Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka ruhamagariwe kwijukira imyuga itandukanye kugira rushobore kwiteza imbere

anita1Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, no kwiteza imbere, ishirahamwe AJAMAP riratunganya inyigisho ku rwaruka zibafasha kumenya gukora imyuga itandukanye harimwo gusubiriza amashashi yonona ibidukikije  no gukora ibintu bikingira ibidukwikije. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga w’iryo shirahamwe Solange Ngabire mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 21 Ndamukiza 2020.Solange Ngabire yamenyesheje ko mw’ ishirahamwe bihaye intumbero yo guteza imbere urwaruka na cane cane mu kubigisha ibikorwa vyobateza imbere kandi bikunganira n’ igihugu mw’iterambere. 

Muri AJAMAP barategura inyigisho zitandukanye z’imyuga umwe wese aravye ingabire afise, kujisha ibisimbo, inkoko, abagira ivyo gushariza, ibidede, ivyo kumanika mu nzu, hamwe n’ibindi bishobora kurata ivyiza bitatse igihugu c’Uburundi. Solange Ngabire yabandanije amenyesha ko kuva babonye ko igihugu gishaka kurwanya ikoreshwa ry’ubumwanya bwonona   ibidukikije kuko butabora, ubu barahamagariye urwaruka ruzi gusoma no kwandika kuza kwiga gukora ivyo batekeramwo bitonona ibidukikije. Basaba ko haza uwuzi gusoma n’ukwandika kuko bisaba gukoresha imetero, kumenya gukata bivanye n’ico uwuriko arakora akeneye. Hari dutoyi dushobora gutekerwamwo imiti, ifu y’ ubuyi  n’ibindi. Izo nyigisho zifata ukwezi n’inusu canke amezi 2. Solange Ngabire yabandanije amenyesha ko mw ‘ishirahamwe bahejeje kwigisha urwo rwaruka baca barurungika kugira babandanye bakora bashobore kwiteza imbere,  ariko ishirahamwe rirafasha abo babona babishoboye bize bakabimenya. Igihe haje abashaka kugura ivyo basanzwe bigishirizaho baca bahamagara mubo bigishije babona ko umwuga bawumenye neza, bakaza mw’ishirahamwe bakabikora hanyuma nabo bakaronka amafaranga ashobora kubunganira.  Abashoboye kuja hamwe nabo  mw’ishirahamwe kugira bakorere hamwe iryo shirahamwe AJAMAP rirabaherekeza rikabafasha gusaba aho bashobora gukorera mu kigo ndangakaranga c’ibujumbura «Musee vivant» kandi bararonka uwubagurira  ivyo bahinguye kuko haza harinjira ingenzi. Solange Ngabire yasozereye ahamagarira  urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora ibishobora kubateza imbere mu kwiga imyuga itandukanye, ariko ivyo vyose bishoboka kubazi gusoma no kwandika.  Abavyeyi boba bakibuza abana babo kuja mu mashure yabasavye kubarungika mw’ishure kuko birakenewe kugira umuntu  yige umwuga.

Anitha Bizimana

Ouvrir