Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagariwe kuziganya umwimbu baronse ntibazobure imbuto zo gutera ku mpeshi

ccccUmutambukanyi  w’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi  Denise  Nkurunziza  ahamagarira   Abarundi  kudasesagura umwimbu canke ngo  bawuhereze mu  masoko ku mahera make, ngo bazosubire kwicuza babuze imbuto zo gutera ku mpeshi canke ngo inzara ibinjirane . Ivyo  akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro  2020  igihe we n’umuryango wiwe bari bazindukiye kwimbura ibiraya  no kugendura ibitungwa ku mutumba  Rutanga, komine Gashikanwa, Intara ya Ngozi.Umutambukanyi  w’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi  Denise  Nkurunziza  ahamagarira   Abarundi  kudasesagura umwimbu canke ngo  bawuhereze mu  masoko ku mahera make, ngo bazosubire kwicuza babuze imbuto zo gutera ku mpeshi canke ngo inzara ibinjirane . Ivyo  akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro  2020  igihe we n’umuryango wiwe bari bazindukiye kwimbura ibiraya  no kugendura ibitungwa ku mutumba  Rutanga, komine Gashikanwa, Intara ya Ngozi.Yamenyesheje ko kurima ari umugambi w’umuryango wose kandi bazowubandanya naho bitoroshe kuko kare yahora afatirwa n’ayandi mabanga, abana bagafatigwa n’amashure,  umushingantahe wiwe akahababera akabitunganya, ariko ngo barizeye ko Imana izobibashoboza  kuko yarabahaye abagenzi .Bahejeje kwimbura, Denise Nkurunziza yarasengeye ivyimburwa ashimira Imana mu gishingo c’Abarundi bose bariko barimbura, ashima kandi  uko umwimbu wabaye mwiza. Yarashimiye cane Imana ukuntu amatora yabaye mu mahoro  akashikiriza ku guhitamwo indongozi nziza.Mu kurangiza yarateye akamo abarundi bose ngo bigumye ntibasesagure ivyo bimbuye,  babahenda kugira babigure ku mahera make hanyuma bavyegeranye bazosubire kubibagurishako bizimvye.  Bokwirinda  kandi kubundabunda bashorera ivyabo hanze y’igihugu. Yaragarutse ku ngo zisambuka  mu gihe c’iyimbura kubera agahimbo , asaba abubakanye kuja inama mu gutunganya neza ivyo bimbuye kugira ntibibabere.

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir