Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi bahamagariwe gupimisha imbanyi no kwibarukira kwa muganga

IMG 20200717 WA0036Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2020 niho Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abantu usanzwe  uhimbazwa  kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro uko umwaka utashes. Ibirori vy’uwo  munsi mukuru bikaba vyabereye muri komine Kiganda, intara ya Muramvya, bitewe iteka n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye aho yateye akamo abakenyezi gupimisha imbanyi no kwibarukira kwa muganga. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana, n’uwuramutswa ubushikiranganji bwo gushigikirana Imelde Sabushimike arongoye bakaba bamushigikiye muri ivyo birori.Ivyo birori vyari vyitabwe n’abashingamateka n’abandi banyacubahiro.Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu akaba yahereye ivyo birori ku  kugendera ikigo kirerewemwo abana  bagendana ubumuga, aho yagiye abashiriye agakemanyi kagizwe n’itoni  n’inusu y’ibiharage, itoni n’inusu y’umuceri, ibikoresho vy’ishure, amasakoshi, indobo, ibikoresho vy’isuku vy’abigeme n’abakenyezi n’amasabuni. Ntiyagarukiye aho, yaciye abandanya ku bitaro  vy’i Kiganda aho yashikirije ibitaro   ibikoresho bitandukanye nk’ibitanda vyo kw’ibarukirako,indobo, amasabune ,ibikoresho vyo kwikingira Koronavirisi  n’ibindi.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ntiyibagiye abakenyezi barwaye canke barwarije muri ivyo bitaro, kuko nabo nyene  baronkejwe utuganuke tugizwe n’ibitenge,indobo, amasabune,imitaka, n’ibindi.  Ariko rero abakenyezi yasanze bibarutse, kuri utwo tuganuke yahaye abandi yabarengerejeko ibiro 5 vy’umuceri n’ibiro 5 vy’ibiharage. Mu nyuma yaho, ibirori nyezina  vyaciye bibandaniriza ku kibuga kiri ku biro vya zone ya Kiganda.Mw’ijambo  ryiwe, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta itewe impungenge n’urugero irwirirana ry’abantu  rigezeko na cane cane mu Burundi, aca ahamagarira abavyeyi kwitwararika umugambi wa Reta wo kurondoka ku rugero no kugira amagara meza mu  gupimisha imbanyi no kwibarukira kwa muganga kugira ntihagire umukenyezi azosubira guhitanwa n’imbanyi kandi ngo ntibibagire no kwikingira ikiza ca KoronavirisiNgo si agaseseshwarumuri, abakenyezi barabangamiwe muri kino gihe n’ico kiza  kuko vyibonekeje ko muri kino gihe abakenyezi baja gupimisha imbanyi canke  bakoresha buryo bwa kijambere bwo kurondoka ku rugero bagabanutse cane bivuye ku gutinya ko bohava bandura Koronavirisi  kwa muganga. Aho rero yaciye abaremesha abamenyesha ko ingingo ruhasha zo gukinga kugira ntihagire umuntu n’umwe yandurira kwa muganga zafashwe. Ariko n’aho biri uko ntiyibagiye gutera akamo urwaruka ruri mu buruhuko rutaratahura ingendo yo kutaramukanya canke kutegerana, batwarwa n’inkumbu n’ibisharara baba bafitaniye, bagaca barenga amategeko bibuke ko koronavirisi  ihari rero bayirinde nk’abandi bose.Yarashimiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ku bukerebutsi n’ubwira bakorana mu kuvura, gupima  no gukingira abanyagihugu ikiza ca koronaviris yongera ashimira ishirahamwe UNFPA rifasha abakenyezi mu mugambi wo kurondoka ku rugero.Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadée Ndikumana  yarashimiye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu kuko ashigikiye umugambi wo kubungabunga amagara y’abavyeyi n’ibibondo  aca asaba  abarundi  kwitwararika ubwabo amagara yabo n’ay’abandi mu gukurikiza amabwirizwa y’isuku no kugendera ca civugo : «Ndakira, sinandura, kandi sinandukiza» .Yaboneyeho akaryo ko kwibutsa abanyamuramvya ko kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kurya 23 Mukakaro 2020, mu ntara ya Muramvya ku  mitumba yose, ubucimbiri bwose hazotangwa inyigisho zijanye no kwikingira ikiza ca Koronavirisi, aca abatumirira kuvyitaba bose ata n’umwe avuyemwo yongera arabakeza kuko muri iyo ntara ata muntu arwaye ico kiza aribonekeza.Twobamenyesha ko ibirori birangiye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yaciye aha imfashanyo  abakenyezi bantahonikora bo muri komine Kiganda  zigizwe n’ibitenge n’amasabuni. Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Muramvya  baciye  bamushikanira ingabire y’inka ivyara bise ya Rukundo.

 

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir