Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuntu wese ahamagariwe gufasha abagendana umugera wa SIDA na ba ntahonikora ahereye hafi yiwe

cvgfddIkigo OPDE gifasha abagendana umugera wa Sida,  impfuvyi  na ba ntahonikora gisaba Reta ko mu mafaranga ikoresha ku mwaka ku mwaka yoja irategekenya amahera yo gufasha abo bantu kugira yunganire  amashirahamwe abafasha kuko afashwa ahanini n’abanyamahanga kandi abafashwa ari abana b’igihugu. Ivyo bikaba  vyashikirijwe na Tharcisse Niyonizigiye arongoye ibikorwa n’imyuga muri ico kigo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2020 igihe kw’isi  yose  bariko  barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impfuvyi za Sida.Yamenyesheje ko OPDE ifise abantu batandukanye ifasha mu bikorwa bitandukanye. Harimwo abana,abagore, abagabo, abarwaye umugera wa Sida  n’abakomeye, impfuvyi za Sida  n’abandi. Mu bana OPDE isanzwe ifasha harimwo 11 b’impfuvyi za Sida abo rero bagafashwa mu bijanye no kubigisha, kubambika, kubagaburira  no kubafasha mu bijanye no kubaruhurira imitima. Abagendana umugera wa Sida baba abana canke abakuze barabafasha mu kubaronsa imiti bitagoranye bakongera bakabavuza mu gihe barwaye.

Abana n’abakuze bavyifuza bararonswa inyigisho z’imyuga zitandukanye nko kubaza, guteka, gusokoza, gusudira,ubuhinga bwa none, n’ibindi  kugira bamaze gusohoka  muri ico kigo bazogire ico bimariye. Mu gihe bahejeje kwiga imyuga, barabafasha bakabasabira aho bimenyereza  hanyuma  bakabasabira n’akazi. Hambavu y’ivyo bikorwa vy’amaboko,  barafata umwanya wo kwiyegereza abo bafasha  mu kubaganiriza kugira bamenye umwe wese ubuzima abayemwo n’ico akeneye gufashwamwo gusumba ibindi kuko hari uwo bashobora gufasha mu bifungurwa, mu vyambarwa ariko ugasanga akeneye gufashwa ku mutima kuko hari uwo usanga yarakomeretse. Ivyo bikorwa ngo  kuko kugira umuntu amenye uwukeneye ubufasha kuruta uwundi ntivyoroshe  ngo baraheza bakagira amatohoza babifashijwemwo n’ab’aho asanzwe aba hanyuma bakamwakira. Mu kurangiza, Tharcisse Niyonizigiye yamenyesheje ko mu bijanye n’izo nyigisho batanga baziha abarwaye canke ba ntahonikora. Uwo ariwe wese avyifuza ariyandikisha akiga kandi bose biga ku buntu. Aca aboneraho akaryo ko gusaba  umuntu wese abishoboye ko yofasha ahereye hafi yiwe, Reta nayo ikorohereza amashirahamwe afasha mu gihe bifuje kuzana ibikoresho bifasha abo ba ntahonikora.Ikigo OPDE gifasha abagendana umugera wa Sida,  impfuvyi  na ba ntahonikora gisaba Reta ko mu mafaranga ikoresha ku mwaka ku mwaka yoja irategekenya amahera yo gufasha abo bantu kugira yunganire  amashirahamwe abafasha kuko afashwa ahanini n’abanyamahanga kandi abafashwa ari abana b’igihugu. Ivyo bikaba  vyashikirijwe na Tharcisse Niyonizigiye arongoye ibikorwa n’imyuga muri ico kigo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2020 igihe kw’isi  yose  bariko  barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impfuvyi za Sida. Yamenyesheje ko OPDE ifise abantu batandukanye ifasha mu bikorwa bitandukanye. Harimwo abana, abagore, abagabo, abarwaye umugera wa Sida  n’abakomeye, impfuvyi za Sida  n’abandi. Mu bana OPDE isanzwe ifasha harimwo 11 b’impfuvyi za Sida abo rero bagafashwa mu bijanye no kubigisha, kubambika, kubagaburira  no kubafasha mu bijanye no kubaruhurira imitima . Abagendana umugera wa Sida baba abana canke abakuze barabafasha mu kubaronsa imiti bitagoranye bakongera bakabavuza mu gihe barwaye. Abana n’abakuze bavyifuza bararonswa inyigisho z’imyuga zitandukanye nko kubaza, guteka, gusokoza,gusudira,ubuhinga bwa none, n’ibindi  kugira bamaze gusohoka  muri ico kigo bazogire ico bimariye. Mu gihe bahejeje kwiga imyuga, barabafasha bakabasabira aho bimenyereza  hanyuma  bakabasabira n’akazi. Hambavu y’ivyo bikorwa vy’amaboko,  barafata umwanya wo kwiyegereza abo bafasha  mu kubaganiriza kugira bamenye umwe wese ubuzima abayemwo n’ico akeneye gufashwamwo gusumba ibindi kuko hari uwo bashobora gufasha mu bifungurwa,mu vyambarwa ariko ugasanga akeneye gufashwa ku mutima kuko hari uwo usanga yarakomeretse. Ivyo bikorwa ngo  kuko kugira umuntu amenye uwukeneye ubufasha kuruta uwundi ntivyoroshe  ngo baraheza bakagira amatohoza babifashijwemwo n’ab’aho asanzwe aba hanyuma bakamwakira. Mu kurangiza, Tharcisse Niyonizigiye yamenyesheje ko mu bijanye n’izo nyigisho batanga baziha abarwaye canke ba ntahonikora. Uwo ariwe wese avyifuza ariyandikisha akiga kandi bose biga ku buntu. Aca aboneraho akaryo ko gusaba  umuntu wese abishoboye ko yofasha ahereye hafi yiwe, Reta nayo ikorohereza amashirahamwe afasha mu gihe bifuje kuzana ibikoresho bifasha abo ba ntahonikora.  

Joselyne  Ndayegamiye

Ouvrir