nkengera zazo. Inyuma y’urugendo rwabo bamenyeshamakuru bo muri urwo runani, umukuru wa zone ya Gihosha, Floribert Sibomana yaremeye ko agiye guhagarika ivyo bikorwa, imvugo ikaba yajanye n’ingiro, ndetse ico kibanza kikaba gicungurewe n’umuporisi kugira ntihagire igikorwa na kimwe gisubira kuharangurirwa.N’aho ku ruzi Nyabagere ibikorwa vyahora bihakorerwa vyahagaze, muri karitiye Nyabagere, serire ya kane, ku ruzi Nyakabugu hoho ibikorwa vyo gufyatura amatari biba izuba riva, aho inyubakwa ziri hirya no hino y’urwo ruzi zigeramiwe, na cane cane aho imvura iizotasurira. Umukuru wa zone Gihosha, Floribert Sibomana akaba yamenyesheje ko ivyo bikorwa aho ku ruzi Nyakabugu atari azi ko biriko biraharangurirwa. Kubw’uwo ajejwe intwaro muri zone ya Gihosha, arashima kubona ibikorwa ku ruzi Nyabagere vyarahagaze. Inyuma yo gutohoza bene agataka ivyo bikorwa vyariko birangurirwako, ngo yaciye yihutira kubatumako mu nama, iyo nama ikaba yabaye ku wa 27 Mukakaro 2020, kandi ngo iyo nama barayitavye cane.

Abariko barangurira ibikorwa ku ruzi Nyabagere barasiguriwe ingarukambi zavyo
Iyo nama yabaye kabaye akaryo ko kubasigurira ingaruka mbi z’ivyo bikorwa vyariko birangurirwa mu matongo yabo, kandi ngo baratahuye izo ngaruka ku buzima bw’abantu bahabaye n’ibidukikije muri rusangi. Muri iyo nama, ico bumvikanye mu mwanya wa mbere, n’uko bobanza gufurira ibinogo bimvye bariko bafyatura amatafari, ku mutasuro w’imvura ngo bazoce bahatera ibiti cane cane imisuna, ivyo navyo ngo bizofasha gukomeza isi. Ivyo bikorwa ngo vyokorwa imbere y’uko begeranya amatafari bafyatuye.Ku kibazo co kumenya ko ibikorwa biriko birangurirwa ku ruzi Nyakabugu yari abizi, Floribert Sibomana yamenyesheje ko zone Gihosha ari nini cane, ariko ivyo bikorwa vyo gufyatura amatafri aho kuri urwo ruzi ngo biteye isoni n’agahinda. N’aho bene gukora ivyo bikorwa bashobora kuvuga ko bariko babikorera mu matongo yabo, ngo ivyo bikorwa ntivyisunze amategeko kubera ko za metero 50 ziri mw’itegeko rigenga amazi ryo ku wa 26 Ruheshi 2012, zitubahirijwe. Iryo naryo rirabuza ibikorwa birangurirwa ku nzuzi zica mu gisagara munsi y’imetero 50. Umukuru wa zone Gihosha akamenyesha ko amategeko ahari, kuri ivyo, ngo n’aho hoba ari mu matongo yabo, ivyo bikorwa ngo ntibirekuwe n’amategeko. Inzu zubatswe ku nkengera z’izo nzuzi, n’iza  kera, iyo babonye abariko barataba ibibanza, ngo barabahagarika kugira ntibabandanye bubaka.

hhhygtKu ruzi Nyakabugu, ibikorwa vyo gufyatura amatafari birageramiye inyubakwa
Aho ku ruzi Nyakabugu, ngo ibikorwa biriko biraharangurirwa ntiyari bwabimenye, ngo icihutirwa n’uko  bihagarara mu maguru masha. Ikizokurikira, ngo ni uguhamagara bene ayo matongo, akabakoresha inama kugira abereke ingaruka mbi ziturutse kuri ivyo bikorwa. Ku bijanye n’uko abahabaye bavuga ko ariho bazeye uburaro n’uburamuko, ku rwaruka rukavuga ko ariho rukura amakaye, umukuru wa zone Gihosha, avuga ko abantu bo muri ako karere bose avugako bidatunzwe n’igikorwa co gufyatura amatafari. Ababikora ngo bazi ko bariko barondera ubuzima, batazi ko bariko baronona. Muri make ngo bariko batema ishami bicayeko.Mu gihe aho ku ruzi Nyakabugu inyubakwa ziri hirya no hino zigeramiwe, abanyagihugu bobo bavuga ko urwo ruzi inkombe zahitanywe n’imvura ihitiyekubera ibihe vyagiye birahinduka, bituma hagwa imvura nyishi. Abo banyagihugu bagatera akamo Reta ko yo kwubakira izo nzuzi kugira ntizigende zirahitana inyubakwa, ku mutasuro w’imvura, abahafise bagategekanya gutera imisuna ku nkengera z’izo nzuzi, abahafise amaparasera. Ibikorwa vy’uwo munsi vyasozererewe ku ruzi Gasenyi, aho bikorwa vyo gukingira urwo ruzi vyari vyarubatswe biriko birabomoka, vyumvikana ko amakaritiye ya Carama iyo ayo mazi yegeranira, aho imvura izotasurira.

Déo Misigaro

Ouvrir