Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikiza coronavirus kigwanirijwe hamwe cotuzwa burundu mu Burundi

dooooMu gihe  Abarundi benshi batanguye kudebukirwa ku bijanye no gukwirikiza ingingo zafashwe n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zo  kwikingira ikiza ca coronavirus, ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi ribifashijwemwo na Christian AID rikorera hano mu Burundi rikaba  rifatiye ku kwizera  rukristu ririko riratanga ibikoresho vyo kwikingira ico kiza ku mashengero hamwe no ku mashure kugira abantu babandanye kwikingira ico kiza. Mu gihe  Abarundi benshi batanguye kudebukirwa ku bijanye no gukwirikiza ingingo zafashwe n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zo  kwikingira ikiza ca coronavirus, ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi ribifashijwemwo na Christian AID rikorera hano mu Burundi rikaba  rifatiye ku kwizera  rukristu ririko riratanga ibikoresho vyo kwikingira ico kiza ku mashengero hamwe no ku mashure kugira abantu babandanye kwikingira ico kiza.Ivyo vyashikirijwe na Pasitori Sylvestre umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kuwa 17 Ruheshi 2020.

Avuga ko bagiye hamwe baregeranya uburyo kugira nabo bagire ico bafashije Ubu rero ngo bakaba bariko baratanga ibikoresho mu mashengero  n’amadini akorera  mu Burundi hamwe n’amashure amw’amwe afise abanyeshure benshi n’aho biri uko avuga ko  ibikoresho vyo kwikingira ico  kiza vyabaye bike. Abandanya avuga ko ivyo bikoresho bigizwe n’indobo, amasabuni hamwe n’udupapuro twanditseko ibimenyetse vy’ico kiza n’ingene bocikingira hamwe n’inomero itariha 117 bohamagarako hagize uwikekwako ico kiza. Yaciye amenyesha ko bakorera mu gisagara ca Bujumbura, Rumonge hamwe na Makamba mu kurindira ko baronka uburyo bukwiye kugira bakorere  mu ntara zose z’igihugu. Ico gikorwa rero ngo ubu   kiriko kirabera ku ma zone  yose agize igisagara ca Bujumbura, aho naho akaba ariho abaserukira amashengero n’amadini aba ari mw’iyo zone bahurira kugira babahe n’inyigisho zijanye n’uko bokwikingira bakanakingira y’abandi. Izo nyigisho zikaba zitangwa n’uwuba yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA. Yamenyesheje kandi  ko bagiranye inama n’abarongoye amashengero  yose kugira babandanye bahimiriza umwe wese aho aherereye. Yaciye amenyesha ko ubu bategekanya kugirana inama n’uwurongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubushikiranganji bw’umutekano, ubw’amagara y’abantu ari nabwo ngo buzobafasha guhimiriza, ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro, ishirahamwe  rihurikiyemwo abunguruza abantu n’ibintu  ATRABU, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abasitanteri bose hamwe n’abakuru b’amazone yose kugirango nyabuna umwe wese aho aherereye azobadanye guhimiriza.  Yabandanije amenyesha ko bashize imbere abakenyezi hamwe n’abagendana ubumuga kugira ntihagire umugwi n’umwe usigara inyuma mukwikingira ico kiza. yavuze kandi  ko babandanya barondera uburyo kugirango bazohe ivyo bikoresho amashengero yose hamwe n’amadini yose na cane cane aha mu gisagara ca Bujumbura ari naho ngo babonye ko amashengero ya kera agerageza gukwirikiza izo ngingo mu gihe   amashengero mashasha izo ngingo umenga ntizibakorako, kuko babandanya baramukanya no gukaraba ntibakarabe. Asaba abantu bose gutahura ko indamukanyo y’amahoro ihagije. Avuga ko  hari n’ikindi babonye ku banyeshure bo mu mashure mato mato aho umwana arya imbombo ugasanga arakuye mu kanwa agaha mugenzi we uwundimwana akagura amazi akanywa agaca aha uwundi.  Nico gituma   bafashe akanya  ko gushika ku mashure  bagasaba  umuyobozi bagasohora abana hanyuma bakabigisha uko bokwikingira ico kiza. Ubu rero ngo  benshi barabizi naho abana bibagora.  Barabonye n’abana bagendana uducupa turimwo irya sabuni yica imigera abo nabo usanga kenshi na kenshi ngo bavuka ku bavyeyi bifise.  Akaba yaciye avuga ko basanze  bigoye kuko hariho ahantu henshi usanga ata mazi ahari. Pasitori Sylvestre Bizimana akaba yarangije atera akamo ishirahamwe REGIDESO ko ryogerageza ku mashure hakaguma hariho amazi. Aratera akamo abajejwe intwaro bo mu ntara ya  Rumonge kuva kuri nyumbakumi gushika kuri musitanteri ko mu nama bakoresha abanyagihugu boJa baracishamwo ijambo ryo kwikingira ico kiza kuko ngo basanze mw’iyo ntara utudobo babahaye benshi baca bashiramwo ibindi bintu canke bakaja kutuvomamwo.  Atera akamo Abarundi bose kubandanya bubahiriza amabwirizwa y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bakareka kugira ubwoba kuko ikiza caratwinjiranye bagaheza bagahangana naco bakakirwaniriza hamwe. 

Janvier Niyonkuru                                                                                                           

Ouvrir