Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyo gufyatura amatafari no kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Nyabagere ngo bitegerezwa guhagarara

DSC 0085Uwuserukira ikigo kijejwe gukingira ibidukikije OBPE mu gisagara ca Bujumbura , Pamphile Ndaboroheye asaba ko ibikorwa vyo gufyatura amatafari, kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Nyabagere vyohagarara kubera ko inyubako z’abanyagihugu bo muri karitiye Muyaga zigeramiwe  biturutse ku nkombe z’urwo ruzi ziguma zibomoka. Ivyo ahanini ngo bigatumwa n’uko amategeko adakurikizwa nk’uko vyotegerejwe kuko ngo amategeko arahari, kandi arakwiye. Nk’ibikorwa vyo kuropora umusenyi n’amabuye ngo vyotegerejwe gukorwa hisunzwe amategeko kandi bakabisabira uruhusha, mu nzego zibijejwe, izo nazo zikabanza kuraba ko ivyo bikorwa atangarukambi  vyogira ku bidukikije. Ivyo yabishikirije ku wa 21 Mukakaro 2020, inyuma yaho abamenyeshamakuru bari mu runani rwo kumenyesha inkuru zijanye no gukinga ibiza  no gukangurira abanyagihugu uko bozikingira bagize urugendo aho bita ku matafari, ni muri karitiye Muyaga, muri zone ya Gihosha, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko uwuserukira ikigo kijejwe gukinga ibidukikije mu gisagara ca Bujumbura, Pamphile Ndaboroheye yabandanije abishikiriza, ngo mu kigo OBPE bobo babona ko ingorane zifatiye ahanini ku kutubahiriza amategeko, ayo mategeko ngo arahari ariko ntikurikizwa nk’uko vyotegerejwe kugenda. Nk’ibikorwa vyo kuropora umusenyi n’amabuye, ngo vyokorwa hisunzwe amategeko, benshi ngo ntibayakurikiza kubera batabizi. Akabona ko hotegerejwe gutunganywa inyigisho zo kubahimiriza kugira ivyo bikorwa vyisunge amategeko. Ivyo bikorwa ngo bategerezwa kubisabira impapuro mu bushikiranganji bw’ibidukikije, urwo rupapuro rugatangwa abahinga bo mu bushikiranganji babanje kuraba aho hantu uko hameze, bagashobora kwankira uwurusaba, iyo babonye ko ibidukikije bishobora kubangamirwa. Muri ivyo vyose, ngo igikuru n’uko abanyagihugu bokwirikiza amategeko, bakamenya ko urwo rupapuro ruronderwa mu kigo OBPE kuko ico kigo gifise abahinga babinonosoye. Ku kibazo co kumenya uko ibinyabuzima vyifashe aho muri ico kibanza, Pamphile Ndaboroheye yamenyesheje ko aho hantu hateye ubwoba, kubera ko iruhande y’ibomoka vy’inkombe ry’uruzi, isi yarase imiganga, bikaboneka ko ku mutasuro w’imvura, ibara rishobora kugwa.

Abo mu kigo OBPE n’abajejwe gutunganya ibisagara ngo bakwiye gutunganya neza ikibanzaco ku matafari

Igiteye amakenga, ngo n’uko abo bahakorera ivyo bikorwa bihaye uburenganzira bwo kubomora umusozi, ngo niho uburemere bwogabanuka kugira izo nkombe ntizibandanye zibomoka,zihitana inyubako. Nk’uweserukira ikigo OBPE, mu gisagara ca Bujumbura, ngo ivyo vyigwa ntibazi aho babikoreye. Wewe akabona ko hotegerejwe kuza abakozi bo mu kigo OBPE, abo mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara kugira barabe ingene hokorwa. Uno munsi ngo icihutirwa n’uko ivyo bikorwa biriko bikorerwa aho ku matafari vyohagara vyaba ivyo gufyatura amatafari no kuropora umusenyi n’amabuye kugira abajejwe intwaro barabe ukuntu aho hantu hotunganywa neza. Mu gihe iyo karitiye Muyaga igeramiwe n’uruzi Nyabagere, mu kigo OBPE abagiserukira mu gisagara ca Bujumbura ngo baratanga ivyegeranyo vy’ukuntu ibibanza bitandukanye vyifashe mu gisagara ca Bujumbura. Ariko ngo kubera ubukene bw’ibikoresho n’abakozi, ntibaheza ngo bashike hose, arico gituma hari ibibanza usanga vyarasinzikaye. N’umukuru w’umutumba Muyaga, muri zone ya Gihosha, muri komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, Sifa Congera  asaba inzego zibijejwe ko ivyo bikorwa aho ku ruzi Nyabagere bihagarara.

DSC 01046DSC 0094Uwo ajejwe intwaro ku rwego rwo hasi afise amakenga ko aho imvura izotasurira inyubakwa z’abanyagihugu zizobomoka ku bwinshi. Niko gusaba inzego zimukurira ko zobatabariza kugira bagarukirwe. Vyongeye, akabona ko icihuta ari uko ivyo bikorwa vyose vyohagara, vyaba ivyo kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Nyabagere hamwe no gufyatuta amatafari.

 

Abanyagihugu bo muri karitiye Muyaga baratabaza abajejwe intwaro kubagarukira, amazi   atararenga inkombe

Umupfasoni Espérance Manirakiza, asanzwe aba aho muri karitiye Muyaga, amakenga ni yose, akabona ko imvura aho izotasurira, abanyagihugu bazohatakariza ivyabo. Nawe nyene asaba abajejwe intwaro ko bohashika kugira bahagarike ivyo bikorwa vyo gufyatura amatafari no kuropora umusenyi n’amabuye vyo kwubaka. Ku bwiwe, ngo ayo mabuye n’umusenyi nivyo vyofashije kugumya isi, kugira inkombe ntizigume zibomoka, ndetse bakanahatera ibiti. Ivyo bikorwa ngo bimaze guhagarara, hoca hakurikira ibikorwa vyo guha inzira urwo ruzi Nyabagere, kurya babikoze muri zone ya Kamenge. Ako kamo ko gusaba abajejwe intwaro ko bogira ico bakoze gasa n’uko kagize ico gashikako. Umukuru wa zone Gihosha, Floribert Sibomana nk’uko yabimenyesheje abamenyeshamakuru bo mu kinyamakuru IWACU, ngo ivyo bikorwa bigiye guhagarikwa  ko agiye gusohora urwandiko ruhagarika ibikorwa muri ico kibanza co ku matafari.Uwuserukira ikigo kijejwe gukingira ibidukikije OBPE mu gisagara ca Bujumbura , Pamphile Ndaboroheye asaba ko ibikorwa vyo gufyatura amatafari, kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Nyabagere vyohagarara kubera ko inyubako z’abanyagihugu bo muri karitiye Muyaga zigeramiwe  biturutse ku nkombe z’urwo ruzi ziguma zibomoka. Ivyo ahanini ngo bigatumwa n’uko amategeko adakurikizwa nk’uko vyotegerejwe kuko ngo amategeko arahari, kandi arakwiye. Nk’ibikorwa vyo kuropora umusenyi n’amabuye ngo vyotegerejwe gukorwa hisunzwe amategeko kandi bakabisabira uruhusha, mu nzego zibijejwe, izo nazo zikabanza kuraba ko ivyo bikorwa atangarukambi  vyogira ku bidukikije. Ivyo yabishikirije ku wa 21 Mukakaro 2020, inyuma yaho abamenyeshamakuru bari mu runani rwo kumenyesha inkuru zijanye no gukinga ibiza  no gukangurira abanyagihugu uko bozikingira bagize urugendo aho bita ku matafari, ni muri karitiye Muyaga, muri zone ya Gihosha, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko uwuserukira ikigo kijejwe gukinga ibidukikije mu gisagara ca Bujumbura, Pamphile Ndaboroheye yabandanije abishikiriza, ngo mu kigo OBPE bobo babona ko ingorane zifatiye ahanini ku kutubahiriza amategeko, ayo mategeko ngo arahari ariko ntikurikizwa nk’uko vyotegerejwe kugenda. Nk’ibikorwa vyo kuropora umusenyi n’amabuye, ngo vyokorwa hisunzwe amategeko, benshi ngo ntibayakurikiza kubera batabizi. Akabona ko hotegerejwe gutunganywa inyigisho zo kubahimiriza kugira ivyo bikorwa vyisunge amategeko. Ivyo bikorwa ngo bategerezwa kubisabira impapuro mu bushikiranganji bw’ibidukikije, urwo rupapuro rugatangwa abahinga bo mu bushikiranganji babanje kuraba aho hantu uko hameze, bagashobora kwankira uwurusaba, iyo babonye ko ibidukikije bishobora kubangamirwa. Muri ivyo vyose, ngo igikuru n’uko abanyagihugu bokwirikiza amategeko, bakamenya ko urwo rupapuro ruronderwa mu kigo OBPE kuko ico kigo gifise abahinga babinonosoye. Ku kibazo co kumenya uko ibinyabuzima vyifashe aho muri ico kibanza, Pamphile Ndaboroheye yamenyesheje ko aho hantu hateye ubwoba, kubera ko iruhande y’ibomoka vy’inkombe ry’uruzi, isi yarase imiganga, bikaboneka ko ku mutasuro w’imvura, ibara rishobora kugwa. Abo mu kigo OBPE n’abajejwe gutunganya ibisagara ngo bakwiye gutunganya neza ikibanza co ku matafari. Igiteye amakenga, ngo n’uko abo bahakorera ivyo bikorwa bihaye uburenganzira bwo kubomora umusozi, ngo niho uburemere bwogabanuka kugira izo nkombe ntizibandanye zibomoka,zihitana inyubako. Nk’uweserukira ikigo OBPE, mu gisagara ca Bujumbura, ngo ivyo vyigwa ntibazi aho babikoreye.

Wewe akabona ko hotegerejwe kuza abakozi bo mu kigo OBPE, abo mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara kugira barabe ingene hokorwa. Uno munsi ngo icihutirwa n’uko ivyo bikorwa biriko bikorerwa aho ku matafari vyohagara vyaba ivyo gufyatura amatafari no kuropora umusenyi n’amabuye kugira abajejwe intwaro barabe ukuntu aho hantu hotunganywa neza. Mu gihe iyo karitiye Muyaga igeramiwe n’uruzi Nyabagere, mu kigo OBPE abagiserukira mu gisagara ca Bujumbura ngo baratanga ivyegeranyo vy’ukuntu ibibanza bitandukanye vyifashe mu gisagara ca Bujumbura. Ariko ngo kubera ubukene bw’ibikoresho n’abakozi, ntibaheza ngo bashike hose, arico gituma hari ibibanza usanga vyarasinzikaye. N’umukuru w’umutumba Muyaga, muri zone ya Gihosha, muri komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, Sifa Congera  asaba inzego zibijejwe ko ivyo bikorwa aho ku ruzi Nyabagere bihagarara. Uwo ajejwe intwaro ku rwego rwo hasi afise amakenga ko aho imvura izotasurira inyubakwa z’abanyagihugu zizobomoka ku bwinshi. Niko gusaba inzego zimukurira ko zobatabariza kugira bagarukirwe. Vyongeye, akabona ko icihuta ari uko ivyo bikorwa vyose vyohagara, vyaba ivyo kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Nyabagere hamwe no gufyatuta amatafari. Abanyagihugu bo muri karitiye Muyaga baratabaza abajejwe intwaro kubagarukira,amazi   atararenga inkombe. Umupfasoni Espérance Manirakiza, asanzwe aba aho muri karitiye Muyaga, amakenga ni yose, akabona ko imvura aho izotasurira, abanyagihugu bazohatakariza ivyabo. Nawe nyene asaba abajejwe intwaro ko bohashika kugira bahagarike ivyo bikorwa vyo gufyatura amatafari no kuropora umusenyi n’amabuye vyo kwubaka. Ku bwiwe, ngo ayo mabuye n’umusenyi nivyo vyofashije kugumya isi, kugira inkombe ntizigume zibomoka, ndetse bakanahatera ibiti. Ivyo bikorwa ngo bimaze guhagarara, hoca hakurikira ibikorwa vyo guha inzira urwo ruzi Nyabagere, kurya babikoze muri zone ya Kamenge. Ako kamo ko gusaba abajejwe intwaro ko bogira ico bakoze gasa n’uko kagize ico gashikako. Umukuru wa zone Gihosha, Floribert Sibomana nk’uko yabimenyesheje abamenyeshamakuru bo mu kinyamakuru IWACU, ngo ivyo bikorwa bigiye guhagarikwa  ko agiye gusohora urwandiko ruhagarika ibikorwa muri ico kibanza co ku matafari.

Déo Misigaro 
                                                                                                   

Ouvrir