Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatwa baritavye akamo batewe na Reta ko kwubaka biciye mu mategeko

Abatwa baritavye akamo batewe ko kubaka biciye mu mategeko kugira bakingire ingo zabo hamwe n’abana bibarutse. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA Emmanuel Nengo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020 .Emmanuel Nengo yamenyesheje ko yashimiye abatwa intabwe bagezeko yo kwitaba akamo batewe na Reta ko kwubaka biciye mu mategeko kuko aribo bari inyuma y’abandi. Yaravuze ko benshi mu batwa batari bazi akamaro ko kwubaka biciye mu mategeko ariko ubu bakaba barajijutse.

Ngo nabashaka kwubaka biciye mu mategeko bagira ingorane z’uburyo buke bafise haba mu kurondera karangamuntu hamwe n’ibipapuro  bituma baja muri Komine. Ngo ikindi cabituma  kwari ukutamenya hamwe no kutaronka impuzu zo gutwara mu bugeni. Yarashimiye ubushikiranganji bwo gushigikirana bwabaronkeje impuzu hamwe n’ibikoresho vyo gukoresha mu rubanza benshi bakaba bagira ubugeni nk’abandi. Yarongeye avuga ko abarongoye abatwa mu ntara zose bagiye gusaba abarongoye amakomine ko bobareka bakwubakana biciye mu mategeko kubera ata buryo bafise e. Abarongoye abatwa bakaba barabateye akamo ko kubaka biciye mu mategeko bovyiyamiriza. Yaramenyesheje kandi ko bamaze kuronka inyigisho zo kubakaburira kwubakana bubahirije amategeko mbere nka bose bakaba barazikwirikije kandi baranyuzwe n’akamaro kavyo. Ngo ubu nta mutwakazi n’umwe umugabo acirukana uko bashaka . Ngo ingorane ihari ni ku bantu bafise nk’abagore 3 baca babura uwo bandikisha muribo kuko bose ngo baba babakunda agaca ahitamwo kubiheba. Yarongeye aramenyesha ko abatwa  kandi bitavye akamo ko kwibarukira kwa muganga kugira abana babo bandikwe muri komine kandi bongere bavurwe ku buntu. Kare bari bafise ingorane yo kutandikisha abana iyo bavutse ariko ubu bakaba barabihagurukiye kuko batabikoze baca bagira ingorane zo kuvurwa. Yarateye akamo abatwa bose batarakurikiza iryo tegeko ko bokwihuta kubikora kandi bakarongora umugore umwe kugira birinde indyane mu miryango.                                                                            

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir