Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CENI usaba ko mu gihe c’imyiyamamazo hoba ukubahiriza ingendo abahiganwa biyumvikaniye ubwabo

cccanKw’igenekerezo rya 6 Rusama 2020, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, Pierre Claver Kazihise yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira amenyeshe ingene imyiyamamazo yo kwitegurira amatora yo ku wa 20 Rusama 2020 iriko iragenda n’ingene itangwa ry’ikarata y’itora ryagenze. Kazihise yamenyesheje ko yisunze ivyegeranyo vyabo bakorana mu ntara, haramaze iminsi higaragaza inyifato iteye kubiri n’amategeko  y’igihugu n’ayagenga amatora mu bihe vyo kwiyamamaza. Yabandanije amenyesha kw’izo nyifato zitajanye n’ingendo y’ukubahana hagati y’abahiganywa n’ukwubahiriza umutekano mu gihe c’iyimyiyamamazo n’icamatora abanyamigambwe  n’aberwa n’amatora bifundikiye ndetse n’abandi bemerewe kwitoza n’umurwi CENI. Ikindi Kazihise yamenyesheje nuko hibonekeza inyifato zitabereye zihagaze ku mvugo zo gutukana, zo gutyoza abandi hamwe no kugumura abanywanyi ngo bashamirane zikoreshwa n’abiyamamaza zashikiririjwe mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Hari n’ubukozi bw’ikibi ngo bujanye no gutana mu mitwe, gukomeretsanya ndetse  n’ubwicanyi buturuka kuri izo nyigisho mbi bitanguye kwibonekeza mu ntara zimwe zimwe. 

Haribonekeza abatanguye kurandura canke gusibanganya ibicapo n’inzandiko vy’abo bahiganywa. Ngo hari uguhindura ibimenyetso ku bicapo vy’amakarata y’ukuzotorerako umurwi CENI wahaye abahiganywa ngo bigishirizeko abanywanyi babo mu kwiyamamaza. Ngo hari ugutabura canke ugufuta ibimenyetso canke amafoto y’abahiganwa ari kuri ayo makarata. Ngo haraboneka abaja kwiyamamaza bitwaje inkoni.  Ngo haraboneka ibimenyetso vy’abatemerewe guhiganywa basukiranya n’ibimenyetso vy’imigambwe iri mw’ihiganwa. Kazihise yarateye akamo  abari mw’ihiganywa bose kubahiriza amategeko y’igihugu muri rusangi. Umurwi CENI  urasaba ko hoba ukubahiriza amategeko agenga amatora na cane cane ayajanye n’ukwiyamamaza. Ngo kwiyamamaza s’ugutukana ahubwo n’ugushikiriza abarundi imigambi ubafitiye igihe bwogushima bakagutora. Umurwi CENI urasaba ko hoba ukubahiriza ingendo abahiganywa biyumvikaniye ubwabo. Kazihise yarasavye kw’amasaha yukwiyamamaza yokubahirizwa ukwari mu mategeko n’ukuvuga kuva isaha 12 zo mu gatondo gushika isaha 12  zo ku mugoroba. Ngo  ukwiyamamaza gutegerezwa kubera mu bibanza vyategekanijwe gusa. Umurwi CENI urashima ingingo inzego z’umutekano n’uzubutungane zimaze gufata mu bikorwa vyo gukurikirana ukwiyamamaza kandi usaba ko zoguma hafi y’abanyagihugu kugira zikinge bikenewe zihane inyifato zose ziza gutosekaza amatora.Kazihise yaragarutse kukungene itangwa ry’amakarata ryagenze aho yamenyesheje ko abatanga amakarata bangana n’10 445, bakayatangira mu bibanza n’3807. Mu Burundi bwose ngo abakiriye amakarata bari ku rugero rungana n’ibice 89,93 %.  Ngo amakarata asiye gutangwa si menshi, abatarayatora barashora kubandanya bayatora aho imirwi yigenga ya komine ijejwe gutunganya amatora CECI ikorera iminsi yose gushika kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2020.

Aline Kanyana

Ouvrir