Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanywanyi b’ishirahamwe Regideso ngo birashoboka ko bariha amafaranga make ku mazi bakoresha

sehuKu banywanyi b’ishirahamwe rijejwe gutanga umuyagankuba n’amazi REGIDESO, ngo birashoboka ko dukoresha amazi neza, tudasesaguye, aho umunywanyi akoresha 20m3 z’amazi, mu kiringo c’amezi abiri, 1m3(amaritiro 1000) iheza ikagurwa amafaranga 315, vyumvikana ko mu kiringo c’amezi abiri, aheza akariha amafaranga 6300. Uwo ni umurwi wa mbere, umurwi wa kabiri, uva kuri 21m3 gushika kuri 40m3, mu kiringo c’amezi abiri, kuri uwo murwi ngo m3 irenze kuri izo 20m3 z’umurwi wa mbere, iraheza ikagurwa amafaranga 613. Eka hariho n’umurwi ugira gatatu, uwo nawo ngo ni umuryango ushobora kurenza 40m3 mu kiringo c’amezi abiri, inyuma y’izo ngo 1m3 ica igurwa amafaranga 802. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 30 Ndamukiza 2020. Nk’uko Léonidas Sindayigaya yabandanije abishikiriza, ngo birashobora gushika aho abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO baryidogera kubera ukutamenya, aho bashobora kwibaza ko ryabarenganije.

Iryo shirahamwe nk’ayandi mashirahamwe yose, ngo utugorane ntitubura, ariko ngo iciza n’uko hari ugushaka y’uko ribandanya rihindura kugira ibintu bigende neza. Ku bijanye n’ikoreshwa ry’amazi, ngo abahinga baraharuye basanga umuryango atari munini ukoresha amazi neza, mu kiringo c’amezi 2, ngo urugero rwa 20m3 z’amazi rurakwiye. Iyo ayo mazi baba baja kuyavoma ku mugezi, ngo urwo rugero ntirwoshika mu kiringo c’ukwezi. Kuri uwo muryango ukoresha 20m3, mu kiringo c’amezi abiri, ngo 1m3 iraheza ikagurwa amafaranga 315. Uwundi murwi, ngo ni umuryango ukoresha amazi ari hagati ya 21m3 na 40m3, mu kiringo c’amezi abiri. Uko ishirahamwe REGIDESO riheza rigaharura, ngo n’uko 20m3 za mbere, zigurwa amafaranga 315 kuri 1m3, ayarenze kuri izo 20m3, aca agurwa amafaranga 613 kuri 1m3Ku banywanyi b’ishirahamwe rijejwe gutanga umuyagankuba n’amazi REGIDESO, ngo birashoboka ko dukoresha amazi neza, tudasesaguye, aho umunywanyi akoresha 20m3 z’amazi, mu kiringo c’amezi abiri, 1m3(amaritiro 1000) iheza ikagurwa amafaranga 315, vyumvikana ko mu kiringo c’amezi abiri, aheza akariha amafaranga 6300. Uwo ni umurwi wa mbere, umurwi wa kabiri, uva kuri 21m3 gushika kuri 40m3, mu kiringo c’amezi abiri, kuri uwo murwi ngo m3 irenze kuri izo 20m3 z’umurwi wa mbere, iraheza ikagurwa amafaranga 613. Eka hariho n’umurwi ugira gatatu, uwo nawo ngo ni umuryango ushobora kurenza 40m3 mu kiringo c’amezi abiri, inyuma y’izo ngo 1m3 ica igurwa amafaranga 802. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 30 Ndamukiza 2020. Nk’uko Léonidas Sindayigaya yabandanije abishikiriza, ngo birashobora gushika aho abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO baryidogera kubera ukutamenya, aho bashobora kwibaza ko ryabarenganije. Iryo shirahamwe nk’ayandi mashirahamwe yose, ngo utugorane ntitubura, ariko ngo iciza n’uko hari ugushaka y’uko ribandanya rihindura kugira ibintu bigende neza. Ku bijanye n’ikoreshwa ry’amazi, ngo abahinga baraharuye basanga umuryango atari munini ukoresha amazi neza, mu kiringo c’amezi 2, ngo urugero rwa 20m3 z’amazi rurakwiye. Iyo ayo mazi baba baja kuyavoma ku mugezi, ngo urwo rugero ntirwoshika mu kiringo c’ukwezi. Kuri uwo muryango ukoresha 20m3, mu kiringo c’amezi abiri, ngo 1m3 iraheza ikagurwa amafaranga 315. Uwundi murwi, ngo ni umuryango ukoresha amazi ari hagati ya 21m3 na 40m3, mu kiringo c’amezi abiri. Uko ishirahamwe REGIDESO riheza rigaharura, ngo n’uko 20m3 za mbere, zigurwa amafaranga 315 kuri 1m3, ayarenze kuri izo 20m3, aca agurwa amafaranga 613 kuri 1m3Haruhande y’iyo mirwi ibiri ya mbere, ngo hariho umurwi w’imiryango ishobora kuba yifise na cane cane bamwe baba bafise amashurwe bavomera mu mpangu zabo, abo nabo bari mu murwi ushobora kurenza 40m3, mu kiringo c’amezi abiri. Inyuma y’izo 40m3, ngo 1m3 ica igurwa amafaranga 802. Uwo murwi uko uharurirwa amafaranga, ngo 20m3 za mbere, bagura ku mafaranga 315/m3, 20m3 zikurikira, zigurwa amafaranga 613/m3, izikurikira hejuru ya 40m3, zigaca zigurwa amafaranga 802/m3. Umuryango urenza 40m3, mu kiringo c’amezi abiri, ngo ntibaheza ngo bamugerere, igishobora kumubera intambamyi, ni igiciro aheza akayariha.Kuri uwo murwi ugira gatatu, ngo umaze gukoresha 40m3 zirenga, mu kiringo c’amezi abiri, ngo uba uriko ukoresha amazi ku rugero rudasanzwe, ngo hariho amafaranga aheza akariha, ayo nayo bayita “charge fixe”, ni amafaranga 7274, mu kiringo c’amezi abiri. Ayo nayo ngo ni ayo gufasha mu bikorwa n’ibikoresho mu gisata c’amazi kugira umugende w’amazi ubandanye ukora. Ku mahinguriro, iyo “charge fixe”, ni amafaranga 26581.
Ikiringo cose fagitire izirako,  umunywanyi aharurirwa ku murwi arimwo w’amazi yakoresheje
Mu gihe hari abidoga ko bashobora kuja mu murwi uyu canke uriya kandi bitabavuyeko, ariko ari kubera fagitire yatevye, ivyo ngo ahanini bituma n’uko barya bajejwe kuraba ivyo abanywanyi baba bakoreshe bingana baba batevye, ariko ishirahamwe REGIDESO ngo ririko ririsuganya kugira ibintu bije ku murongo. Ariko ngo n’aho fagitire iza inyuma y’ikiringo c’umwaka, ngo ntibituma umunywanyi ava mu murwi uyu ngo aje mu wundi. Ikitaba ciza ngo n’uko ishirahamwe Regideso risabira amafaranga rimwe, umunywanyi aguma mu murwi w’ivyo yakoresheje. Akarorero, ngo umuntu akoresha 20m3, mu kiringo c’amezi 2, inyuma y’umwaka akoreshango zoba 120m3, izo nazo ngo ziharurwa ku giciro c’amafaranga 315/m3. Mu ntumbero y’uko fagitire zitosubira guteba, ngo ishirahamwe REGIDESO rirategekanya gukoresha ubuhinga basigaye bakoresha ku matara, aho umunywanyi akoresha ivyo yaguze imbere y’igihe, ico bita “cash power”, aho abanywanyi ku rugero rw’ibice 90%, basigaye bakoresha ubwo buhinga. No ku mazi, ngo ubwo buhinga barabutegekanya, ico yise “cash water” kugira umunywanyi azogure amazi, gutyo yimenye uko ayakoresha. Ubwo buhinga bwari bwatanguye kugeragezwa, ariko ngo basanze amakonteri bari bazanye, ngo hariho ahantu yagera ntasubire guharura, muri ico gihe, ngo ishirahamwe REGIDESO ryari guca rihomba. Haruhande y’ivyo, ngo bariko bariga ubuhinga bwo kurungika ubutumwa bwanditse mw’iterefone y’umunywanyi, kugira bamumenyeshe uko azoba ariko arakoresha yaba amatara canke amazi. Ku bijanye n’amahinguriro hamwe n’abadandaji, ngo igiciro ni kimwe, ivyo ukoresha vyose ngo 1m3, muri uwo murwi igurwa amafaranga 609.  Ku bijanye n’ibiro vya Reta, ngo 1m3 igurwa amafaranga 613, kuri bamwe bagiranira amasezerano n’ishirahamwe REGIDESO kugira bagurishe amazi ku bito, ngo 1m3 igurwa 224, nabo bagaca bagurisha ibido y’amaritiro 20 amafaranga 20. 

Déo Misigaro                                                                                                         

Ouvrir