Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abunguruza abantu hamwe n’abiyunguruza basabwa kubahiriza ingingo Reta yafashe zo gukinga ikiza ca coronavirus

ebnMu gihe tuzi ko ikiza ca coronavirus cateye isi yose n’Uburundi burimwo, mu gisata kijejwe gutwara abantu n’ibintu bafashe iya mbere mu kurwanya ico kiza mu guhimiriza abo barongoye baba abagendesha amapikipiki canke abagendesha imodoka zunguruza abantu mbere n’abanyagihugu biyunguruza muri rusangi gukurikiza impanuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ku bijanye no kwikingira ico kiza ca coronavirus.Mu gihe tuzi ko ikiza ca coronavirus cateye isi yose n’Uburundi burimwo, mu gisata kijejwe gutwara abantu n’ibintu bafashe iya mbere mu kurwanya ico kiza mu guhimiriza abo barongoye baba abagendesha amapikipiki canke abagendesha imodoka zunguruza abantu mbere n’abanyagihugu biyunguruza muri rusangi gukurikiza impanuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ku bijanye no kwikingira ico kiza ca coronavirus.

Uwurongoye ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu « ATRABU » Bosco Minani, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, yamenyesheje ko mw’ishirahamwe arongoye bagerageje gufata ingingo zikwiye bakurikije impanuro bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu. Avuga ko mu gisata co gutwara abantu n’ibintu  bashizeho uburyo bw’uko umuntu yuriye bisi ategerezwa gukaraba mbere ngo baranashizeho n’umugwi w’abantu bajejwe kuraba ko biriko birakwirikizwa. Abandanya avuga ko banakoresheje inama abasanzwe bagendesha amapikipiki n’ama tuku tuku baranabereka ukuntu bashobora kwitwara ndetse ngo baranatanguje igikorwa c’uko bashobora gushira utubido ku ma pikipiki kugira uwiyunguruza wese ashobore gukaraba ariko benshi ntibashoboye kubishira  mu ngiro mugabo  bobo ico basanzwe bajejwe naho biruko ngo bari bagerageje kugikora. Uwo arongoye iryo shirahamwe ATRABU arongera akanavuga ko bahimirije babicishije kubaserukira abandi babifashijwemwo n’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge kugirango nyabuna nabo bashobore guhimiriza abo basanzwe barongoye ndetse n’ingenzi, abo basanzwe bunguruza nabo bashobore kwikingira. Aravuga kandi ko bama bakoze inama n’abajejwe uruja n’uruza mu mabarabara imbere y’uko amategeko yokwirikizwa ku bijanye n’amahadabu baca abayarenze kuko ibwirizwa ririmwo ayo mategeko baba barifise mbere haba hariko n’ihadabu ategerezwa kuriha ariko agirako asaba igiporisi ko gitegerezwa gufata mu minwe ibijanye n’ivy’inkofero nyanbuna hakabaho itegeko ry’uko n’uwiyunguruza atambaye inkofero ngo yofatwa agahanwa kuko biribonekeza y’uko uwunyonga ipikipiki ahaye inkofero uwiyunguruza yanka kuyambara yisunze ibi na biriya kandi iyo umuporisi amufashe ntaca ihadabu we ariko bo ngo basanzwe baserukira ico gisata basaba y’uko inzego z’umutekano zokwiga  iryo tegeko kugira uwiyunguruza nawe nyene atambaye inkofero ashobore gucibwa ihadabu. Bosco Minani yarongeye amenyesha ko yama yatunganije mbere n’ubu ngo nta mezi abiri aheze bagiranye inama n’abajejwe amagara y’abantu hamwe na Croix Rouge n’igiporisi baravugana ibijanye n’amakenga bari bafise ndetse n’uko bokwikingira ico kiza ca coronavirus. Uwutosora ifuku rero ngo yamizako nico gituma bama bahimiriza abajejwe umutekano hari uwutambaye inkofero ashobore guhanwa n’uwiyunguruza atambaye inkofero ahanwe acibwe ihadabu. Aranavuga yuko atakurera amaboko uwutambaye inkofero canke akanka kwambara umusipi wo kwikingira boreka kumutwara agasigara kugirango uwunguruza abantu canke nyene imodoka ntashobore kuhagirira ubuhombe. Aranamenyesha ko ku bijanye n’uko usanga mu miduga yunguruza abantu bicaranye begeranye nabo nyene ico kibazo barakibona ariko ngo hakenewe ko  hoba inama harimwo na bene izo modoka kugira hafatwe ingingo ibereye yorohereza bose.Yarangije amenyesha yuko bobo ata ngingo bafata ariko babandanya batera akamo basaba yuko inzego z’umutekano zokora akazi kazo kugirango umuntu wese atubahiriza amategeko yo mw’ibarabara ashobore gufatirwa ingingo ruhasha kugira areke gutukisha umwuga. Aratera akamo abiyunguruza y’uko kwambara inkofero ari inyungu y’umuntu uwariwe wese kuko iyo agize isanganya atayambaye ababara gusumba. 

Janvier Niyonkuru                                                                                                                            

Ouvrir