Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarimyi b’ikawa basabwe kwitaho ico giterwa kuko kigiye gutezwa imbere

WWWXAbakorera mu gisata c’ikawa baterwa akamo k’uko ukwezi kwa Myandagaro kwogera abarimyi b’ikawa bose bamaze guhembwa amafaranga yabo y’ikawa bashoye ku matonorero atandukanye yo mu gihugu. Ku barimyi b’ikawa nabo, basabwe kwitaho ico giterwa kubera Reta ifatanije n’abakorera muri ico gisata ko bahagurutse kugira bateze imbere igisata c’ikawa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema, ku wa 17 Mukakaro 2020, ku mutumba Birambi, muri zone Rukeco, muri komine Busiga, ntara ya Ngozi, aho yariko aratanguza ihemba rya kabiri ku barimyi b’ikawa bashoboreye ikawa yabo ku matonorero atandukanye yo mu gihugu.Nk’uko umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema yabandanije abishikiriza, ngo Reta yasubije akarenge muri ico gisata kubera ko abarimyi bari bateye akamo Reta ko yosubira muri ico gisata. Ahanini rero, ngo icabitumye n’uko abarimyi batama bariko barondera amafaranga yabo, ntibayaronswe ku gihe kandi bashoreye ikawa yabo ku matonorero atandukanye ari mu gihugu. Vyongeye, ngo igisata c’ikawa cari caribagiwe, abarimyi bayo bagakirimbirwako n’abakorera muri ico gisata, ngo bariko babahimiriza kugwiza umwimbu, ariko ugasanga ku rubuga siko biri.    Niho Reta yafata ingingo yo gukurikirana abarimyi b’ikawa, niho mu kwezi kwa Rusama, muri komine ya Mwakiro, mu ntara ya Muyinga, batanguza isekeza rya mbere ryo guhemba abarimyi b’ikawa. Ico gikorwa ngo bagiye bagikora uko amatonorero yagiye arakira ikawa zihishiye. Muri Ruheshi, niho basozer ikiringo c’ihemba ca mbere, ico gikorwa cabereye mu ntara ya Makamba. Muri kino gihe c’ihemba rya kabiri, ngo Reta yararonkeje uburyo bukwiye ubuhikiranganji kugira bahembe abarimyi b’ikawa.

Mu kwezi kwa Myandagaro, intumbero ngo n’uko ata murimyi w’ikawa yoba atararonswa amafaranga yiwe.Kabaye n’akaryo ko gutera akamo abajejwe intwaro, abakozi bo mu bushikiranganji hamwe n’abakorera muri ico gisata ko mu kwezi kwa Myandagaro bazokwicarana kubera barimbure ko abarimyi bose b’ikawa baronkejwe amafaranga yabo. Ku barimyi, yabasavye ko kugwiza inguvu, bijukire ico giterwa kuko ngo Reta ifatanije n’abikorera ivyabo, bagiye guteza imbere igiterwa c’ikawa.Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, buramatari w’intara ya Ngozi, Epipode Baranyikwa yamenyesheje ko intara ya Ngozi yifashe neza mu burimyi bw’ikawa kubera ko bafise ibiti vy’ikawa imiriyoni 12. Uno mwaka, ngo iyo ntara yashoreye ku matonorero yo ku mitumba itandukanye igize iyo ntara, amatoni ibihumbi 15. Muri uno mwaka mu kwezi kwa Gitugutu, ngo bategekanya gutera imivyaro y’ikawa umuriyoni n’igice (1 500 000), kugira bongereze umwimbu w’ikawa muri iyo ntara. Tubamenyeshe ko aho kw’itonorero ryo ku mutumba Murambi, hari hategekanijwe guhembwa abarimyi b’ikawa 571, aho hari hategekanijwe amafaranga arenga imiriyoni 100 z’amafaranga y’amarundi (102 60 760). Ikiro c’ikawa ya mbere, umurimyi akaronswa amafaranga 550 ku kiro, iya kabiri, akaronswa amafaranga 275, ku kiro kimwe.                                                                                               

Déo Misigaro

Ouvrir