Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu c’Uburundi kirafitaniye imigenderanire myiza n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko

hhhgAbarundi n’amakungu basabwa kumenya ko igihugu c’Uburundi gifitaniye imigenderanire myiza n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko kandi n’ibihugu bihurikiye mw’iryoshirahamwe bifitaniye imigenderanire myiza. Ivyo vyamenyeshejwe kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2020 n’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama Ezéchiel Nibigira mw’itangawo yashikirije abamenyeshamakuru rijanye n’inkuru yasohotse mu kimenyeshamakuru citwa Afrika y’ubuseruko co kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika 10 Mukakaro 2020..Nk’uko yabimenyesheje, ngo igihugu c’Uburundi caraguye mu gahundwe aho cumviye inkuru z’ibinyoma biturutse kukutamenya uko ibintu bitunganijwe kandi atawuzi ico vyaturutseko. Izo nkuru z’ibinyoma ngo zavuga ko Inama Nshingamateka y’akarere yoba yafashe ingingo yerekeye iyirukanwa ry’igihugu c’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Niko guca amenyesha ko igihugu c’Uburundi cisunze ubwigenge bwaco, cafashe ingingo yo kwinjira icese mw’ishirahamwe, congera ciyemeza gushira mu ngiro ivyo ciyemeje ku rwego rw’ishirahamwe hamwe no gukorana n’ibindi bihugu bihurikiye hamwe muri iryo shirahamwe mu ntumbero y’uko ihangiro ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ryiyemeje rishobore gushikwako. Ivyo rero ngo bitandukanye n’ugusambuka kw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Yaciye amenyesha ko igihugu c’Uburundi gishimira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ku muco yatanze aho yamenyesha aho ukuri guhagaze ku vyerekeye izo nkuru z’ibinyoma. Ikindi yamenyesheje n’uko kuva igihugu c’Uburundi cinjiye ku mugaragaro mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, kigerageza gukora uko bishoboka kwose, kikihatira gushira mu ngiro ivyo ciyemeje nk’uko bisanzwe bitegekanije n’amasezerano ngenderwako agenga ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko hamwe n’amategeko mperekeza yose yayo masezerano, kikagira uruhara mu bijanye no gushira mu ngiro imigabo n’imigambi y’ishirahamwe hamwe no gutanga intererano isanzwe itegekanijwe n’amasezerano ngenderwako agenga ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko.Kubijanye n’ibibazo vyabajijwe harimwo  ikijanye n’uko igihugu c’Uburundi citeguriye kwitwara, yamenyesheje ko igihambaye ari uko Abarundi bose bamenya ko inkuru yatanzwe n’ico kinyamakuru atariyo ariko ko ico kinyamakuru cari gifise intumbero cashatse gushikako Uburundi butazi. Barongeye barabaza ikijanye n’ideni igihugu c’Uburundi giheranye, aca amenyesha ko igihugu c’Uburundi atarico giheranye conyene kandi ngo sibwo bwatevye kuriha amafaranga bwonyene , ngo hamye haba utubazo hakaba guteba kuriha amafaranga ariko ntivyatumye Uburundi buca buva muri uyo muryango, arico gituma ubu bwatevye umwaka 1umwe gusa atariho bwoca buvamwo. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir